Uwumurikiwe na Mutima Mweranda araronka ububasha bw'ukurangura ibikorwa, akagira n'ivyamwa bigaragara yerekana (raba Luka 4,14-19)
Iki gice ca mbere c'iyi nyigisho y'Ikarema ishikirijwe n'ibiro nshingwabutumwa vya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, mu mwaka w'2020, kije gikurikira igice c'inyinjizo canke intangamarara ku nyigisho y'Ikarema yo mu mwaka w'2020, cashikirijwe mu rukurikirane rw'uko yanditswe kuri uyu muhora wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura. Muri iki gice, inyigisho y'Ikarema ifise ijambo ngenderwako rigira riti: "Ukumurikirwa na Mutima-Mweranda bitanga ububasha" (Luk.4,16-21; Ga.5,16-25; Is.11,1-10). Mu zindi nkuru na ho duca tubashikiriza inyigisho ku bikorwa bibiri biranga uwumurikiwe na Mutima, ari vyo Ukwubaka Diyoseze Nkuru Muryango wacu n'Ukuremesha amahoro.
Ukumurikirwa na Mutima-Mweranda bitanga ububasha
Umutima umuntu afise, canke umutima umugenza, ni wo utuma umuntu avuga canke akora ivyiza canke ibibi, akora ivyiza canke agakora ibibi, agira imigenzo myiza canke mibi. Kugira ngo umuntu ase canke avuge nka Yo, Imana yashimye kumuha umutima wayo ari Wo Mutima Mweranda, kugira ngo abe ari We amumurikira, abe ari We amugenza mu buzima bwiwe no mu bikorwa vyiwe vyose. Ni vyo twahishuriwe mu bitabu vyeranda (Raba Amamuko 2,7; Ezekiyeli 36,27; Luka 3,21-22; Abanyaroma 8,14-15).
None uwumurikiwe na Mutima Mweranda amera ate? Akora ate? Ashika kuki? Mu majambo make, araronka ububasha. Hari ibikorwa bimuranga, hakaba n'ivyamwa bigaragara yerekana (raba Luka 4,14-19).
1. Ububasha
Ububasha ni co kintu ca mbere kiranga umuntu amurikiwe na Mutima Mweranda. Nkako, Mutima w'Imana ni We bubasha bwa Rudasumbwa (Luk.1,35). Ubwo bubasha na bwo si
bumwe buserurwa n'inguvu z'umubiri canke imirya, ahubwo ni ubukomezi bw'Umutima (Ibik.1,8), butuma umuntu aba intwari, umutinyutsi n'intatirigana mu gushingira intahe ukuri
no mu kurwanira ineza.
Ni co Yezu ashaka kudushikanako mu kuduha Mutima wiwe Mweranda, mw'ibatisimu no mw'isakramentu ry'ugukomezwa, twita (Konfirimansiyo).
Twararonse rero za ngabirano indwi
za Mutima, kurya na Yezu Kristu yazironse, akaba ari We duhamagariwe kwigana muri vyose: Ubwitonzi, ubwenge, ubumenyi, ubukomezi, ubuhanuzi, ukwubaha Imana, ugusenga. Nk'uko abahanuzi bamubuye, «Umutima w'Umukama uzoguma kuri We, Umutima w'ubwitonzi n'uw'ubwenge, Umutima wo guhanura n'uw'ubutwari, umutima w'ubumenyi n'uwo kwubaha Imana» (Luk.4,18-19).
Uwo wese akundiye Mutima Mweranda akamumurikira mu vyo avuga, mu vyo akora, mu nyifato no mu migambi afata, yama yuzuye ububasha bw'uwo Mutima, kandi uko
amugamburukira, ni ko ubwo bubasha bwiwe bwongerekana mu buzima bwiwe.
2. Ibikorwa
Ububasha buca bujana n'ibikorwa bivamwo ivyamwa vyinshi kandi vyiza. None ibikorwa tubona vyoba
ibihe? Ni vyinshi, ariko hari ivyo twoshira imbere. Ukwubaka Ekleziya Umuryango wacu wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, be n'ukuremesha amahoro.
Bigiriwe i Bujumbura, igenekerezo rya 17/02/2020
Musenyeri Anatole Ruberinyange, Umuyobozi w'ibiro Nshingwabutumwa
Abasaserdoti bafashije mari iyi nyigisho:
-Patiri Amand Kana;
-Patiri Maurice Simon Pierre Ciza;
-Patiri Dieudonné Niyibizi