Ni vyiza ko dutegera neza ko Diyoseze Nkuru ari umuryango wacu, kurya umwe wese yiyumvamwo umuryango yavukiyemwo, akawitangira, na wo ukamwitangira - iyo atari ikigaba (Iz.11,2)
Inyigisho ivuga ku gikorwa ca mbere c'igice ca kabiri c'iyi nyigisho y'Ikarema ishikirijwe n'ibiro nshingwabutumwa vya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, mu mwaka w'2020, muyisangamwo ubutumwa buvuga "Ukwubaka Diyoseze Nkuru Muryango wacu". Kije gikurikira ivyo twamaze kubayagira ku bijanye n'inyinjizo canke intangamarara y'iyo nyigisho y'Ikarema yo mu mwaka w'2020, be no ku gice c'ukumurikirwa na Mutima-Mweranda. Mu zindi nkuru musanga kuri uyu muhora wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura turabashikiriza kandi n'ukuremesha amahoro.
Twubake Diyoseze Nkuru Umuryango wacu (Luk.4,18-19)
Ni vyiza ko dutegera neza ko Diyoseze Nkuru ari umuryango wacu, kurya umwe wese yiyumvamwo umuryango yavukiyemwo, akawitangira, na wo ukamwitangira - iyo atari ikigaba. Yezu We nyene, ibikorwa avuga akora amurikiwe na Mutima Mweranda arabidutumirira (Iz.11,2).
Noneho, igikorwa dutumiriwe ni ukwigenza nka Kristu; ni ugukunda nka Kristu; ni ukubabazwa n'inabi n'igicumuro, tukihatira kukirwanya nka Kristu; ni ukwitonda nka Kristu; ni ukwumva n'ukurangura amajambo y'Imana = ni ko kwubakira ku rutare (raba Mat.7,24-27), kuko ubucuti nyabwo dufitaniye na Kristu ni ukwumva amajambo yiwe, tukayashira mu ngiro (raba Mariko 3, 31-35): "... Umuntu wese akora ugushaka kw'Imana, urya ni we mwene wacu, ni we mushikanje, kandi ni we mawe"). Kuba umukristu w'ingwizamurongo, wo kw'izina gusa, ni ugupfisha ubusa ingabirano twaronse mw'ibatisimu.
Inkingi nyamukuru twoshingirako mu kwubaka Diyoseze Muryango wacu
Hari inkingi zitanu nyamukuru zubaka umuryango twoshingirako mu kwubaka Diyoseze Nkuru Muryango wacu, kuva ku ziko, imibano mito mito, ibisata, paruwase, Diyoseze na Ekleziya yose. Tuzishingireko natwe:
- Umuryango w'Ekleziya (la famille ecclésiale);
- Imigenderanire myiza y'urukundo (les relations interpersonnelles d'amour);
- Urukundo rwitanga mu gushigikirana n'ugutabarana (la Charité, la Diaconie);
- Gutegera neza ivyo twemera (l'Intelligence de la foi);
- Amasabamana (la Célébration).
1. Umuryango w'Ekleziya (la famille ecclésiale)
Umuryango w'Ekleziya ni wo utuvyara mu kwemera, ukatureresha n'inyigisho ikomeza ukwo kwemera, ukatugaburira vya vyiza vyose bibungabunga ukwo kwemera, tukagira koko ishusho y'abana b'Imana babushitse ngo dushikire ubweranda. Iyo Ekleziya rero n'aho yagutse, ikwiye kw'isi nzima, ishingira imizi cane cane harya imuhira, mu mibano yacu, mu bisata vyacu, mari paruwase yacu, muri Diyoseze yacu.
Duhamagariwe gukora iki none muri yo? Mubona ibikenewe ari ibihe?
Uguhurumbira ijambo ry'Imana, inyigisho nkomezakwemera, hamwe n'inyigisho z'abarongoye Ekleziya ku nzego zitandukanye; uguhurumbira amasakramentu hamwe n'ukwitwararika amasabamana; Ugushira imbere ibisabisho, tukaba tuzi ko ibisabisho biri kwinshi, bikaba bitwungira ubumwe n'Imana, bigahuza abari kw'isi yose n'abadutanze mu bwami bw'ijuru basezeye isi. N.B: Gushimira abigisha abandi Ijambo ry'Imana mu mashure, mu gutegura abaronka amasakramentu, abafasha mu kuririmbira Imana, mu
kugira uruhara mu mihari n'imigwi, no mu kwitaba ubutumwa bwa paruwase abakristu batumirwa.
2. Imigenderanire myiza (le témoignage et les relations interpersonnelles)
Ubumwe n'ubucuti dufitaniye mu muryango buva ku Mana nyene, bugasasagara hagati yacu. Umwe wese rero amenye ko afise ico apfana n'uwundi. Twaravukanye, kandi nta gishobora guhanagura ubwo bumwe n'ubwo bucuti. Ni nka kurya Mana Butatu Bweranda ari Umuryango w'Urukundo rudacika.
Ubwo bucuti dufitaniye muri Ekleziya nta n'umwe bukumira, kandi ntibugira imbibe. None bubonekera he? Dukore iki? Tuwukomeze mu nzu tubamwo, mu rugo (urupangu), mu mubano muto rukristu, ku mutumba (quartier), igisata, paruwase. Aha amadini, amoko, intara ntibiba ikibazo.
- Mu ngiro n'ingendo y'ubumwe n'urukundo, mu vyo akora vyose, aho aba ari hose, haba imuhira, ku kazi, muri politique, mu vy'intwaro, mu mugambwe, mu mashirahamwe arimwo, mu mahanga iyo atemberera (Kol 3,17; 1Kor 10,31). Nta wucana itara rero ngo aryubikeko umubehe; arishira nyabuna ahabona ngo riboneshereze bose, nk'uko ata wuhisha igisagara cubatswe mw'itaba ry'umusozi (raba Mat.5,14-15).
3. Ugushigikirana n'Ugutabarana mu rukundo (Les activités d'assistance, de solidarité, de secours et de développement = Charité ou Diaconie)
- Umukama atubwira ati: "Nimukundane nk'uko nabankunze" (Yoh.15,12). Akarorero Yezu yaduhaye, ni wa Munyasamariya w'ikigongwe (Luk.10,30-37): "Genda nawe ugire gutyo" (vv 28 et 37). Ntawushobora kuvuga ngo "Ndazi kandi ndakunda Imana" atazi kwigorera abandi. Igihe tuzoseruka imbere y'intahe y'Umukama, ikizotuvugira ni ibikorwa vyiza vy'ugufashanya n'ugutabarana tuzoba twararanguye (4). Ijambo ry'Imana n'inyigisho y'Ekleziya bidutumirira: kurwanira imfuvyi n'abapfakazi (Ibik.6,2-4), kubanguranya abatase, kwumvikanisha abatanye bagasubiza hamwe, kuja hagati y'abashamiranye, kwitwararika abakene, n'ibindi.
- Ubutumwa bwa Caritas: ni igikorwa cega umuyyango wose, abakristu bose. Ubutumwa bwa Caritas buraheza bukajana n'ibindi bikorwa vy'iterambere.
- Gukura amaboko mu mpuzu, hagakomezwa ibikorwa vy'iterambere muri Paruwase n'ahandi. Gushima aho bagejeje mu kwitanga bateza imbere paruwase. Aho bikigorana ni hehe? Habuze iki?
4. Kumenya n'ugutegera ibiranga ukwemera kwacu (L'Intelligence de la foi)
- Kwibukanya, gutegera, kunagura ubumenyi bwacu mu vyerekeye ukwemera kwacu, kandi tukamenya kukuvuga, tukagushingira intahe. Abakristu twese, harageze ko tuvugira tukongera tugakorera Kristu tudatinya. Diyoseze yacu iramaze imyaka 60. Tube abakritsu bazi ico bemera kandi bashobora kuvugira ukwo kwemera, bakamenya iryo bishura uwo wese ababaza ku vyerekeye umwizero ubabamwo (5). Tube abakristu bazi ingingo z'ivyo bemera... ; bazi inyigisho n'indinganizo y'umuryango w'Ekleziya; tube abakristu bakunda gusoma n'ukwigishwa Ivyanditswe Vyeranda n'insobanuro y'Amasakramentu.
5. Gushemeza Imana (La Célébration)
Turatumiriwe gukomeza ukwemera kwacu twisunze amashemezo y'Ekleziya, mu bisabisho, amazaburi, amasabamana (liturgiya), duhaya Imana mu guhimbaza ivyo
twemera (Lex credendi, Lex orandi)
6.
Iyi nyigisho nyigisho y'Ikarema ishikirijwe n'ibiro nshingwabutumwa vya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, mu mwaka w'2020, tuyibandanyirizako mu zindi nkuru. Bandanya musoma na vya bindi bice bigize iyi nyigisho, ari vyo:
Inyinjizo canke intangamarara ku nyigisho y'Ikarema ishikirijwe n'ibiro nshingwabutumwa vya Diyoseze, mu mwaka w'2020,
Ukumurikirwa na Mutima-Mweranda, be n'
Ukuremesha amahoro.
Bigiriwe i Bujumbura, igenekerezo rya 17/02/2020
Musenyeri Anatole Ruberinyange,
Umuyobozi w'ibiro Nshingwabutumwa
Abasaserdoti bafashije mari iyi nyigisho:
-Patiri Amand Kana;
-Patiri Maurice Simon Pierre Ciza;
-Patiri Dieudonné Niyibizi
_______________
(4) (Mat.25,35-45). "Ico cose mwagiriye umw'umwe muri abo bato bato tuvukana, ni Je mwakigiriye...; Ico cose mwanse kugirira umw'umwe muri abo bato bato, ni Je mwanse kukigirira".
5 (Raba 1 P3,15); « ... ntituzobe tukiri abana bazungagizwa kandi bahitanwa n'igihuhusi cose c'inyigisho ihagaze ku bubeshi bw'abantu, ku buhinga bwabo bw'ugutwara abandi mu kinyoma. Ariko tugumane ukuri mu rukundo, tuzokura tugana mu buryo bwose uwuri Umutwe, ari We Kristu" (Ep.4,13-15) .6 (Foi professée); (foi célébrée); (foi priée); (foi vécue).