Igikorwa ca mbere c'igice ca kabiri c'inyigisho y'Ikarema ishikirijwe n'ibiro nshingwabutumwa vya Diyoseze yacu, mu mwaka w'2020 - Twubake Diyoseze yacu
Itariki: 5/3/2020Ababisomye 5944 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Ni vyiza ko dutegera neza ko Diyoseze Nkuru ari umuryango wacu, kurya umwe wese yiyumvamwo umuryango yavukiyemwo, akawitangira, na wo ukamwitangira - iyo atari ikigaba (Iz.11,2)
Inyigisho ivuga ku gikorwa ca mbere c'igice ca kabiri c'iyi nyigisho y'Ikarema ishikirijwe n'ibiro nshingwabutumwa vya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, mu mwaka w'2020, muyisangamwo ubutumwa buvuga "Ukwubaka Diyoseze Nkuru Muryango wacu". Kije gikurikira ivyo twamaze kubayagira ku bijanye n'inyinjizo canke intangamarara y'iyo nyigisho y'Ikarema yo mu mwaka w'2020, be no ku gice c'ukumurikirwa na Mutima-Mweranda. Mu zindi nkuru musanga kuri uyu muhora wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura turabashikiriza kandi n'ukuremesha amahoro.

Twubake Diyoseze Nkuru Umuryango wacu (Luk.4,18-19)

Ni vyiza ko dutegera neza ko Diyoseze Nkuru ari umuryango wacu, kurya umwe wese yiyumvamwo umuryango yavukiyemwo, akawitangira, na wo ukamwitangira - iyo atari ikigaba. Yezu We nyene, ibikorwa avuga akora amurikiwe na Mutima Mweranda arabidutumirira (Iz.11,2).

Noneho, igikorwa dutumiriwe ni ukwigenza nka Kristu; ni ugukunda nka Kristu; ni ukubabazwa n'inabi n'igicumuro, tukihatira kukirwanya nka Kristu; ni ukwitonda nka Kristu; ni ukwumva n'ukurangura amajambo y'Imana = ni ko kwubakira ku rutare (raba Mat.7,24-27), kuko ubucuti nyabwo dufitaniye na Kristu ni ukwumva amajambo yiwe, tukayashira mu ngiro (raba Mariko 3, 31-35): "... Umuntu wese akora ugushaka kw'Imana, urya ni we mwene wacu, ni we mushikanje, kandi ni we mawe"). Kuba umukristu w'ingwizamurongo, wo kw'izina gusa, ni ugupfisha ubusa ingabirano twaronse mw'ibatisimu.

Inkingi nyamukuru twoshingirako mu kwubaka Diyoseze Muryango wacu

Hari inkingi zitanu nyamukuru zubaka umuryango twoshingirako mu kwubaka Diyoseze Nkuru Muryango wacu, kuva ku ziko, imibano mito mito, ibisata, paruwase, Diyoseze na Ekleziya yose. Tuzishingireko natwe:
- Umuryango w'Ekleziya (la famille ecclésiale);
- Imigenderanire myiza y'urukundo (les relations interpersonnelles d'amour);
- Urukundo rwitanga mu gushigikirana n'ugutabarana (la Charité, la Diaconie);
- Gutegera neza ivyo twemera (l'Intelligence de la foi);
- Amasabamana (la Célébration).

1. Umuryango w'Ekleziya (la famille ecclésiale)

Umuryango w'Ekleziya ni wo utuvyara mu kwemera, ukatureresha n'inyigisho ikomeza ukwo kwemera, ukatugaburira vya vyiza vyose bibungabunga ukwo kwemera, tukagira koko ishusho y'abana b'Imana babushitse ngo dushikire ubweranda. Iyo Ekleziya rero n'aho yagutse, ikwiye kw'isi nzima, ishingira imizi cane cane harya imuhira, mu mibano yacu, mu bisata vyacu, mari paruwase yacu, muri Diyoseze yacu.

Duhamagariwe gukora iki none muri yo? Mubona ibikenewe ari ibihe?

Uguhurumbira ijambo ry'Imana, inyigisho nkomezakwemera, hamwe n'inyigisho z'abarongoye Ekleziya ku nzego zitandukanye; uguhurumbira amasakramentu hamwe n'ukwitwararika amasabamana; Ugushira imbere ibisabisho, tukaba tuzi ko ibisabisho biri kwinshi, bikaba bitwungira ubumwe n'Imana, bigahuza abari kw'isi yose n'abadutanze mu bwami bw'ijuru basezeye isi. N.B: Gushimira abigisha abandi Ijambo ry'Imana mu mashure, mu gutegura abaronka amasakramentu, abafasha mu kuririmbira Imana, mu kugira uruhara mu mihari n'imigwi, no mu kwitaba ubutumwa bwa paruwase abakristu batumirwa.

2. Imigenderanire myiza (le témoignage et les relations interpersonnelles)

Ubumwe n'ubucuti dufitaniye mu muryango buva ku Mana nyene, bugasasagara hagati yacu. Umwe wese rero amenye ko afise ico apfana n'uwundi. Twaravukanye, kandi nta gishobora guhanagura ubwo bumwe n'ubwo bucuti. Ni nka kurya Mana Butatu Bweranda ari Umuryango w'Urukundo rudacika.

Ubwo bucuti dufitaniye muri Ekleziya nta n'umwe bukumira, kandi ntibugira imbibe. None bubonekera he? Dukore iki? Tuwukomeze mu nzu tubamwo, mu rugo (urupangu), mu mubano muto rukristu, ku mutumba (quartier), igisata, paruwase. Aha amadini, amoko, intara ntibiba ikibazo.

- Mu ngiro n'ingendo y'ubumwe n'urukundo, mu vyo akora vyose, aho aba ari hose, haba imuhira, ku kazi, muri politique, mu vy'intwaro, mu mugambwe, mu mashirahamwe arimwo, mu mahanga iyo atemberera (Kol 3,17; 1Kor 10,31). Nta wucana itara rero ngo aryubikeko umubehe; arishira nyabuna ahabona ngo riboneshereze bose, nk'uko ata wuhisha igisagara cubatswe mw'itaba ry'umusozi (raba Mat.5,14-15).

3. Ugushigikirana n'Ugutabarana mu rukundo (Les activités d'assistance, de solidarité, de secours et de développement = Charité ou Diaconie)

- Umukama atubwira ati: "Nimukundane nk'uko nabankunze" (Yoh.15,12). Akarorero Yezu yaduhaye, ni wa Munyasamariya w'ikigongwe (Luk.10,30-37): "Genda nawe ugire gutyo" (vv 28 et 37). Ntawushobora kuvuga ngo "Ndazi kandi ndakunda Imana" atazi kwigorera abandi. Igihe tuzoseruka imbere y'intahe y'Umukama, ikizotuvugira ni ibikorwa vyiza vy'ugufashanya n'ugutabarana tuzoba twararanguye (4). Ijambo ry'Imana n'inyigisho y'Ekleziya bidutumirira: kurwanira imfuvyi n'abapfakazi (Ibik.6,2-4), kubanguranya abatase, kwumvikanisha abatanye bagasubiza hamwe, kuja hagati y'abashamiranye, kwitwararika abakene, n'ibindi. 

- Ubutumwa bwa Caritas: ni igikorwa cega umuyyango wose, abakristu bose. Ubutumwa bwa Caritas buraheza bukajana n'ibindi bikorwa vy'iterambere.

- Gukura amaboko mu mpuzu, hagakomezwa ibikorwa vy'iterambere muri Paruwase n'ahandi. Gushima aho bagejeje mu kwitanga bateza imbere paruwase. Aho bikigorana ni hehe? Habuze iki?

4. Kumenya n'ugutegera ibiranga ukwemera kwacu (L'Intelligence de la foi)

- Kwibukanya, gutegera, kunagura ubumenyi bwacu mu vyerekeye ukwemera kwacu, kandi tukamenya kukuvuga, tukagushingira intahe. Abakristu twese, harageze ko tuvugira tukongera tugakorera Kristu tudatinya. Diyoseze yacu iramaze imyaka 60. Tube abakritsu bazi ico bemera kandi bashobora kuvugira ukwo kwemera, bakamenya iryo bishura uwo wese ababaza ku vyerekeye umwizero ubabamwo (5). Tube abakristu bazi ingingo z'ivyo bemera... ; bazi inyigisho n'indinganizo y'umuryango w'Ekleziya; tube abakristu bakunda gusoma n'ukwigishwa Ivyanditswe Vyeranda n'insobanuro y'Amasakramentu. 

5. Gushemeza Imana (La Célébration)

Turatumiriwe gukomeza ukwemera kwacu twisunze amashemezo y'Ekleziya, mu bisabisho, amazaburi, amasabamana (liturgiya), duhaya Imana mu guhimbaza ivyo
twemera (Lex credendi, Lex orandi)6.

Iyi nyigisho nyigisho y'Ikarema ishikirijwe n'ibiro nshingwabutumwa vya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, mu mwaka w'2020, tuyibandanyirizako mu zindi nkuru. Bandanya musoma na vya bindi bice bigize iyi nyigisho, ari vyo: Inyinjizo canke intangamarara ku nyigisho y'Ikarema ishikirijwe n'ibiro nshingwabutumwa vya Diyoseze, mu mwaka w'2020, Ukumurikirwa na Mutima-Mweranda, be n'Ukuremesha amahoro.

Bigiriwe i Bujumbura, igenekerezo rya 17/02/2020
Musenyeri Anatole Ruberinyange,
Umuyobozi w'ibiro Nshingwabutumwa

Abasaserdoti bafashije mari iyi nyigisho:
-Patiri Amand Kana;
-Patiri Maurice Simon Pierre Ciza;
-Patiri Dieudonné Niyibizi

_______________
(4) (Mat.25,35-45). "Ico cose mwagiriye umw'umwe muri abo bato bato tuvukana, ni Je mwakigiriye...; Ico cose mwanse kugirira umw'umwe muri abo bato bato, ni Je mwanse kukigirira".
5 (Raba 1 P3,15); « ... ntituzobe tukiri abana bazungagizwa kandi bahitanwa n'igihuhusi cose c'inyigisho ihagaze ku bubeshi bw'abantu, ku buhinga bwabo bw'ugutwara abandi mu kinyoma. Ariko tugumane ukuri mu rukundo, tuzokura tugana mu buryo bwose uwuri Umutwe, ari We Kristu" (Ep.4,13-15) .
6 (Foi professée); (foi célébrée); (foi priée); (foi vécue).
Ivyiyumviro

Aleluya. Kristu yategerezwa kubabara no kuzuka mu bapfuye, kugira ngo yinjire mu buninahazwa. Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 44-51)

Muri irya misi, Yezu yabariye Abayuda ati: «Nta wushobora kunyegera Data yantumye atamukwegakweze; nanje nzomuzura ku musi w’imperuka. Mu bahanuzi handitswe ngo: ‘Bose bazokwigishwa n’Imana.’ Uwumvise Data wese akakira inyigisho ziwe, ni we aza iwanje. Ni ko, nta n’umwe yabonye Data atari umwe yavuye hafi y’Imana; uyo ni we yabonye Data. Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: uwemera arafise ubuzima budahera. Jewe ndi wa mukate w’ubuzima. Basokuru banyu barariye mana mu gahinga, bahava barapfa. Uyu ni wo mukate umanuka uva mw’ijuru, maze uwuwuriye ntazopfa. Jewe ndi wa mukate muzima wamanutse uva mw’ijuru uwuriye uwo mukate azokwamaho imyaka yose. Vyongeye umukate nzotanga ni umubiri wanje uzanira isi ubuzima.»


Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilité d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 à 8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 à 16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 à 16h00
Jeudi : 15h00 à 16h00
Vendredi : 12h00 à 14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi à vendredi : 7h00 à 16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 à 17h15
Samedi : 5h30 à 6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 à 8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration à la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi à samedi de 7h00 à 19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 à 17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi à vendredi à partir de 7h00 jusqu'à 21h30
Dimanche de 13h00 à 18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 à 8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 à 6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 à 7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 à 17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 à 10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi à 14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 à 19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 à 15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 à 18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 à 12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 204
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI