«Iki kibanza twaje tugana aha mu Burundi iwacu, gifise insiguro idasanzwe, kuko mu kuhagira urugendo ari nk'ukugaruka kw'isoko, umukristu w'Umurundi agasubira no muri kahise, akaraba iyo yaje ava, n'iyo Umukama yamukuye» (Patiri Félix Fupi)
Urugendo rweranda rwaragizwe ku magenekerezo ya 21 na 22 Ntwarante 2020, aho abakristu bo muri Paruwase Katedrale Regina Mundi, urwo rugendo rwabashikanye ku kibanza ceranda c'i Buruhukiro, muri Paruwase yitiriwe Umushaha mweranda wa Yezu y'i Muyaga. Urwo rugendo rukaba rwatanguriye kw'isengero ya Paruwase Muyaga, ari na yo paruwase yatanguriye izindi zose mu Burundi, muri Rusama 1898. Patiri mukuru w'iyo paruwase, Patiri Aloys Cambara, akaba ari we yaberetse ibintu vy'agaciro ntagereranywa biri muri ico kibanza.
Abakristu bo muri Paruwase Katedrale Regina Mundi, bashitse muri Paruwase y'i Muyaga, Patiri Aloys Cambara yabanje kubaha ikaze, araheza arabatembereza, abereka ibibanza bitandukanye bigize aho hantu. Yaranaberetse ibimenyetso bitandukanye bishingiye ku kwemera kw'abakristu bo muri iyo Paruwase n'abahagendera, araheza abamenyesha ko vyinshi muri vyo ari ivyazanywe n'abamisiyonari. Aha twovuga nk'Umusalaba wa mbere washinzwe mu Burundi, bita
«Umusaraba w'i Misugi». Hariho kandi n'umusaraba urimwo akamanyu k'ibisigi vy'Umusalaba w'i Gorogota, ari wo umusaserdoti agenda atwaye mu nzira y'Umusalaba, ku wa Gatanu mweranda.
Barashitse kandi no ku kirimba c'i Buruhukiro, ikirimba cemejwe kw'itariki ya 5 Ruheshi 2016 ko citiriwe Umushaha Mweranda wa Yezu, kandi ko ingendo nyeranda kuri ico kirimba zitanguye, ariko ko Isengero yaho itarahezagirwa, kuko ibikorwa vy'urwubako bitararangira. Aho bakaba bakiriwe na Patiri Aloys Cambara. Ariko arabatembereza, yarabamenyesheje ko ico kibanza kidasanzwe, kuko kirimwo Altari ya mbere yubatswe mu Burundi, ari na ho umukristu wa mbere w'Umurundi yabatirijwe, aho hari kw'itariki ya 14 Ndamukiza 1899. Yagize ati:
«Ni co gituma uwuje muri ico kibanza asaba ingabirano y'ukuzigama indagano z'ibatisimu, agasaba n'iy'ubumisiyonari».
Muri ico kirimba harimwo n'isanamu y'Umushaha Mweranda wa Yezu yashinzwe aho basanze Patiri Lipoli, umusaseredoti wa mbere yarongoye iyo paruwase imyaka mirongo ine, ariko arikubita ngo yishure ibicumuro vyiwe n'ivy'igihugu ajejwe. Harimwo kandi n'iy'Umushaha wa Bikira Mariya, umusalaba wa kabiri washinzwe mu Burundi, Isenga rya Eliya, n'imeza ya Eliya, ibuye ryishushanijemwo ikarata y'Uburundi, n'ibindi.
Patiri Cambara yamenyesheje ko abaza gusengera muri ivyo bibanza bagabana ingabirano zitandukanye, nk'uko bo nyene bagaruka bakabishingira intahe. Ngo abaza kuhasengera na bo ni abava mu madini yose, mbere n'abatemera Kristu. Kukaba nkako, nta n'umwe akumiriwe mu mushaha wa Yezu.
Agasangwa Patiri mukuru wa Paruwase Katedrale Regina Mundi, Patiri Félix Fupi, yari yifadikanije n'abakristu ba Paruwase yiwe muri urwo rugendo rweranda. Na we nyene yarafashe akanya, maze arayagira abo bagendanye: «Twaje turi abantu mirongo itandatu, ariko twaje tuzanye Paruwase yose ya Katedrale Regina Mundi; twaje gusabira imiryango, incuti n'abagenzi; eka twaje gusabira Uburundi; twaje mbere no guhereza n'ibi bibazo bikomeye bigoye isi, kuko twizigiye ububasha bw'igisabisho n'urukundo rw'Imana».
Yaciye yibutsa ko ingendo nyeranda zamyeho muri kahise k'Ekleziya, mbere ko na Yezu we nyene yazigize, kandi zitari nke. Eka mbere no ku Bayahudi, ngo vyari bitegekanijwe ko bagira urugendo rweranda, n'ibiburiburi rimwe mu mwaka, baza bagana Umukama, banezerewe. Aha yaribukije ko abo Bayahudi hari n'indirimbo baririmba babonye begereje Yeruzalemu, bavuga bati:
«Gira amahoro, Yeruzalemu; ewe Yeruzaremu urubakitse!», bagatangarira ico gisagara ceranda, kuko ari ho ingoro y'Imana iri.
Aduze kw'ijambo, yaciye amenyesha akamaro k'urugendo rweranda mu buzima bw'umukirisu. Yavuze ko rwibutsa yuko ubuzima bw'umukirisu ari ukuba ku rugendo. Yabandanije avuga ko ukugira bene izo ngendo nyeranda mu bibanza vyashinzwe na Ekleziya, iyo umuntu aje ahagana, aba aje guhura n'Imana mu buryo budasanzwe. Ngo araheza akava muri bwa buzima bwa misi yose, ahubwo akiyibutsa urugendo rukuru rw'ubuzima arimwo, rushikana mw'ijuru.
Yabandanije avuga no ku nsiguro aha ico kibanza c'i c'i Buruhukiro:
«Iki kibanza twaje tugana aha mu Burundi iwacu, gifise insiguro idasanzwe, kuko mu kuhagira urugendo ari nk'ukugaruka kw'isoko, umukristu w'Umurundi agasubira no muri kahise, akaraba iyo yaje ava, n'iyo Umukama yamukuye».
Ku bwiwe rero, ngo abakristu bo muri Paruwase Katedrale Regina Mundi ngo muri iyo misi bamaze muri ico kibanza, bari baje aho ijambo ry'Imana ryatanguriye, aho rishikiye mu mu Burundi, hagahimbarizwa n'amasakramentu, uhereye ku ry'ibatisimu. Ukuba na ho ari paruwase yaragijwe umushaha wa Yezu na ho, ku bwiwe ngo ni nk'uko ari Uburundi bwose bwaragijwe uwo mushaha, ubona ko ico gihe hari hakiri paruwase imwe gusa mu gihugu cose, iyo nyene y'i Muyaga.
Patiri FĂ©lix Fupi yaranavuze no ku co uwo Mushaha uhamagarira umw'umwe wese gukora:
«Ugutangarira urukundo Yezu yadukunze agaherezako», ni yo mvugo yakoresheje. Ariko rero, nk'uko yabandanije asigura, ngo abantu baja baravyibagira, bagacumura.
Ni na ho kandi ngo mu kugira urwo rugendo, ngo harimwo n'ukwiyibutsa ko ari ba magara make, maze bagasaba Umukama ngo asubire abanagure, akabure imitima yabo, abuzuzemwo urwo rukundo. Mbere ngo n'uwari asinziriye azosubira avyuke, atambuke. Ikindi, ngo iyo umuntu agendeye ibibanza nk'ibi aba aje no gusaba, agashikiriza ibiri ku mutima vyose. Mbere ngo hama hariho n'inema aronka. Ikimenyamenya ngo ni uko hariho n'abakira, haba ku mubiri, ariko na cane cane ku mutima.
Tubamenyeshe ko ico kirimba c'Umushaha wa Yezu kitaraheza kwubakwa, Paruwase Muyaga ikaba ifise icipfuzo c'ukunahashira n'inyubakwa y'amanama n'inyigisho, inzu izitirirwa
«Maragarita Mariya Alakoke». Hazokwubakwa n'agasengero k'ugushengerera Yezu mw'Ukaristiya, ijoro n'umurango. Gushika ubu, inyubakwa zose zigize ico kirimba, zikaba zavuye mu ntererano y'abakristu. Kandi n'ubu, Paruwase ni bo yiteze ko bazobandanya ibikorwa. Abakeneye guterera mu bikorwa, intererano ngo boyicisha kw'ikonte inimero 65212, yuguruye mw'ibanki yitwa
«InterBank Burundi».
Grâce-Divine Gahimbare, Paruwase Katedrale Regina Mundi