Amafungo ya Pasika: Abakristu bakorera mu vy'ubutunzi n'amabanki bazohora batunganya ubutunzi bamurikiwe na Mutima-Mweranda
Itariki: 30/3/2020Ababisomye 6181 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
«Uwumurikiwe na Mutima Mweranda araheza akaronka ububasha, atari ubwo guhotora uwundi n'urwenge rudasanzwe, ariko butuma umuntu aba intatirigana mu kurwanira ineza, mu co akora cose, haba mu rudanzwa canke mw'ishirahamwe» (Patiri Pierre Maniragarura)
Mu gufasha incabwenge zirangurira ibikorwa mu bisata vy'ubutunzi, amabanki, n'ubwishingizi, na posita, kwitegurira umusi mukuru wa Pasika, Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, ibicishije ku bwibutsamana bw'abakristu balayike b'abakozi ba Leta, abikorera utwabo, abadandaza n'abajejwe amabanga ahambaye mu gihugu, yaragirishije amafungo abo bakristu b'incabwenge, ku wa mungu itariki 29 Ntwarante 2020. Ayo mafungo yabereye mu nzu y'amanama ya Paruwase Katedrale Regina Mundi. Inyigisho zijanye n'ayo mafungo bakaba barazihawe n'umusaserdoti asanzwe yanonosoye ubuhinga bw'ugutunganya ivy'ubutunzi n'iterambere, Patiri Pierre Maniragarura, asanzwe ari n'Umunyabigega mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura. 

Uwo musaserdoti-mwibitsamana w'abakristu b'incabwenge bakorera ibikorwa vyabo muri ivyo bisata, mu gufasha abo bakristu, mu kubashikiriza inyigisho z'amafungo ya Pasika, yisunze ijambo-shimikiro Diyoseze yashimye ko cofasha abakristu bose mu kwitegurira neza Pasika y'uyu mwaka, kivuga kiti: «Tumurikiwe na Mutima Mweranda, twubake Diyoseze Nkuru Muryango wacu, kandi tube abaremesha amahoro». Ijambo ry'Imana na ryo ryafashije mu kuzirikana uruhara rw'uwo mugwi w'abakristu mu kwubaka Diyoseze yabo, yarisomye mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk'uko yanditswe na Luka Mweranda (Luk.4,16-21)

Patiri Pierre Maniragarura, yabanje kwibutsa  ihangiro ry'umukristu muri iki gihe c'Ikarema, ko ari ugushikira umusi mukuru cane wa Pasika yatsinze intambamyi zose zimubuza gushusha na Yezu Kristu. Yagize ati: «Ngaha rero ntakwifata muri rusangi,  kuko umwe weze arafise ico ari, gitandukanye n'ic'abandi; ni co gituma kuva ubu muriko murasigurirwa ico muri: nk'abantu mujejwe gutunganya ibintu n'amafaranga, mumenye yuko ari Imana yabahaye ubwo butumwa, gutyo ntimurabe gusa ngo "Turi abigenga; turi abo mu mabanki; turi abadandaza...", ubwa mbere mumenya ko hariho ico Imana yabatumye mu buzima bw'abantu! Mufise ibanga». Yaciye abasaba ko umw'umwe wese yoca yibaza ati: «Ibi njejwe, nobirangura nte ngo nshushe na Yezu?»


Tumurikiwe na Mutima Mweranda... dutunganye neza ubutunzi bw'abanyagihugu!

Mu gusigura agace ka mbere k'inyigisho y'uwo musi kavuga ku kumurikirwa na Mutima Mweranda, Umwibitsamana mu bisata vy'ubutunzi yagarutse kuri ya Nkuru Nziza yasomwa, maze aravuga ku kamaro k'ugutumira Mutima Mweranda ngo amurikire ibikorwa vyabo. Yabanje kwibutsa agace k'iyo Nkuru Nziza, ahagira hati: Â«Mutima w'Imana ari kuri jewe...!» (Luk.4,18), maze araheza abibutsa ko Mutima w'Imana ari kuri umwe umwe muri bo, kandi ko aho yasigwa amavuta y'ubutore, akanakomezwa muri Mutima Mweranda, ngo kwari ukugira ngo arangure neza iryo banga, amurikiwe n'uwo Mutima nyene.

«Mu vyo mukora, muri abatumwa n'ivyabona vya Yezu Kristu!», ni ko yabandanije abibutsa, aho yanabasavye ko bemeye bakamurikirwa n'uwo Mutima, baca bahindura n'intumbere n'ishusho bahora baha ibikorwa vyabo. Yabandanije asigura ko uwumurikiwe na Mutima Mweranda aheza akaronka ububasha, atari ubwo guhotora uwundi n'urwenge rudasanzwe, ariko butuma umuntu aba intwari, umutinyutsi, n'intatirigana mu gushingira intahe ukuri no mu kurwanira ineza, mu co akora cose, haba mu rudanzwa canke mw'ishirahamwe. Ni ho yaca amenyesha ko ivyo na vyo ata woshobora kubishikira atamurikiwe na Mutima Mweranda.

Ako gace ka mbere k'inyigisho, mu kukarangiza, hari ikintu yasavye ashimitse abari mu mafungo: Ukuvavanura n'imvugo n'ingiro ya «Mere nk'abandi; ngire nk'abandi» mu kazi bakora, canke inyifato ya «Ndonke ibintu ntarushe cane kandi kare».


Twubake Diyoseze Nkuru muryango wacu..., ukuzamura uwo ataho arigeza bibe ingendo ngenderwako

Patiri Pierre Maniragarura yanavuze kandi ku kuntu incabwenge zirangurira ibikorwa mu bisata vy'ubutunzi, amabanki, n'ubwishingizi, na posita zoterera mu kwubaka Diyoseze Nkuru muryango wazo. Yaribukije ko imbere ya vyose babanza kwumva yuko Ekleziya ari umuryango wabo; ngo ni yo ntango y'ukuwiyumwamwo; ngo ni ho bazoheza bakamenya ko n'aho hogira agacamwo, uguma ari wo muryango wabo.

Ni ho yaca abasaba kutikumira, haba mu nama canke mu butumwa bw'uwo muryango, ku ntambwe zitandukanye ziwugize. Â«Iyo uri mu muryango, uramenya kugira imigenderanire myiza n'abandi, gushigikirana no gutabarana mu rukundo», ni ko yavuze. Yaboneyeho gutumirira abo bari muri ayo mafungo kutabohwa n'imyibutsa nka «Hayaga abangana», ariko uwushoboye akazamura uwo ataho arigeza.

Yarigishije kandi ko mu vyo barangura, nk'abajejwe gukorakora ku mafaranga n'ubutunzi bw'ivy'umubiri, bikwiye ko bamenya ibijanye n'ukwemera kwabo, ari na ho boheza bagashobora kugushingira intahe. Yasozereye ako gace ka kabiri k'inyigisho y'uwo musi abatumirira guhurumbira guhurira hamwe mu mashemezo y'Imana.


Tube abaremesha amahoro...!
 
Inyigisho y'ukuba abaremesha amahoro, Patiri Pierre Maniragarura yayisiguye abanje gusigura ico umukristu yotegera ku mvugo «Ukugira amahoro». Ku bwiwe, ngo ni «Ukugira aho uba n'ico wiha, ukugira uwukuramutsa n'uwo uramutsa, ugatekanirwa, ukarima, ukimbura, ukarya atawukurara ku mugono.» Ikindi, ngo igihe cose umuntu yorya iruhande yiwe hari uwushonje, ngo nta nkeka ko azomurabira mu nkono, na vyo nyene ngo nta mahoro bitanga. Ukwigisha abandi gukora rero ngo ni bumwe mu buryo bw'ukuba uwuremesha amahoro.

Ego, ni ko, abo bakristu barangurira ibikorwa vyabo mu bisata vy'ubutunzi, amabanki, n'ubwishingizi, na posita, ngo barabwirana ko mu gisata barimwo ari ugukerebuka, ukurikanura n'ukuwuteka ugasha; ngo ni vyiza, ariko kuri bo, nk'abakristu, ukurikanura kwiza ngo kwoba ukwakira Mutima Mweranda muri bo, aho gukurikiza imigenzo y'ab'isi. «Muratunga umutima, itunga rizorwira», ni ko yasozereye inyigisho y'uwo musi abahanura.
 
Amafungo yaranzwe kandi n'ugushengerera Yezu muri Ukaristiya, ukwakira isakramentu ry'ikigongwe, n'ugusangirira hamwe Inkuka y'imisa yaherejwe na Patiri Pierre Maniragarura nyene. Akaba yaratumiriye abo yari ahejeje gufasha kugira amafungo y'ukwitegurira umusi mukuru cane wa Pasika ko bokwama na ntaryo bisuzuma. Na ho ngo mu gihe cose bazoba babonye ko bagiye kure, nko mu mva, bazokwumva ijwi rya Yezu rigira riti: «Razaro va muri iyo mva!», baze baveyo, banone gusubirana ubuzima bahabwa na Kristu.

Grâce-Divine Gahimbare, CEDICOM
Ivyiyumviro

Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima. Umukama yavuze ati: «Ndabahaye itegeko rishasha: nk’uko ndabakunda, nimukundane namwe.» Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (13, 1-15)

Yezu yarabakunze urutiziganya

Imbere y’umusi mukuru wa Pasika, Yezu kuko yari azi ko ubutigu bwiwe bwo kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se bwashitse, kandi kuko yari yakunze abiwe bo kuri iyi si, yarabakunze urutiziganya.

Uwo musi bariko barafungura, Shetani yari imaze gushira mu mutima wa Yuda Isikariyoti mwene Simoni imigambi yo kumugurisha, Yezu na We yari azi ko Se yamugabiye ibintu vyose, ko yakomotse ku Mana kandi agira ngo asubire ku Mana.

Mu gihe bariko barafungura rero, Yezu yavuye ku meza, akūra umutamana wiwe, yakira igitambara, aragikanyera. Hanyuma asuka amazi mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa biwe no kubihanaguza nya gitambara akenyeye.

Ashikiriye Simoni Patero, Patero amubwira ati: «Mukama, ari Wewe unyoza ibirenge!» Yezu aramwishura ati: «Ico ngira nturi bugitegere ubu, uzogitegera hanyuma.» Petero aramubwira ati: «Ntirikabe, ntuzokwigera unyoza ibirenge!» Yezu asubizayo ati: «Nintakwoza, nta co uzoba ugisangiye nanje.» Simoni Petero amubwira ati: «Mukama, nivyaba ari ivyo, ntunyoze ibirenge bisa, nyoza n’umutwe n’iminwe!» Yezu amubwira ati: «Uwamaze kwiyuhagira ntaba agikeneye kwozwa, kuko ata mwanda aba afise; namwe nyene muri beranda ariko si mwese.» Na none yari azi uwuza kumugurisha; ni ko kuvuga ati: «Ntimuri beranda mwese.»

Ahejeje kuboza ibirenge, yambara umutamana wiwe, asubira ku meza, ababwira ati: «Mwategereye ico nabagiriye? Munyita Mwigisha na Mukama, kandi muvuga ukuri, kuko ndi we. Ko rero jewe Mukama Mwigisha nabogeje ibirenge, mubwirizwa namwe kwozanya ibirenge. Nabahaye akarorero, ngo namwe mwigenze nk’uko nabagiriye.»

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 77
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI