Uwo musaserdoti-mwibitsamana w'abakristu b'incabwenge bakorera ibikorwa vyabo muri ivyo bisata, mu gufasha abo bakristu, mu kubashikiriza inyigisho z'amafungo ya Pasika, yisunze ijambo-shimikiro Diyoseze yashimye ko cofasha abakristu bose mu kwitegurira neza Pasika y'uyu mwaka, kivuga kiti: «Tumurikiwe na Mutima Mweranda, twubake Diyoseze Nkuru Muryango wacu, kandi tube abaremesha amahoro». Ijambo ry'Imana na ryo ryafashije mu kuzirikana uruhara rw'uwo mugwi w'abakristu mu kwubaka Diyoseze yabo, yarisomye mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk'uko yanditswe na Luka Mweranda (Luk.4,16-21)
Patiri Pierre Maniragarura, yabanje kwibutsa ihangiro ry'umukristu muri iki gihe c'Ikarema, ko ari ugushikira umusi mukuru cane wa Pasika yatsinze intambamyi zose zimubuza gushusha na Yezu Kristu. Yagize ati: «Ngaha rero ntakwifata muri rusangi, kuko umwe weze arafise ico ari, gitandukanye n'ic'abandi; ni co gituma kuva ubu muriko murasigurirwa ico muri: nk'abantu mujejwe gutunganya ibintu n'amafaranga, mumenye yuko ari Imana yabahaye ubwo butumwa, gutyo ntimurabe gusa ngo "Turi abigenga; turi abo mu mabanki; turi abadandaza...", ubwa mbere mumenya ko hariho ico Imana yabatumye mu buzima bw'abantu! Mufise ibanga». Yaciye abasaba ko umw'umwe wese yoca yibaza ati: «Ibi njejwe, nobirangura nte ngo nshushe na Yezu?»
Tumurikiwe na Mutima Mweranda... dutunganye neza ubutunzi bw'abanyagihugu!
Mu gusigura agace ka mbere k'inyigisho y'uwo musi kavuga ku kumurikirwa na Mutima Mweranda, Umwibitsamana mu bisata vy'ubutunzi yagarutse kuri ya Nkuru Nziza yasomwa, maze aravuga ku kamaro k'ugutumira Mutima Mweranda ngo amurikire ibikorwa vyabo. Yabanje kwibutsa agace k'iyo Nkuru Nziza, ahagira hati: «Mutima w'Imana ari kuri jewe...!» (Luk.4,18), maze araheza abibutsa ko Mutima w'Imana ari kuri umwe umwe muri bo, kandi ko aho yasigwa amavuta y'ubutore, akanakomezwa muri Mutima Mweranda, ngo kwari ukugira ngo arangure neza iryo banga, amurikiwe n'uwo Mutima nyene.
«Mu vyo mukora, muri abatumwa n'ivyabona vya Yezu Kristu!», ni ko yabandanije abibutsa, aho yanabasavye ko bemeye bakamurikirwa n'uwo Mutima, baca bahindura n'intumbere n'ishusho bahora baha ibikorwa vyabo. Yabandanije asigura ko uwumurikiwe na Mutima Mweranda aheza akaronka ububasha, atari ubwo guhotora uwundi n'urwenge rudasanzwe, ariko butuma umuntu aba intwari, umutinyutsi, n'intatirigana mu gushingira intahe ukuri no mu kurwanira ineza, mu co akora cose, haba mu rudanzwa canke mw'ishirahamwe. Ni ho yaca amenyesha ko ivyo na vyo ata woshobora kubishikira atamurikiwe na Mutima Mweranda.
Ako gace ka mbere k'inyigisho, mu kukarangiza, hari ikintu yasavye ashimitse abari mu mafungo: Ukuvavanura n'imvugo n'ingiro ya «Mere nk'abandi; ngire nk'abandi» mu kazi bakora, canke inyifato ya «Ndonke ibintu ntarushe cane kandi kare».
Twubake Diyoseze Nkuru muryango wacu..., ukuzamura uwo ataho arigeza bibe ingendo ngenderwako
Patiri Pierre Maniragarura yanavuze kandi ku kuntu incabwenge zirangurira ibikorwa mu bisata vy'ubutunzi, amabanki, n'ubwishingizi, na posita zoterera mu kwubaka Diyoseze Nkuru muryango wazo. Yaribukije ko imbere ya vyose babanza kwumva yuko Ekleziya ari umuryango wabo; ngo ni yo ntango y'ukuwiyumwamwo; ngo ni ho bazoheza bakamenya ko n'aho hogira agacamwo, uguma ari wo muryango wabo.
Ni ho yaca abasaba kutikumira, haba mu nama canke mu butumwa bw'uwo muryango, ku ntambwe zitandukanye ziwugize. «Iyo uri mu muryango, uramenya kugira imigenderanire myiza n'abandi, gushigikirana no gutabarana mu rukundo», ni ko yavuze. Yaboneyeho gutumirira abo bari muri ayo mafungo kutabohwa n'imyibutsa nka «Hayaga abangana», ariko uwushoboye akazamura uwo ataho arigeza.
Yarigishije kandi ko mu vyo barangura, nk'abajejwe gukorakora ku mafaranga n'ubutunzi bw'ivy'umubiri, bikwiye ko bamenya ibijanye n'ukwemera kwabo, ari na ho boheza bagashobora kugushingira intahe. Yasozereye ako gace ka kabiri k'inyigisho y'uwo musi abatumirira guhurumbira guhurira hamwe mu mashemezo y'Imana.
Tube abaremesha amahoro...!
Inyigisho y'ukuba abaremesha amahoro, Patiri Pierre Maniragarura yayisiguye abanje gusigura ico umukristu yotegera ku mvugo «Ukugira amahoro». Ku bwiwe, ngo ni «Ukugira aho uba n'ico wiha, ukugira uwukuramutsa n'uwo uramutsa, ugatekanirwa, ukarima, ukimbura, ukarya atawukurara ku mugono.» Ikindi, ngo igihe cose umuntu yorya iruhande yiwe hari uwushonje, ngo nta nkeka ko azomurabira mu nkono, na vyo nyene ngo nta mahoro bitanga. Ukwigisha abandi gukora rero ngo ni bumwe mu buryo bw'ukuba uwuremesha amahoro.
Ego, ni ko, abo bakristu barangurira ibikorwa vyabo mu bisata vy'ubutunzi, amabanki, n'ubwishingizi, na posita, ngo barabwirana ko mu gisata barimwo ari ugukerebuka, ukurikanura n'ukuwuteka ugasha; ngo ni vyiza, ariko kuri bo, nk'abakristu, ukurikanura kwiza ngo kwoba ukwakira Mutima Mweranda muri bo, aho gukurikiza imigenzo y'ab'isi. «Muratunga umutima, itunga rizorwira», ni ko yasozereye inyigisho y'uwo musi abahanura.
Amafungo yaranzwe kandi n'ugushengerera Yezu muri Ukaristiya, ukwakira isakramentu ry'ikigongwe, n'ugusangirira hamwe Inkuka y'imisa yaherejwe na Patiri Pierre Maniragarura nyene. Akaba yaratumiriye abo yari ahejeje gufasha kugira amafungo y'ukwitegurira umusi mukuru cane wa Pasika ko bokwama na ntaryo bisuzuma. Na ho ngo mu gihe cose bazoba babonye ko bagiye kure, nko mu mva, bazokwumva ijwi rya Yezu rigira riti: «Razaro va muri iyo mva!», baze baveyo, banone gusubirana ubuzima bahabwa na Kristu.
Grâce-Divine Gahimbare, CEDICOM