Amafungo ya Pasika ku bakristu bo mu gisata c'ubutungane: Bazohore baca imanza mu buryo buninahaza Umucamanza mukuru, Umukama
Itariki: 2/4/2020Ababisomye 7070 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Patiri DĂ©o Bizimana yasavye abanyamwuga b'ivy'amategeko ko bosaba inema y'ubwitonzi nka Salomo, kugira ngo bashobore kuba koko ibikoresho vy'ubutungane butagira agahonzi, bazohore baca izibereye
Mu Bwibutsamana bwa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura bujejwe abakristu b'abalayike bakora mu bisata vya Leta canke mu vy'abikorera utwabo, ku wa Mungu igenekerezo rya 29 Ntwarante 2020, haratunganijwe, ku ncuro ya mbere, amafungo ya Pasika kuri uwo mugwi w'abakristu, mu ntumbero y'ugufasha abasanzwe baba i Bujumbura kwitegurira neza umusi mukuru wa Pasika. Amafungo yabo yabereye mu bibanza bitandukanye. Ni nk'ay'abakristu b'abalayike barangurira ibikorwa vyabo vya misi yose mu gisata c'ubutungane, aba bakaba baragiriye umwiherero wabo mu nyubakwa yitwa «Cercle Saint Michel» iri mu kigo ca Paruwase Mikaheli Mweranda, hagati y'isaha zibiri n'igice n'isaha indwi. 

Ayo mafungo yari abaye aya mbere ku bakristu b'abalayike bakora mu bisata vya Leta n'ivy'abikorera utwabo, kuko n'Ubwibutsamana bwa Diyoseze bubajejwe ari ho bugitangura, haraheze amezi ashika indwi. Ubwo bwibutsamana bugizwe n'abasaserdoti batanu bagenwe n'Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze, bafise abalayike bafashanya, bukaba bwafashije abo bakristu kuzirikana ku nyigisho ngenderwako y'Ikarema y'uyu mwaka, nk'uko yashikirijwe n'ibiro nshingwabutumwa vya Diyoseze. Iyo nyigisho igira iti: «Tumurikiwe na Mutima-Mweranda, twubake Diyoseze Nkuru Muryango wacu, kandi tube abaremesha amahoro!».

Ku ruhande rw'abakristu b'abalayike barangurira ibikorwa vyabo mu gisata c'ubutungane, amafungo bayagirishijwe na Patiri DĂ©o Bizimana, Patiri mukuru wa Paruwase Ngagara. Uwo musaserdoti asanzwe anazwiko kuba yaranonosoye ivyigwa vy'amategeko, mbere akaba ari n'umwe mu bahawe ubutumwa bwa Diyoseze bujejwe Sentare y'Ekleziya. Ni mu gihe mu bindi bice vy'i Bujumbura, muri ubwo bwibutsamana nyene, muri uwo mwanya nyene, hariko harabera amafungo ku bakristu bo mu bindi bisata, bane mu basaserdoti batanu bakaba ari bo bafashije muri uwo mwiherero.

Turetse uyu muhinga mu vy'amategeko, Patiri Déo Bizimana, yafashije abakristu bo mu gisata c'Ubutungane, twovuga kandi na Patiri Dieudonné Niyibizi (asanzwe ari na we ayoboye ubwo Bwibutsamana), yagirishije amafungo abo mu gisata c'ukumenyesha amakuru, ivyo na we asanzwe ari vyo yanonosoye mu mashure, kandi biri no mu butumwa bwiwe bwa misi yose. Na we Musenyeri Jean Louis Nahimana wewe yifungishije abo mu gisata c'amagara y'abantu. Patiri Pierre Maniragarura na we yafashije abo mu gisata c'ubutunzi, ubudandaji, amabanki na Posita. Hakabaho rero na Patiri Jérémie Bukene, asanzwe ajejwe n'ubutumwa bw'abalayike.

Abakristu bo mu gisata c'Ubutungane, bari kumwe n'umugwi w'abanyeshure bo kuri Kaminuza «Sagesse d'Afrique» babafashije mu masabamana y'ibisabisho, indirimbo z'ugushwangamura abo bari mu mafungo be no mu ndirimbo zaremesheje inkuka y'imisa, abari bitavye uwo mwiherero bose hamwe barashika kuri mirongo irindwi. Muri bo, harimwo Umuhanuzi mu Bushikiranganji bw'Ubutungane mu Burundi; Abahanuzi mu bisata bitandukanye vy'ubwo bushikiranganji; Abacamanza bo muri za sentare zica imanza mu gisagara ca Bujumbura; Abashingwamanza bahurikiye mw'ishirahamwe ry'abashingwamanza bo mu karere k'intara y'igisagara ca Bujumbura; n'abahinga batandukanye mu vy'ubutungane n'amategeko.

Abalayike ba Diyoseze Nkuru y'i Bujumbura na bo nyene ni abanyamuryango b'Ekleziya... ubutumwa bwabo

Ku ruhara rw'Abakristu b'Abalayike muri Ekleziya, Patiri DĂ©o Bizimana yavuze ko, nk'abanyamuryango mu bandi, iyi nyigisho ije kubafasha kwumva ko Ekleziya-Muryango babwirizwa kugira uruhara ruboneka mu kuyubaka. Aha yabanje kubacira ku mayange ico Papa w'inararibonye, Nyenubweranda Papa Benedigito-XIV, yabivuzeko, hari ku wa 15 Munyonyo 2008, aho yariko yakira icese abagize Urwego Mpanuzwajambo rwo ku cicaro gikuru c'Ekleziya rujejwe ubutumwa bw'Abalayike. Ngo uwo Mwungere w'Ekleziya w'ico gihe yavuze ko Abalayike, mu kwunganira izindi nzego z'Ekleziya na cane cane mu bisata vy'ubuhinga, bahamagarirwa kuba umuco n'umunyu w'isi (Mat.5,13).

Aha Patiri DĂ©o Bizimana yaciye aboneraho kwibutsa imigwi itatu yubatse Ekleziya-Muryango: Urwego rw'Abaherezankuka (Abasaserdoti, Abepiskopi n'Abadiyakoni); Urwego rw'Abihebeye Imana (Abafurera n'Ababikira); be rero n'urwego rw'Abalayike. Uwo Mwibutsamana yaraciye ku mayange uko indinganizo y'Ekleziya-Muryango yari itunganijwe imbere y'uko Inama nkuru ya kabiri y'i Vatikano (1962-1965) iyihinyanyura. Muri iyo nama, ngo ni ho hashingwa ko Ekleziya itoguma ibonwa nk'uko womenga ubutumwa bwayo buraba Abaherezankuka n'Abihebeye Imana gusa, ahubwo ko n'Abalayike bokubitiza agatima-mpembero, bakibuka ko ari Ekleziya-Muryango, maze bagatangura kwiyumvira riho uruhara bogira mu kuyubaka, kuko ngo uwabatijwe wese ari Umutumwa.

«Uwabatijwe wese abwirizwa kwiyumvamwo ko ari Umunyamuryango mu bandi, ata wikumiriye»,
ni ko uwo Musaserdoti yabivuze, asigura ubwo buryo bushasha bw'ugutegera insiguro y'Ekleziya-muryango. Ni ho rero yaca agaruka kuri ako gace k'uko ubutumwa nyamukuru bw'umukristu w'Umulayike ari ukumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu mu bantu biciye mu kumushingira intahe mu vyiyumviro ashikiriza, mu mvugo no mu ngiro, no mu kurangura rukristu ico yategerezwa. Yaciye asaba umwe wese mu bari muri uwo mwiherero kwibaza ati: «Ubwo vy'ukuri ndabera abandi umunyu mu gutanga akanovera k'ubuzima aho nkorera ibikorwa vyanje vya misi yose?», maze kuri aho hose asanze yarashaye, akiyemeza guhindura, nk'uko ngo ingendo yo mu gihe c'Ikarema ibimuhanura.

Nk'uwukora mu vy'uguhagararira amategeko...: uruhara mu kwubaka Diyoseze Nkuru Muryango

Umwibutsamana w'abarangura ibikorwa vya misi yose mu gisata c'ubutungane, aha yabanje gusigura umugozi upfundikanya ubuzima bw'ukuba umukozi muri ico gisata n'ubuzima rukristu. Ngo ni ho yohera ategera ico Ekleziya isaba ko umuntu, nk'umukristu, yokwifata ku buryo ivyo akora Imana ibironkamwo ininahazwa ryayo. Kuri aka gace k'inyihisho, Patiri DĂ©o Bizimana akaba intumbero yahaye uyu mukristu yayitumbereje mu buryo bubiri. Mu ntumbero ya mbere, hari inkingi zine yasavye ko zokwisungwa, inkingi abakristu bahanurwa n'Umutumwa Paulo Mweranda, ari zo: Ukuri, urukundo, ubumwe n'ubweranda, nk'uko ziri mw'ikete uwo Mutumwa yandikiye Abanyefezi, mu kigabane ca 4 n'ica 5. Na ho mu ntumbero ya kabiri, uwo musaserdoti yasavye ukubaho kw'ukwunganirana hagati y'abasangiye umuryango umwe, ari wo Diyoseze Nkuru yabo, mu kuba abatumwa b'amahoro.

Ni ko, mu gisata c'ubutungane, ngo hariho imanza nyinshi usanga zirimwo ibintu bidaditse, ku buryo mbere no kubidadanura usanga ari nk'ukurondera umuzi w'ibuye. Ni aha rero ngo umuntu aba akwiye gusaba inema idaasanzwe ya Mutima Mweranda, akaba ariwe amumurikira, ngo amwoshe iciza yokora. Bimwe mu bidaditse yagarutseko, ngo ni nka harya uwufise ububasha mu vy'ugufata ingingo ashobora kwitwaza ububasha, maze akabwira uwo ashatse kudendereza ko mu gihe atoca urubanza nk'uko amutegetse, ashobona kumukura no mu kazi. Bene aha ngo ni ho haserukira ubukristu nyabwo, ku nyishu yiha ku kibazo nk'iki, ngo: «Mbega, hagati y'ukurangura ubutungane nkima amatwi uwuriko arampubisha, n'ukwanka guhemuka bakanyirukana ku kazi, mpitemwo iki?»

Ku kibazo nk'ico ni ho yasiguye ico yise: «Ubucamanza bwa Salomo», mu kuvuga ko, nk'uyu mwami, umukristu w'umucamanza akeneye inema y'ubwenge n'ubwitonzi, buvanze n'ukwubaha Imana, ngo ashobore guca n'imanza vyoba biboneka ko zidaditse. Yabanje kwibutsa urubanza uwo mwami yaciye; ngo ni inkuru y'urubanza rutunganye rwa Salomo, umwami w'Abanyisraeli.

Ngo hari abagore babiri b'abamaraya, babana mu nzu imwe, baje aho umwami ari, ngo abacire urubanza. Urwo rubanza rwari rushingiye ku mwana umwe wese yiyitirira ngo ni uwiwe. Ni mu gihe ngo bari bavyariye mu nzu imwe, ari babiri gusa, ata cabona; maze umwe muri bo, ngo hari ukuntu yari yaryamiye nabi umwana wiwe, agapfa, ariko uno mukenyezi akavyuka hagati mu gicugu, akamukaba n'uwugikomeye. bugingo bikanguye, bose baharirira uwo akomeye, umwe wese amwita ngo ni uwiwe. Urwo rubanza, Bibiliya iravuga ukuntu Salomo yarucanye ubwenge budasanzwe mu kurondera kumenya uwavugisha ukuri muri bo, na rirya ata n'umwe yashobora gutaka icabona (1Abami 3,16-28).

Ku bwa Patiri DĂ©o Bizimana, ngo inkingi y'ugushira ahabona ukuri mu rubanza ni inkoramutima, umucamanza abanje kwirengagiza inyungu yokura kuri umwe mu baburana, canke ico basana n'ico bapfana, kuko ngo mu kuvugisha ukuri ari ho umucamanza akura ugukundwa n'Imana n'abantu, na vyo bikamuvyarira kwunga ubumwe n'ubucuti bw'intayegayega mu kibano no ku kazi, gutyo akaba ariko yitagatifuza mu kazi kiwe.

Ukuba umutumwa w'amahoro mu gisata c'ubucamanza...!


Aha, Umwibutsamana mu gisata c'ubutungane yaravuze ko intambamyi ikunda kubuza abantu kuba abatumwa b'amahoro ari ukudashobora kwiyakira canke ngo bakire abandi. Ni ko, arazirikana ko ata zibana zidakomana amahembe, ariko ngo umukristu wewe, ikibaye cose yategerezwa kucakirana umutima wuzuye imbabazi n'ikigongwe, ngo imvugo n'ingendo vyiwe vyame bishira imbere ukwirinda ico cose cotuma haba uguhungabana kw'amahoro bimuvuyeko. Patiri Déo Bizimana yasozereye inyigisho yiwe ku mpanuro umweranda Fransisko w'i Sales atanga: «Nimba hari akaja irya ubona koba kari hagati yawe n'uwo wita umwansi wawe, fata umukasi, ugacacure, upfundikanye ahasigaye heza, utere umwiyegereza, ha kuguma kure yiwe!»

Ayo mafungo yaciye abandanyiriza kw'isakramentu ry'ikigongwe. Agasangwa Umwibutsamana, akiriko arigisha, yari yigeze gusaba ko uwo wese yoba yumva hari aho umutima umurega, ko atokomantaza umutima, ahubwo riho ko yokwumvira ijwi ry'Umukama, agaheza akagaruka mu bunywanyi bwiwe n'Imana. Ngo ni ho ashobora no kwugururira inzira za nema zose z'ukuba umunyakuri 'uwugendera urukundo, ubwo bucuti n'Imana n'abantu na bwo bukazomushikana ku bweranda. Imbere y'ukuja kwirega rero, abari baje mu mafungo bakaba baronse akanya k'ukwisuzuma n'ukwigaya kuri aho hose bibagora kugendera ishaka ry'Imana mu guca imanza, no ku bindi bicumuro vyose bakora.

Amafungo yasozerewe ku Nkuka y'imisa yaherejwe na Patiri Patiri Déo Bizimana nyene, mu kibanza nyene yari yatangiyemwo inyigisho z'Ikarema z'ukwitegurira Pasika. Mwomenya ko muri ayo mafungo hanerekanywe bamwe mu bakristu b'Abalayike bafashanya ubutumwa n'abo basaserdoti bo mu Bwibutsamana bwa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura bujejwe abakristu b'abalayike bakora mu bisata vya Leta canke mu vy'abikorera utwabo, abagize ico bita «Noyau», yongera aramenyesha ko mu gihe ubwo bwibutsamana bukiri bushasha, bagikeneye mu bakristu b'Abalayike n'abandi boza kubunganira, rero ko uwo bogomwa yokwemera akagamburuka. Aberekanywe bakaba bari abo mu gisata c'ubutungane.

Michel Nibitanga, CEDICOM 
Ivyiyumviro

Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima. Ku bwacu twese, Yezu Kristu yarigize umugamburutsi gushika yemere urupfu, kandi urupfu rwo ku musaraba. Ni co catumye Imana imushira hejuru ya vyose, ikamugabira Izina rirengeye amazina yose. Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima.

Ukubabara kw’Umukama wacu Yezu Kristu kwashikirijwe na Yohani (18, 1-19, 42)

Yezu mw’itongo ryo hakurya ya Kedroni

S: Bahejeje gufungura, Yezu ajana n’abigishwa biwe hakurya y’umugezi witwa Kedroni;

hari umurima, aba ari ho yinjira n’abigishwa biwe.

Yuda wa muhemu yari azi neza aho hantu,

kuko Yezu yahora ahaja kenshi n’abigishwa biwe.

 

Yuda rero azanye umugwi w’abasirikare n’abarinzi

barungitswe n’abaherezankuka bakuru be n’Abafarizayo,

arashika n’amatara n’ibimuri n’ibirwanisho.

Yezu rero yari azi ibiza kumushikira vyose;

arabasanganira, ababwira ati:

Y:  «Murondera nde?»

S: Bamwishura bati:

Ab: «Yezu w’i Nazareti.»

S: Ababwira ati:

Y: «Ni Jewe.»

S:  Yuda wa muhemu yari kumwe na bo.

Aho Yezu ababwiriye rero ati: «Ni Jewe»,

Basogeza baja inyuma bagwa hasi.

Yezu asubira kubabaza ati:

Y: «Murondera nde?»

S: Bishura bati:

Ab: «Yezu w’i Nazareti.»

S: Yezu abishura ati:

Y: «Nababwiye ko ari Jewe.

Usangwa ari Je murondera, reke abo bigire.»

S: Uko niko ijambo yavuze ryarangutse, ngo:

«Sinatakaje n’umwe mu bo wampaye.»

 

Simoni Petero yari afise inkota;

arayisokorora, ayikubita umusuku w’umuherezankuka mukuru,

amuca ugutwi kw’iburyo.

Uwo musuku yitwa Malikusi.

Yezu yamara abwira Petero ati:

Y: «Subiza inkota mu rwubati.

Bite! Ndeke kunywa ikalisi Data yampaye!»

S: Wa mugwi w’abasirikare, uwuwurongoye n’abarinzi b’Abayuda

Bafata Yezu baramuboha.

 

Yezu kwa Hana na Kayifa

 

Babanza kumujana kwa Hana,

ari we sebukwe wa Kayifa,

yari umuherezankuka mukuru uyo mwaka.

Kayifa ni umwe yari yahanuye Abayuda ati:

«Vyobabera vyo umuntu umwe apfiriye igihugu.»

 

Simoni Petero n’uwundi mwigishwa barakurikira Yezu.

Uwo mwigishwa  umuherezankuka mukuru yari amuzi,

yinjirana rero na Yezu mu ngoro y’umuherezankuka mukuru,

Petero we asigara hanze hambavu y’irembo.

Wa mwigishwa umuherezankuka mukuru yari azi, arasohoka,

avugana n’incoreke yarinda irembo, yinjiza Petero.

Iyo ncoreke yarinda irembo ibwira Petero iti:

Ab: «Aho uri aho,

weho nturi mu bigishwa b’uwo muntu?»

S: Ayishura ati:

Ab: «Sindi muri bo.»

S: Abasuku n’abarinzi bari bacanye umuriro, kuko hari imbeho,

bari aho bota.

Petero na we yari kumwe na bo yota.

 

Umuherezankuka mukuru arabaza Yezu

Ibirora ku bigishwa biwe no ku nyigisho ziwe.

Yezu amwishura ati:

Y: « NÇgishije abantu icese;

nÇŽmye nigishiriza mu masinagoga no mu gisengero,

aho Abayuda bakoraniye;

nta co navugiye mu mpisho.

Umbariza iki?

Baza abavyumvise; ico navuze bo barakizi.»

S: Ngo avuge iryo,

umwe mu barinzi bari aho, akubita urushi Yezu, ati:

Ab: «Uko ni ko wishura umuherezankuka mukuru!»

S: Yezu amwishura ati:

Y: «Ninaba mvuze nabi, erekana ikibi aho kiri;

na ho ninaba mvuze ukuri, unkubitiye iki?»

S: Hana amurungika uko yakaboshwe

ku muherezankuka mukuru Kayifa.

Simoni Petero we yari akiri aho yota umucanwa.

Bamubwira bati:

Ab: «Weho ntiwoba uri uwo mu bigishwa biwe?»

S: Arabihakana ati:

Ab: «Sindi muri bo.»

S: Umwe mu basuku b’umuherezankuka mukuru,

incuti y’uwo Petero yari yaciye ugutwi,

Amubwira ati:

Ab: «Sinakubonye muri kumwe mw’itongo?»

S: Petero yamara asubira kubihakana,

ubwo nyene inkoko irabika.

 

Yezu kwa Pilato

 

Bavana rero Yezu kwa Kayifa, bamujana mw’iburaniro.

Hari mu gitondo.

Ariko bo ntibinjra mw’iburaniro ku kwanka guhumana,

ngo bashobore kurya Pasika.

 

Pilato arasohoka rero imbere yabo, ababwira ati:

Ab: «Uwo muntu mumurega iki?»

S: Baramwishura bati:

Ab: «Iyo ataba yari inkozi y’ikibi,

ntitwari kumukuzanira.»

S: Pilato ababwira ati:

Ab: «Mujane mwebwe nyene mumucire urubanza,

mukurikize itegeko ryanyu.»

S: Abayuda baramwishura bati:

Ab: «Ntitwarekuriwe kugira uwo twica.»

S: Kwari ukugira ngo ijambo Yezu yavuze

Hamwe yari yabuye ururpfu azopfa, ritahe.

Pilato rero asubira mw’iburaniro,

atumako Yezu, amubwira ati:

Ab: «Uri umwami w’Abayuda?»

S: Yezu aramwishura ati:

Y: «Ivyo ni wewe uvyivugiye,

canke ni ivyo wumva ku bandi bamvuga?»

S: Pilato amwishura ati:

Ab: «Mbega jewe ndi Umuyuda?

Abo mu gihugu cawe n’abaherezankuka bakuru ni bo bakunzaniye.

Wakoze iki?»

S: Yezu asubiza ati:

Y: «Ubwami bwanje si ubwo kuri iyi si.

Iyo Ubwami bwanje buba ari ubwo kuri iyi si,

Abantu banje bari kundwanira,

Singwe mu minwe y’Abayuda;

Eka noneho, Ubwami bwanje si ubw’aha kw’isi.»

S: Pilato amubwira ati:

Ab: «None ga, uri umwami?»

S: Yezu aramwishura ati:

Y: «Uvuze ko, ndi Umwami,

kandi ni co navukiye kikantuma nza kw’isi:

ni ukugira ngo nshingire ingingo ukuri;

uwukunda ukuri wese yumva ijwi ryanje.»

S: Pilato aramubwira ati:

Ab: «Ukuri ni iki?»

S: Avuze ayo majambo, asubira gusohoka, agana Abayuda,

araheza arababwira ati:

Ab: «Nta co namusanzeko comwica.

Ariko ni akamenyero

Ko ndabarekurira umwe ku musi wa Pasika.

None mushaka ko ndabarekurira umwami w’Abayuda?»

S: Biha induru rero bati:

Ab: «Ntumuduhe, duhe Baraba!»

S: Uwo Baraba yari umwambuzi.

Pilato rero afata Yezu aramukubitisha.

Hanyuma abasirikare bajisha urugori rw’amahwa,

barumwambika ku mutwe,

bongera bamwambika umutamana utukura.

Baramwegera bavuga bati:

Ab: «Mwaramutse, ga mwami w’Abayuda!»

S: Bongera baramukubita amakofe.

Pilato aragaruka, abwira Abayuda ati:

Ab: «Ehe ndamubazaniye,

mumenye ko ata gicumuro ndamubonyeko co kumwica.»

S: Yezu arasohoka rero uko yakambaye

rwa rugori rw’amahwa na wa mutamana utukura;

araheza Pilato ababwira ati:

Ab: «Ng’uwo wa muntu!»

S: Ngo bamubone, abakuru n’abarinzi biha induru bati:

Ab: «Ku musaraba! Ku musaraba!»

S: Pilato ababwira ati:

Ab: «Ng’uwo nimumwibambire mwebwe nyene,

jewe nta co namusanzeko gikwiye guhanwa.»

S: Abayuda baramwishura bati:

Ab: «Turi n’itegeko,

kandi turikurikije ni uwo gupfa,

kuko yigize Umwana w’Imana.»

S: Pilato ngo yumve ayo majambo, atinya ukuruta.

Asubira mw’iburaniro, araheza abwira Yezu ati:

Ab: «Uva he?»

S: Yezu yamara ntiyamwishura namba.

Pilato rero niko kumubwira ati:

Ab: «Ntunyishura jewe!

Ntuzi ko mfise ububasha bwo kukurekura

N’ubwo kukubamba?»

S: Yezu aramwishura ati:

Y: «Nta bubasha wari umfiseko,

iyo utabuhabwa n’Uwo mw’ijuru.

Ni co gituma uwakumpaye

Yakoze igicumuro kiruta icawe.»

S: Kuva ubwo, Pilato yarondera ingene yomurekura;

Abayuda yamara baja mu vyo kuyogora bati:

Ab: «Niwamurekura, ntuzoba ukunda Sezari;

kuko uwigira umwami wese aba agararije Sezari.»

S: Pilato ngo avyumve, asohora Yezu,

amwicarika ku ntebe y’imanza,

ahitwa Litositorotosi, mu gihebereyi na ho Gabata.

Hari ku musi w’ukwitegurira Pasika,

ahashira isaha ya gatandatu.

Pilato abwira Abayuda ati :

Ab: «Ng’uwo umwami wanyu!»

S: Bo bavuza induru bati:

Ab: «N’apfe! N’apfe! Mubambe!»

S: Pilato ababwira ati:

Ab: «Mbambe umwami wanyu!»

S: Abaherezankuka bakuru basubizayo bati:

Ab: «Atari Sezari, nta wundi mwami dufise.»

S: Araheza aramubaha ngo bamubambe.

 

Yezu ku gasozi ka Kalvariyo

 

Yezu ava aho yikoreye umusaraba wiwe,

agana ahantu hitwa Kalvariyo, mu gihebereyi Gologota.

Ni ho bamubambiye hamwe n’abandi babiri,

umwe ku ruhande uwundi ku rundi,

Yezu na we hagati.

 

Pilato kandi arandikisha urwandiko,

araheza arumanika hejuru ku musaraba.

Amajambo yarwo yari aya:

«Yezu w’i Nazareti, umwami w’Abayuda.»

Abayuda benshi barasoma urwo rwandiko,

kuko aho Yezu yari yabambiwe hari hafi y’igisagara

kandi rwari rwanditswe mu gihebereyi, mu kilatini no mu kigereki.

Abaherezankuka bakuru n’Abayuda babwira rero Pilato bati:

Ab: «Ntiwandike ngo: Umwami w’Abayuda, andika uti:

Uwo muntu yavuze ati: Ndi umwami w’Abayuda.»

S: Pilato arabishura ati:

Ab: «Ico nanditse canditswe.»

S: Abasirikare bamaze kumubamba,

bafata ivyambarwa vyiwe, babicamwo imyanya ine,

umwe w’umwe umwe muri bo.

Bafata ikanzu yiwe, ariko iyo kanzu ntiyagira umubariro;

yari yajishwe urunani kuva hejuru gushika hepfo.

Bavuga rero bati:

Ab: «Ntituyitabure, nimuze dutere ubupfindo bw’uwuyironka.»

S: Kwari ukugira ngo Inyandiko itahe ngo:

«Baragabanganye ivyambarwa vyanje,

na yo ikanzu yanje bayiterako ubupfindo.»

Ng’ivyo ivyo abasirikare bagize.

 

Iruhande y’umusaraba wa Yezu hari hahagaze nyina wiwe,

na nyinabo, Mariya muka Klopasi,

na Mariya Madalena.

Yezu ngo abone nyina wiwe

iruhande yiwe na ho hari wa mwigishwa yakunda,

abarira nyina wiwe rero ati:

Y: «Wa mukenyezi we, ng’uwo umwana wawe.»

S: Abwira wa mwigishwa na we ati:

Y: «Ng’uwo nyoko wawe.»

S: Kuva ubwo, nya mwigishwa aca ajana Mariya iwe.

Ivyo biheze,

kuko yari azi ko vyose vyamaze kurangira,

Kugira ngo Inyandiko iranguke rwose,

Yezu avuga ati:

Y: «Ndanyotewe.»

S: Aho hari agakono kuzuye isiki.

Bashinga rero kw’icumu akamamara bakojeje mw’isiki,

baramuhereza ngo anunuze.

Yezu amaze kunywa nya siki, ati:

Y: «Vyose birarangiye.»

S: Araheza ajondamika umutwe, aracikana.

 

Aha barapfukama, bakavuga agasabisho gatoyi banumye

 

Kubera ko wari umusi w’ukwitegurira Pasika,

- nkako isabato wari umusi mukuru uhambaye, -

Abayuda rero basaba Pilato

ngo bavune amaguru y’abari babambwe, baheze babakureho

boye kurekera imivyimba ku musaraba ku musi w’isabato.

Abasirikare rero baraza bavuna amaguru

y’uwa mbere n’ay’uwa kabiri

muri bamwe babambwe hamwe na Yezu.

Bashikiriye Yezu, basanga yamaze gucikana,

ntibamuvuna amaguru,

ariko umwe wo muri nya basirikare amusogota icumu mu rubavu,

haca hisuka amaraso n’amazi.

Uwabibonye ni we yabishingiye intahe,

kandi intahe yiwe ni iy’ukuri,

kandi urya azi ko avuga ukuri ngo namwe mwemere.

Ivyo rero vyagenze gutyo ngo inyandiko itahe:

«Nta gufa ryiwe bazovuna» ;

ahandi na ho ngo:

«Bazokwihweza uwo basogose.»

 

Itongo bahamvyemwo Yezu

 

Ivyo biheze, Yozefu w’i Arimateya, umwigishwa wa Yezu,

ariko mu mpisho kuko yatinya Abayuda,

asaba Pilato kubambura ikiziga ca Yezu.

Nikodemu na we araza,

umwe mu ntango yari yagiye gukebukana na Yezu mw’ijoro;

azana ikivange c’imira na alowe c’ingero nk’ijana.

Bafata ikiziga ca Yezu,

bakizingira mu mpuzu hamwe n’ibimoga neza,

nk’uko Abayuda babigenza mu guhamba.

Aho bari bahamvye Yezu hari umurima;

muri uwo murima, hakaba uruhafu rushasha,

ata muntu n’umwe yari bwahambwemwo.

Kandi wari umusi w’ukwitegura kw’Abayuda,

uruhafu na rwo rwari hafi,

haba ariho bahamba Yezu.

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 201
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI