Nemera Imana imwe rudende
Itariki: 28/4/2020Ababisomye 2205
Nemera Imana imwe rudende
Data Mushobora vyose, yaremye ijuru n'isi,
ibiboneka n'ibitaboneka.
Nemera kandi Umukama umwe Yezu Kristu,
Umwana w'ikinege w'Imana.
Yavyawe na Data ata myaka iravugwa.
Ni Imana iva ku Mana, ni Umuco uva ku Muco,
ni Imana y'ukuri iya ku Mana y'ukuri:
yaravyawe, ntiyaremwe, asangiye k?mére na Se: vyose vyaremewe kuri We.
Yavuye mw'ijuru ku bwa twebwe abantu kugira ngo adukize.
(Guhera kuri aya majambo « Yihaye umubiri »
gushika kuri « Yigira umuntu », bose barunama)
Yihaye umubiri mu nda ya Bikira Mariya ku bwa Mutima
Mweranda, yigira umuntu.
Yongera abambwa ku musalaba ku bwacu, kuri Ponsiyo Pilato,
arababara arahambwa, araheza arazuka ku musi ugira
gatatu, nk'uko vyari vyaranditswe, hanyuma yurira
mw'ijuru, yicara iburyo bwa Se.
Kandi azogaruka n'ubuninahazwa, aje gucira urubanza abazima
n'abapfuye, ingoma yiwe ntizoba igihera.
Nemera kandi Mutima Mweranda, Umukama ari we Sôko
ry'ubuzima: akomoka kuri Data na Mwana.
Turamusenga kandi tukamuninahaza
nk'uko tubigirira Data na Mwana: ni We yavugiye mu bahanuzi.
Nemera kandi Ekleziya imwe, nyeranda, gatolika kandi
ishingiye ku batumwa.
Nemera ko Ibatisimu ikura ibicumuro ari imwe nsa.
Ndorereye izuka ry'abapfuye n'ubuzima buzokurikira.
AMEN.
NDUWAYEZU cedrickNimba bikunda, muzoduhe pdf y'ubwuzure bwa kera, canke "Ndemeye Ekleziya Catorika", muzoba mukoze.11/11/2023 isaha 22h25
JOSEPH NDUNGUTSEGushima gusa! Bandanya mudushikiriza n'ibindi bisabisho, vyodufasha cane gukunda Imana n'abayo, ndetse np gukomeza imibano rukristu. 19/08/2023 isaha 15h31
Emmanuellique NIYONGEREMurakoze cane.
Mwoyiduha ku manota?
05/08/2023 isaha 13h35
Bigingo RichardImana ibandanye ihezagira ababandanya bita ku rutare mu kuturonsa ibi bisabisho.
21/05/2023 isaha 16h22
Bimenyimana MartinNdakengurutse iki gisabisho.16/04/2023 isaha 8h26
INGABIRE DieudonnéNdanezerewe cane no kuronswa ibisabisho nkenerwa mu buzima.01/04/2023 isaha 14h07
Niyogusenga jean ClaudeNdahimbawe cane.02/01/2023 isaha 22h20
Léo Stève NGABIRANOImana ikomeze abo yitoreye, natwe mu magara make yacu iduhe kuyisenga no kuba beranda! Imigisha Imana yatanguye mu bayo nibandanye iyuhira!25/11/2022 isaha 1h17
Irakoze VincentMuhezagirwe!18/10/2022 isaha 17h02
Désiré NIMUNanje ndabashimiye cane.16/05/2022 isaha 15h18
Augustin yumvirabayisabaImana ibahezagire mu kudusangiza ibi bisabisho.28/04/2022 isaha 12h06
Nkengurutse casimirNanje ndabishimye29/06/2021 isaha 12h48
IRAKIZA DésiréNdaryohewe kuba ndonse ico gisabisho.Muzompe na : "Umutima wanje uraninahaza Imana"27/01/2021 isaha 14h55
Nyabenda FidèleNi vyiza01/10/2020 isaha 20h55
Ivyiyumviro