ISHAPULE Y'AMAGORWA INDWI YA BIKIRA MARIYA
Itariki: 01/07/2018Ababisomye 18978 Vyamenyekanishijwe na : NIYIBIZI Abbé Dieudonné
Kuva Bikira Mariya atorwa ngo yibaruke Umukiza, yaragize amagorwa menshi, akama ayazigama mu mutima wiwe. Ni akarorero k'abakristu bababara. Aradusabira kuko na we yarababaye.
IGISABISHO GITANGURA

Mana yanje, ngutuye iyi  shapule, kubera ininahazwa ryawe ryeranda, ngo n'ubahe Umuvyeyi wawe, mukuzirikana, no mugusangira nawe, ububabare, Ndagutakambiye umpe kugaya ibicumuro nakoze, umfashe kwitonda, umpe kwicisha bugufi nkeneye, ngo nshobore kuronka indurujensiya zose zirimwo.

IGISABISHO CO KWIGAYA
 
UBUBABARE BWA MBERE (1) : BIKIRA MARIYA AHEREZA IMANA IMFURA YIWE.

Bikira Mariya aherez'Imana imfura yiwe nkuko vyari vyaranditwe, maze Mutima Mweranda, avugisha wa mutama Siméo, amubwira ko inkota izosogota umushaha wiwe, Bikira Mariya yar'aziko yavyaye incungu y'abantu, aca aravyumva ningoga kandi neza, bimwinjiramwo wese,  mbere Iyo nkota ishika no mu mutima, imugora igihe cose, kuko y'ar'azi ivyari vyanditswe k'Umucunguzi, vyerekeye ububabare n'urupfu rwiwe, Uko yaraba Yezu kwose, yaca yibuka bubabare bwiwe bwose, nkuko natwe tubizi.

Muvyeyi wababariye ku mutima, bimwe bitagira ingero kubera twebwe, twigishe kubabarana nawe, uko Imana ibidushakako, tukwigane, tubabare bimenywe n'Imana gusa, tureke kubigaragaza mu bantu, kugirango ububabare bwacu, bube mu bwawe n'ubwa Yezu, ubutur'Imana, isi ibonereho kumenya uwayiremye, wewe wababaranye n'umucunguzi w'isi, uri n'umuvyeyi aturutira abandi.

Dawe wa twese (1)
Mwaramutse Mariya (7)
We Mariya mawe mwiza, utwibuts'iminsi yose, amagorwa  ya Yezu.
UBUBABARE BWA (2): YEZU AHUNGISHIRIZWA MU MISIRI

Bikira Mariya yarababaye cane, igihe Yozefu amubwiriye amajambo y'Umumalayika, ko bovyuka ningoga, bagahungisha umwana kuko Herodi ashaka kumwica, Turabe ingene Bikira Mariya abura ico afata n'ico areka, maze agaheka Yezu, Vyose akabita, agatanga Yozefu gushika hanze, ngo bihute nkuko Imana Ibishaka, ATI: ? Naho Imana ishobora vyose, ishatse ko duhungisha Umwa wayo n'uwacu, duhunge ningoga, tuje mu Misiri, Umwana w'Imana, aratwereka inzira, tuzoshikayo, tudafashwe n'abansi ? 
Kuko Bikira Mariya, ar'umuvyeyi arusha bose umutima w'urukundo rwinshi , ata wundi yorugira ku Mwana wiwe, Niho yababaye cane mur'iryo hunga, n'akayoya gatetemera n'imbeho y'igicugu, kugasozi, umuruho, itiro vyari Vyabarembeje, biyumvira Yezu gusa, batinya guhura n'abansi b'umwana, mugihe cose bari bakiri Ibetlehemu, imbabaro y'iryo hunga yabaye nyinshi kandi ikomeye, har'iy'imbere mu mutima, kubera umwana wabo bakunda, agahirwa n'abansi, har'iyi nzara nimbeho, bakamenyako,n'iyo bahungiye ata ncuti basangayo,  

Muvyeyi wababaye cane, duhe umutima w'ubutwari nk'uwawe, twemeran'urukundo ibibabaza vyose, biva kw'ishaka ry'Imana, ibiva mu bantu no muri twebwe nyene, wewe nyene, ubirtyorore, bininahaze Imana, vyongere bidukirize imitima natwe. 

Dawe wa twese (1)                                                                                        Mwaramutse Mariya (7)                                                                            
We Mariya mawe mwiza, utwibuts'iminsi yose amagorwa ya Yezu.

UBUBABARE BWA 3. : UKUGENE BIKIRA MARIYA YABABAYE YEZU          YAZIMIYE.

Yezu yar'Umwana w'Imana, akaba rwose Umwana wa Bikira Mariya, akaba kandi umwana w'ikinege. Bikira Mariya yar'azi icubahiro gikwiye Imana, we yatewe iteka kuruta ibindi biremwa, akaronka urukundo rutagereranywa, rusumba n'urw'abandi bavyeyi bakunda abana babo.Bikira Mariya yarakunda Yezu gusumba ubuzima bwiwe, kuko yar'Imana yiwe, 
akaba umwana mwiza kuruta bose, nkuko yamyeho kubu Mana. Igihe Bikira Mariya amubuze, isi yaciye Imwagira, abonako atoyibako bitarikumwe na Yezu, Yezu we Mana yiwe, yari yaramunyuze muri vyose, atigera amubabaza, kandi atashobora  kugira akantu na gatoyi kababaza umuvyeyi, uko yamurondera akamubura, niko intuntu yongerekana mu mutima, yibaza, akongera akigaya icatumye atamwigendezako. Yamara ntivyava kuri we, Yezu ntiyaragikeneye uwundi bigendana, icababaza, Bikira Mariya, ni uko atamenya icatumye Yezu yisigaza inyuma, ataco ababwiye, akamenya yuko umwana wiwe akora ibikenewe, ntiyamuketseko ubugaba
Ubwo bubabare bwa Bikira Mariya, ni kimwe n'ubwo yababaye, igihe bahamvye Umwana wiwe.

Muvyeyi Mwiza, 
Twigishe kwakirana urukundo, ububabare bwose, kubera abanyavyaha b'isi yose.

Dawe wa twese (1)                                                                                        Mwaramutse Mariya (7)                                                                         
We Mariya mawe mwiza, utwibuts'iminsi yose, amagorwa ya Yezu.  

UBUBABARE BWA 4: BIKIRA MARIYA AHURA NA YEZU ATWAYE UMUSALABA.

Bikira mariya ahura na yezu atwaye umusalaba aja kubambwako.                      Raba Bikira Mariya Yohani aza kumubwira inkuru y'ubanza rwa Yezu, ko bagiye kumubambira ku Kalvariyo, kandi yitwariye, umusalaba aja kubambwako. Ntivyatangaje Bikira Mariya,  yar'asanzwe azi ivy'upfu rwa Yezu vyose kuva akivuka yamara uko Ububabare bwegereza igihe cabwo, niko yababarana na Yezu, yanogejwe n'amahiri,  asigaye ameze nk'ikiziga, ahutagizwa, atwaye umusalaba hamwe na Simoni, Uko abasirikare bamuhutagiza, uko arwa atagishobora kwivyura, bompi bararabana, imitima yabo, igasa n'iyifatanya uwo mutwaro, kubiboneka, ntakindi bashobora, atari ukwizigira Imana bompi , no kuyitura ubwo bubabare.
Muvyeyi mwiza kandi wababaye cane, twigishe kwemera ububabare bwose, tubigirira guhoza umutima wa Yezu n'uwawe, kugira ngo tuninahaze urukundo rw'Imana yabaduhaye ngo mube incungu y'ubugaba bwacu. 
Nimuduhe, urukundo rwo gukunda Imana hose no muri vyose, yo yadukunze gushika iduhe umwana wayo Yezu na wewe, Girira ikigongwe abanyabicumuro b'isi yose.

Dawe wa twese (1)                                                                                        Mwaramutse Mariya (7)                                                                
We Mariya mawe mwiza, utwibuts'iminsi yose amagorwa ya Yezu.

UBUBABARE BWA GATANU (5): BIKIRA MARIYA YABABAYE IVYO GUPFA YEZU ABAMBWA.

Bikira Mariya yababaye ivyo gupfa Yezu abambwa, gushika apfe bashire ikiziga mu maboko yiwe, Bikira Mariya, ahuye na Yezu, Barakomeje baradugana mu murima wa Oriveti, ari inyuma yiwe, araba ingene agenda aradandabagirana , arwana n'umusalaba, akubitwa ngo avyuke mukumuvyura  bamushikura imishatsi.
Bageze ku Kalvariyo, bamutegeka kwigaya, imbere y'aba Mushengereye, bishimiye ko igihugu kimubona kikamutwenga.Vyose Bikira Mariya yavyiyumvamwo cane
nka Yezu.  Akababara ku mutima mukuraba abo bagome, bashaka ku mukoreza umwana isoni no mu kumubamba ari gusa. Yezu na Mariya, barumva isoni kuturusha kuko ari abaziranenge. Bikira Mariya arababara cane bitavurwa, igihe Yezu aryamye ku musalaba, abicanyi bishongora, bamwegera n'imisumari n'inyundo, Batangura kwicara kuri Yezu, ngo ntiyinyiganyize ngo bahushe  mugushinga imisumari mu biganza vyompi. Bikira Mariya yavyumvira mu mutima, Bashimangira imisumari n'inyundo, akumva ariwe amagara ayonga, barakomeza barashinga umusalaba mu cobo bawimbiye, uko wanyiganyiga, ni ko imigera yashimangira mu mubiri kubera uburemere bw'ikiziga. Amara amasaha atatu amez'artyo; kandi ababazwa na nyina yishwe n'ububabare butavugwa, Yezu arapfa, bareresha Bikira Mariya ikiziga ciwe.

Muvyeyi Mwiza, Mwamikazi w'abahowe Imana, duhe ubutwari wagize muvyago vyawe ngo natwe tuninaharishe Imana ibitubabaza vyose, dukurikije amategeko yawe, n'ay'umuryango waduhaye ngo abanyavyaha b'isi yose, baharonkere urukiza.

Dawe wa twese (1)                                                                                        Mwaramutse Mariya (7)                                                                           
We Mariya Mwawe mwiza utwibuts'imisi yose amagorwa ya Yezu 

UBUBABARE BWA 6: BAMANURA IKIZIGA CA  YEZU BAGIHEREZA BIKIRA MARIYA.
Abakunzi ba Yezu, Yozefu na Nikodemu, babambura ikiziga ku musalaba, baracoza, Bikira  Mariya, abikorana icubahiro n'urukundo kurusha  abandi we yari nyina, akanabarusha kumenya ko  ar'Imana yigize incungu y'ababisha. Akaraba   inguma ziteye ubwoba zatewe n'inkoni yakubitiwe Kwa Pilato, zatonaguye umubiri gushika naho urusato ruvako, ahenshi inyama zitendera, asanga mbere n'ibikomere vy'imisumari bitaruta ivyo yari yaronkeye Kwa Pilato, yavyikoreyeko Umusalaba. Umuvyeyi mwiza bimutera akoba, yibaza uko yashoboye kubihekerako umusalaba. Araba ibikomere vyiwe vyose n'ivyo mu mutwe, vyatoboye mu bwonko, asanga Yezu we bamwishe kurusha Umumenja,  amuravye, aca yibuka vyinshi kuri we, kuva mu bwana kugeza ico gihe. Ariko Arakomeza bwa bu maratiri, we Mwamikazi w'abamaratiri, ntiyahengeshanya guhereza umwana wiwe yabaye incungu y'abantu, asabira bose ubukiriro bw'Ijuru, kuyoboka Imana, Gushitse ngo urupfu rubi rwa Yezu, rwoye kubapfako ubusa,Bikira Mariya, yaradusabiye twese.                     

Turagushimiye Muvyeyi Mwiza, ku butwari wagize, uhagaze munsi yaho umwana wawe yitangako incungu yacu, aho ni ho cane cane watuvyariye mu bubabare bw'akanyomoza. 
Tuzi ko udufitiye urukundo rwinshi, kuruta abatuvyaye, tukuzeye ko Inema zo kukubera abana, bakwibagiza ivyo wababaye mu minsi y'ibabara rya Yezu, kugirango dushime uwabaduhaye mwese no gusabira abanyabicumuro.

Dawe wa twese (1)                                                                                        Mwaramutse Mwariya (7)                                                                          
We Mariya mawe mwiza utwibuts'iminsi yose, agorwa ya Yezu.

UBUBABARE BW'INDWI 7: BIKIRA MARIYA AFUBISHA IKIZIGA  C'UMWANA WIWE.

Uw'abeshejeho Mariya ni Yezu, kubw'iwe nawe,yabona ko akwiye gupfa bikarangira; arikoyaramuhamvye, amusiga mumva nk'abandi bose, maze, atahana intimba nini cane, apfa ku  mutima hamwe na Yezu , ariko yizeye ko  azozuka bidatevye.
Muvyeyi Urut'abandi, dusanze uri nyina w'ikigongwe, Muvyeyi uvyay'Imana kandi uvyay'abantu, tukwizeye tudakekereza Mawe mwiza, twigishe kubona Imana mu bintu vyose iyo biva bikagera, ibibabaza tubiyibonemwo, twumve neza akamaro kavyo, twumve rwose iherezo ryavyo nkuko Imana yabiteguye.
                                                                                                                  Wewe ntiwasamanywe icaha, ntiwigeze akanenge, kandi ubabara ibiruta ivy'abandi Bantu, uvyemerana urukundo rungana n'ubutwari bwinshi, ata n'umwe yabwigeze. Wahagaze kuva Yezu agifatwa, gushika aho apfa ugihagaze mu ntimba yari ikwuzuye Umutima. Wababaye ivyo wagenewe, birushirizaho kuko wabaye Umukiza hamwe na Yezu.

Turagutakambiye na twe, utwigishe kugira nkawe, tukwizeye wewe urusha abavyeyi imbabazi nkuko ubaruta, 
Dufashe kuba incungu y'abanyavyaha b'isi yose.

Dawe wa twese(1)                                                                                        Mwaramutse (7)                                                                                    
We Mariya mawe mwiza utwibuts'iminsi yose, agorwa ya Yezu.

N.B:  Iyo bahejeje bavuga:
        Dawe wa  twese (3) 
        Mwaramutse  Mariya (3)

DUSABE
Mwamikazi w'abahowe Imana, umutima wawe warashegeshwe             n'ububabare, ndagutakambiye kubera amarira washeshe mur'ico gihe c'amayoberane  undonkere hamwe n'abanyavyaha  bose, ukwigaya       gushitse.  Amen.

Mushaha wa Mariya wababaye kandi  wasamwe ata gicumuro, dusabire twebwe  tukwirukira Muvyeyi w'ikigongwe (3). 

Kw'izina rya Data, n'irya Mwana,  ni'rya Mutima Mweranda, Amen.
ClaudineMuhezagirwe cane kuri iyi shapule. Hamwe vyokunda mwoshirako n'amazina y'amagorwa bijanye n'iyo shapule.25/02/2024 isaha 15h44
TUYISENGE ElyséMurakoze cane! Umukama abahezagire.09/02/2024 isaha 14h42
ReineMurakoze!30/01/2024 isaha 23h55
ININAHAZWE Jean CadeauMurakoze cane17/12/2023 isaha 15h54
ChristaHezagirwa!19/08/2023 isaha 23h26
Marie goreth NzokirantevyeMurakoze cane kuri Iyo shapure y'amahorwa indwi ya Bikira Mariya.18/12/2022 isaha 6h05
Jean BigirimanaHezagirwa!15/11/2022 isaha 22h54
Elie NDUWIMANAMURAKOZE19/07/2022 isaha 5h24
Elie NDUWIMANANdabakengurukiye mwebwe muduhaye iki gisabisho19/07/2022 isaha 5h19
Léonidas HATUNGIMANAIgisabisho ciza cane. Murakoze.20/01/2022 isaha 9h48
Marie Rénilde NdayisengaIyi shapule nahora ndayivuga rimwe mu ndwi. Ubu munfashe nshobore kuyivuga nanje kenshi.13/12/2021 isaha 18h54
NIYOYITUNGIYE ELIESalésien coopérateurMURAKOZE
KUDUHA IGISABISHO
27/11/2021 isaha 17h57
nduwimana francinemurakoze cane kwiyishapule
20/08/2021 isaha 8h51
Jean NépomucèneNdakengurukiye cane mwebwe mwese mwatumye bishoboka ko kino gisabisho kija kuri runo rubuga. Ariko nashaka no kwongerako ko mugutangura iyi shapule, nasanze i Kibeho bahejeje igisabisho co kwigaya baca bavuga "mwaramutse Mariya zitatu" na "we Mariya mawe mwiza, utwibutse iminsi yose amagorwa ya Yezu" no mu gatabo "NYINA WA JAMBO IWACU" kanditswe n'Umuryango w'Abogezabutumwa ba Nyina wa Jambo b'i Kigali niko vyanditse. Kandi uravye uko ishapule dukoresha imeze, hariho intete zitatu zitangura benshi badakoresha. Mwodufasha rero gusesangura tukaronka uburyo bumwe bwo kuvuga iyo shapule.
Murakoze.
02/05/2021 isaha 22h51
Yves RichardMurakoze cane. Iyishapule nayiheruka kera cane. Nari naratakaje mvyinshi. Imana ibahezagire. Ngiye gusubirq kuyigira ikigwanisho nyamukuru mu rugamba gwo kugwanya sekibi.
Murakoze cane....
03/04/2021 isaha 13h46
Hakizimana JeanneMurakoze caaane muragahezagirwa na Rutungaboro!!!
Iyi shapure ndayikuyemwo inyigisho nyiiinshi,ninyishu zibibazo bimwe bimwe nahora nibaza nkabiburira inyishu!!!👏👏👏👏
24/02/2021 isaha 19h48
NZIYUMVIRA Anne MarieMurakoze. Muragahezagirwa na Rugiravyose. Iyi shapule iraruhura; nari narabuze aho nashize agatabu kadufasha kuyizirikana none muramfashije.15/09/2020 isaha 15h05
Nyandwi ildegondeIyi Shapule Ifise Ububasha ntaziga.81110/06/2020 isaha 2h35
Niyubahwe GabrielMwarakoze kudushiriraho iyi shapule kurubuga. Iradufasha cane .
Imana ibahezagire kandi ikingingire Ekleziya umuvyeyi wacu
05/04/2020 isaha 14h29
Omer BazerukaMurakoze kuyitwibutsa kuko aho nari narayanditse hari haratakaye16/09/2019 isaha 13h19
Niyibaruta Anne MarieNdabishimiye cane mwebwe mwese mwatumye kino gisabisho kija ahabona tugashobora kukironka kuko kiradufasha gose. Iyiyumviro rero nasaba nimba bishoboka Kandi bizashoboka ko mwigishira kuri YouTube abadashoboye gusoma bakajana na YouTube mugabo bikaborohera. Murakoze cane Imana ikomeze ibahezagire Umuvyeyi Bikira Maria abakomeze mu mutamana wiwe mweranda.08/06/2019 isaha 23h38
Kinunda Rebeccaiyo shapule ikoribitangaza cane murakoze kuyishira aho bose bayironka jewe ndayivuga sasita mumfashe gusenga ntazohava ndonka ibintesha kuyivvuga mwizina rya Yezu Kristu ndabisavye09/05/2019 isaha 15h28
irankunda AlexineUhoraho abahezagire, turashaka nutundi nkama neuvaine nibindi vyodufasha guterintambwe.25/03/2019 isaha 14h18
Lambert GahunguMurakoze kutwibutsa ico gisabisho c'inkoramutima kandi cuzuye inema. Imana yame ibaja imbere kandi ihezagire ubutumwa bwanyu.02/07/2018 isaha 21h32
Ivyiyumviro
Mu mumugwi umwe
Igisabisho co kwitegurira kwakira Mutima Mweranda 09/05/2018 | ababisomye 265 | Abbé Dieudonné NIYIBIZI

Aleluya. Kristu yarazutse; umuco wiwe waratuboneshereje, twebwe yacunguje atnaraso yiwe. Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 52-59)

Muri irya misi,

Abayuda baja mu gaharira, bavuga bati: «Uwo ashobora ate kuduha umubiri wiwe ngo tuwufungure?» Yezu arababwira rero ati: «Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: mudafunguye umubiri w’Umwana w’umuntu, ntimunywe n’amaraso yiwe, nta buzima muzogira. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, arafise ubuzima budahera. Nanje rero nzomuzura ku musi w’imperuka. Na none umubiri wanje ni imfungurwa y’ukuri, amaraso yanje na yo ni inyobwa y’ukuri. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, aba muri jewe, nanje nkaba muri we. Nk’uko Data Nyenubuzima yantumye ari we ambeshaho, ni ko n’uwumfunguye ndamuha ubuzima. Uyo rero ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru. Ntumeze nk’umwe basokuru banyu bafunguye, hanyuma bagapfa. Uwuzofungura uyo mukate azoramba mu myaka yose.»

Ivyo Yezu yabivuze yigishiriza mw’isinagoga i Kafaranawumi.  

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilité d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 à 8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 à 16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 à 16h00
Jeudi : 15h00 à 16h00
Vendredi : 12h00 à 14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi à vendredi : 7h00 à 16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 à 17h15
Samedi : 5h30 à 6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 à 8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration à la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi à samedi de 7h00 à 19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 à 17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi à vendredi à partir de 7h00 jusqu'à 21h30
Dimanche de 13h00 à 18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 à 8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 à 6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 à 7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 à 17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 à 10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi à 14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 à 19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 à 15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 à 18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 à 12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 186
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI