Kuva Bikira Mariya atorwa ngo yibaruke Umukiza, yaragize amagorwa menshi, akama ayazigama mu mutima wiwe. Ni akarorero k'abakristu bababara. Aradusabira kuko na we yarababaye.
IGISABISHO GITANGURA
Mana yanje, ngutuye iyi shapule, kubera ininahazwa ryawe ryeranda, ngo n'ubahe Umuvyeyi wawe, mukuzirikana, no mugusangira nawe, ububabare, Ndagutakambiye umpe kugaya ibicumuro nakoze, umfashe kwitonda, umpe kwicisha bugufi nkeneye, ngo nshobore kuronka indurujensiya zose zirimwo.
IGISABISHO CO KWIGAYA
UBUBABARE BWA MBERE (1) : BIKIRA MARIYA AHEREZA IMANA IMFURA YIWE.
Bikira Mariya aherez'Imana imfura yiwe nkuko vyari vyaranditwe, maze Mutima Mweranda, avugisha wa mutama Siméo, amubwira ko inkota izosogota umushaha wiwe, Bikira Mariya yar'aziko yavyaye incungu y'abantu, aca aravyumva ningoga kandi neza, bimwinjiramwo wese, mbere Iyo nkota ishika no mu mutima, imugora igihe cose, kuko y'ar'azi ivyari vyanditswe k'Umucunguzi, vyerekeye ububabare n'urupfu rwiwe, Uko yaraba Yezu kwose, yaca yibuka bubabare bwiwe bwose, nkuko natwe tubizi.
Muvyeyi wababariye ku mutima, bimwe bitagira ingero kubera twebwe, twigishe kubabarana nawe, uko Imana ibidushakako, tukwigane, tubabare bimenywe n'Imana gusa, tureke kubigaragaza mu bantu, kugirango ububabare bwacu, bube mu bwawe n'ubwa Yezu, ubutur'Imana, isi ibonereho kumenya uwayiremye, wewe wababaranye n'umucunguzi w'isi, uri n'umuvyeyi aturutira abandi.
Dawe wa twese (1)
Mwaramutse Mariya (7)
We Mariya mawe mwiza, utwibuts'iminsi yose, amagorwa ya Yezu.
UBUBABARE BWA (2): YEZU AHUNGISHIRIZWA MU MISIRI
Bikira Mariya yarababaye cane, igihe Yozefu amubwiriye amajambo y'Umumalayika, ko bovyuka ningoga, bagahungisha umwana kuko Herodi ashaka kumwica, Turabe ingene Bikira Mariya abura ico afata n'ico areka, maze agaheka Yezu, Vyose akabita, agatanga Yozefu gushika hanze, ngo bihute nkuko Imana Ibishaka, ATI: ? Naho Imana ishobora vyose, ishatse ko duhungisha Umwa wayo n'uwacu, duhunge ningoga, tuje mu Misiri, Umwana w'Imana, aratwereka inzira, tuzoshikayo, tudafashwe n'abansi ?
Kuko Bikira Mariya, ar'umuvyeyi arusha bose umutima w'urukundo rwinshi , ata wundi yorugira ku Mwana wiwe, Niho yababaye cane mur'iryo hunga, n'akayoya gatetemera n'imbeho y'igicugu, kugasozi, umuruho, itiro vyari Vyabarembeje, biyumvira Yezu gusa, batinya guhura n'abansi b'umwana, mugihe cose bari bakiri Ibetlehemu, imbabaro y'iryo hunga yabaye nyinshi kandi ikomeye, har'iy'imbere mu mutima, kubera umwana wabo bakunda, agahirwa n'abansi, har'iyi nzara nimbeho, bakamenyako,n'iyo bahungiye ata ncuti basangayo,
Muvyeyi wababaye cane, duhe umutima w'ubutwari nk'uwawe, twemeran'urukundo ibibabaza vyose, biva kw'ishaka ry'Imana, ibiva mu bantu no muri twebwe nyene, wewe nyene, ubirtyorore, bininahaze Imana, vyongere bidukirize imitima natwe.
Dawe wa twese (1) Mwaramutse Mariya (7)
We Mariya mawe mwiza, utwibuts'iminsi yose amagorwa ya Yezu.
UBUBABARE BWA 3. : UKUGENE BIKIRA MARIYA YABABAYE YEZU YAZIMIYE.
Yezu yar'Umwana w'Imana, akaba rwose Umwana wa Bikira Mariya, akaba kandi umwana w'ikinege. Bikira Mariya yar'azi icubahiro gikwiye Imana, we yatewe iteka kuruta ibindi biremwa, akaronka urukundo rutagereranywa, rusumba n'urw'abandi bavyeyi bakunda abana babo.Bikira Mariya yarakunda Yezu gusumba ubuzima bwiwe, kuko yar'Imana yiwe,
akaba umwana mwiza kuruta bose, nkuko yamyeho kubu Mana. Igihe Bikira Mariya amubuze, isi yaciye Imwagira, abonako atoyibako bitarikumwe na Yezu, Yezu we Mana yiwe, yari yaramunyuze muri vyose, atigera amubabaza, kandi atashobora kugira akantu na gatoyi kababaza umuvyeyi, uko yamurondera akamubura, niko intuntu yongerekana mu mutima, yibaza, akongera akigaya icatumye atamwigendezako. Yamara ntivyava kuri we, Yezu ntiyaragikeneye uwundi bigendana, icababaza, Bikira Mariya, ni uko atamenya icatumye Yezu yisigaza inyuma, ataco ababwiye, akamenya yuko umwana wiwe akora ibikenewe, ntiyamuketseko ubugaba
Ubwo bubabare bwa Bikira Mariya, ni kimwe n'ubwo yababaye, igihe bahamvye Umwana wiwe.
Muvyeyi Mwiza,
Twigishe kwakirana urukundo, ububabare bwose, kubera abanyavyaha b'isi yose.
Dawe wa twese (1) Mwaramutse Mariya (7)
We Mariya mawe mwiza, utwibuts'iminsi yose, amagorwa ya Yezu.
UBUBABARE BWA 4: BIKIRA MARIYA AHURA NA YEZU ATWAYE UMUSALABA.
Bikira mariya ahura na yezu atwaye umusalaba aja kubambwako. Raba Bikira Mariya Yohani aza kumubwira inkuru y'ubanza rwa Yezu, ko bagiye kumubambira ku Kalvariyo, kandi yitwariye, umusalaba aja kubambwako. Ntivyatangaje Bikira Mariya, yar'asanzwe azi ivy'upfu rwa Yezu vyose kuva akivuka yamara uko Ububabare bwegereza igihe cabwo, niko yababarana na Yezu, yanogejwe n'amahiri, asigaye ameze nk'ikiziga, ahutagizwa, atwaye umusalaba hamwe na Simoni, Uko abasirikare bamuhutagiza, uko arwa atagishobora kwivyura, bompi bararabana, imitima yabo, igasa n'iyifatanya uwo mutwaro, kubiboneka, ntakindi bashobora, atari ukwizigira Imana bompi , no kuyitura ubwo bubabare.
Muvyeyi mwiza kandi wababaye cane, twigishe kwemera ububabare bwose, tubigirira guhoza umutima wa Yezu n'uwawe, kugira ngo tuninahaze urukundo rw'Imana yabaduhaye ngo mube incungu y'ubugaba bwacu.
Nimuduhe, urukundo rwo gukunda Imana hose no muri vyose, yo yadukunze gushika iduhe umwana wayo Yezu na wewe, Girira ikigongwe abanyabicumuro b'isi yose.
Dawe wa twese (1) Mwaramutse Mariya (7)
We Mariya mawe mwiza, utwibuts'iminsi yose amagorwa ya Yezu.
UBUBABARE BWA GATANU (5): BIKIRA MARIYA YABABAYE IVYO GUPFA YEZU ABAMBWA.
Bikira Mariya yababaye ivyo gupfa Yezu abambwa, gushika apfe bashire ikiziga mu maboko yiwe, Bikira Mariya, ahuye na Yezu, Barakomeje baradugana mu murima wa Oriveti, ari inyuma yiwe, araba ingene agenda aradandabagirana , arwana n'umusalaba, akubitwa ngo avyuke mukumuvyura bamushikura imishatsi.
Bageze ku Kalvariyo, bamutegeka kwigaya, imbere y'aba Mushengereye, bishimiye ko igihugu kimubona kikamutwenga.Vyose Bikira Mariya yavyiyumvamwo cane
nka Yezu. Akababara ku mutima mukuraba abo bagome, bashaka ku mukoreza umwana isoni no mu kumubamba ari gusa. Yezu na Mariya, barumva isoni kuturusha kuko ari abaziranenge. Bikira Mariya arababara cane bitavurwa, igihe Yezu aryamye ku musalaba, abicanyi bishongora, bamwegera n'imisumari n'inyundo, Batangura kwicara kuri Yezu, ngo ntiyinyiganyize ngo bahushe mugushinga imisumari mu biganza vyompi. Bikira Mariya yavyumvira mu mutima, Bashimangira imisumari n'inyundo, akumva ariwe amagara ayonga, barakomeza barashinga umusalaba mu cobo bawimbiye, uko wanyiganyiga, ni ko imigera yashimangira mu mubiri kubera uburemere bw'ikiziga. Amara amasaha atatu amez'artyo; kandi ababazwa na nyina yishwe n'ububabare butavugwa, Yezu arapfa, bareresha Bikira Mariya ikiziga ciwe.
Muvyeyi Mwiza, Mwamikazi w'abahowe Imana, duhe ubutwari wagize muvyago vyawe ngo natwe tuninaharishe Imana ibitubabaza vyose, dukurikije amategeko yawe, n'ay'umuryango waduhaye ngo abanyavyaha b'isi yose, baharonkere urukiza.
Dawe wa twese (1) Mwaramutse Mariya (7)
We Mariya Mwawe mwiza utwibuts'imisi yose amagorwa ya Yezu
UBUBABARE BWA 6: BAMANURA IKIZIGA CA YEZU BAGIHEREZA BIKIRA MARIYA.
Abakunzi ba Yezu, Yozefu na Nikodemu, babambura ikiziga ku musalaba, baracoza, Bikira Mariya, abikorana icubahiro n'urukundo kurusha abandi we yari nyina, akanabarusha kumenya ko ar'Imana yigize incungu y'ababisha. Akaraba inguma ziteye ubwoba zatewe n'inkoni yakubitiwe Kwa Pilato, zatonaguye umubiri gushika naho urusato ruvako, ahenshi inyama zitendera, asanga mbere n'ibikomere vy'imisumari bitaruta ivyo yari yaronkeye Kwa Pilato, yavyikoreyeko Umusalaba. Umuvyeyi mwiza bimutera akoba, yibaza uko yashoboye kubihekerako umusalaba. Araba ibikomere vyiwe vyose n'ivyo mu mutwe, vyatoboye mu bwonko, asanga Yezu we bamwishe kurusha Umumenja, amuravye, aca yibuka vyinshi kuri we, kuva mu bwana kugeza ico gihe. Ariko Arakomeza bwa bu maratiri, we Mwamikazi w'abamaratiri, ntiyahengeshanya guhereza umwana wiwe yabaye incungu y'abantu, asabira bose ubukiriro bw'Ijuru, kuyoboka Imana, Gushitse ngo urupfu rubi rwa Yezu, rwoye kubapfako ubusa,Bikira Mariya, yaradusabiye twese.
Turagushimiye Muvyeyi Mwiza, ku butwari wagize, uhagaze munsi yaho umwana wawe yitangako incungu yacu, aho ni ho cane cane watuvyariye mu bubabare bw'akanyomoza.
Tuzi ko udufitiye urukundo rwinshi, kuruta abatuvyaye, tukuzeye ko Inema zo kukubera abana, bakwibagiza ivyo wababaye mu minsi y'ibabara rya Yezu, kugirango dushime uwabaduhaye mwese no gusabira abanyabicumuro.
Dawe wa twese (1) Mwaramutse Mwariya (7)
We Mariya mawe mwiza utwibuts'iminsi yose, agorwa ya Yezu.
UBUBABARE BW'INDWI 7: BIKIRA MARIYA AFUBISHA IKIZIGA C'UMWANA WIWE.
Uw'abeshejeho Mariya ni Yezu, kubw'iwe nawe,yabona ko akwiye gupfa bikarangira; arikoyaramuhamvye, amusiga mumva nk'abandi bose, maze, atahana intimba nini cane, apfa ku mutima hamwe na Yezu , ariko yizeye ko azozuka bidatevye.
Muvyeyi Urut'abandi, dusanze uri nyina w'ikigongwe, Muvyeyi uvyay'Imana kandi uvyay'abantu, tukwizeye tudakekereza Mawe mwiza, twigishe kubona Imana mu bintu vyose iyo biva bikagera, ibibabaza tubiyibonemwo, twumve neza akamaro kavyo, twumve rwose iherezo ryavyo nkuko Imana yabiteguye.
Wewe ntiwasamanywe icaha, ntiwigeze akanenge, kandi ubabara ibiruta ivy'abandi Bantu, uvyemerana urukundo rungana n'ubutwari bwinshi, ata n'umwe yabwigeze. Wahagaze kuva Yezu agifatwa, gushika aho apfa ugihagaze mu ntimba yari ikwuzuye Umutima. Wababaye ivyo wagenewe, birushirizaho kuko wabaye Umukiza hamwe na Yezu.
Turagutakambiye na twe, utwigishe kugira nkawe, tukwizeye wewe urusha abavyeyi imbabazi nkuko ubaruta,
Dufashe kuba incungu y'abanyavyaha b'isi yose.
Dawe wa twese(1) Mwaramutse (7)
We Mariya mawe mwiza utwibuts'iminsi yose, agorwa ya Yezu.
N.B: Iyo bahejeje bavuga:
Dawe wa twese (3)
Mwaramutse Mariya (3)
DUSABE :
Mwamikazi w'abahowe Imana, umutima wawe warashegeshwe n'ububabare, ndagutakambiye kubera amarira washeshe mur'ico gihe c'amayoberane undonkere hamwe n'abanyavyaha bose, ukwigaya gushitse. Amen.
Mushaha wa Mariya wababaye kandi wasamwe ata gicumuro, dusabire twebwe tukwirukira Muvyeyi w'ikigongwe (3).
Kw'izina rya Data, n'irya Mwana, ni'rya Mutima Mweranda, Amen.