«Umutima wanje uraninahaza Imana, umushaha wanje uhimbawe n'Imana yo Mukiza wanje [...], izina ryiwe ni ryeranda; agirira ikigongwe abamwubaha bose, abavyeyi n'abana» (Luka 1,46-47 , 48-49)
Bavukanyi;
Jewe Patiri Stanislas BIRARONDERWA, ku musi wahezagiwe wa 28 Gitugutu 2017, muri Paruwase Bukeye, aho twahimbaza Abatumwa Simoni na Yuda, ni ho nibuka umusi naterwa iteka ryo kuba umwana w'Imana mw'Isengero ryo muri Paruwase ya Rushubi, haraciye imyaka 79.
Birabereye rero ko nivuga amazina, kuko Imana yangiriye ikigongwe ikantora ngo mbe umwana wayo. Uwo musi wahwanye n'imyaka 15 nari maze ngarutse muri muri Paruwase Bukeye. Nkakenguruka nka Paulo Mweranda yabwiye abakristu b'i Efezi ati: «Nituririmbe Izaburi y'115, dukengurukira Imana Dawe kw'Izina rya Yezu-Kristu» (Abanyefezi 5,19-20).
Egome, kw'Izina rya Yezu-Kristu, nihaninahazwe Mana Data; ni We yatumye ngo atumenyeshe ko ari Dawe wa twese. Yezu-Kristu na We aragamburuka, yicisha bugufi, yiha kamere yacu y'abantu, yiyambika gutyo ubworo bwacu ngo adutungishe n'ubumana bwiwe, aratwivukanisha kandi aratuvukanisha natwe.
Kubera ubwo buntu bw'Imana, niho Paulo Mweranda yahava abwira abakristu b'i Korenti, mw'ibaruwa rya mbere, ati: «Simpengeshanya gukenguruka ku bwanyu kubera inema y'Imana mwaronse muri Kristu-Yezu, nta ngabirano n'imwe mubuze muri Kristu-Yezu yama adukomeza mu butumwa bwacu iyo tumukundiye. Ni Rudatanamundagano, Imana yaduhamagariye kwunga ubumwe na We» (1Abakorenti 1,1-9).
Ubwo bumwe tubukesha ibatisimu yatugize barumunawe, bo n'ingoro ya Mutima Mweranda. Murumva ko ata teka ringana gutyo tworonka mu maronko y'ivyo kw'isi. Twokengurukira cane Imana, twigana umutima wo gukenguruka wa Bikira Mariya yavuze ati: «Umutima wanje uraninahaza Imana, umushaha wanje wahimbawe n'Imana yo Mukiza wanje [...], izina ryiwe ni ryeranda. Agirira ikigongwe abamwubaha bose, abavyeyi n'abana» (Luka 1,46-47, 48-49).
Uku gukenguruka mu masabamana ya Ekleziya, Ekleziya irakugarukako kenshi iti: «Nzohereza iki Umukama ku ciza cose yangiriye? Nzomuhereza ikarisi y'ubukiriro mu kuninahaza izina ryiwe» (Izaburi y'115).
Ekleziya, mu bisabisho vyo gukenguruka, iratwibutsa ko Umukama, mu mushaha wiwe, atigera namba yihoza ibisabisho vyacu, n'aho turuhijwe. Iratwibutsa kandi ko twomukengurukira kuko ari ubuntu bwose, kandi ko tuja kumusaba ngo atize ubuzima bwacu amagara ngo dushobore kumukorera mu kanyamuneza, kuko muri ubu buzima twamana ibiduhanamiye vyinshi ngo tuyisabe duti:
«Mana, waduhaye Umwana wawe w'ikinege ngo adukize akabi n'urupfu, ngo yakire inkuka yo kugukengurukira tuyiguhereza ku bwa Yezu-Kristu Umukama wacu, kuko ari We Inzira, Ukuri n'Ubuzima, atubohora ibicumuro vyacu, aduha ubuzima bushasha ngo umusi uri izina tuzoshobore kugenda tugana Ubwami, twizigiye, ku bwa Yezu Umukama wacu; Amen!»
Patiri Stanislas BIRARONDERWA