Abo bakomejwe muri Mutima Mweranda bari bagizwe n'abanyeshure, n'abakozi bo mu nzu, be kandi n'abakristu bagarutse muri Ekleziya Katolika
Ku wa gatandatu itariki 23 Rusama, hari haramutse haronkejwe isakaramentu ry'ugukomezwa muri Mutima Mweranda ku bakristu bagera ku majana abiri n'a mirongo itatu na babiri (232) bo muri Paruwase «Regina Pacis» yo mu Kinindo, bagizwe n'abana n'abakuze. Ivyo birori vyabereye mu Nkuka ya misa yari irongowe na Musenyeri Jean Louis Nahimana, intumwa y'Umwepiscopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura muri ivyo birori, ari kumwe na Patiri Mukuru Agapit Nindorera.Intumwa y'Umwepiskopi mw'itangwa ry'iryo sakramentu yarakeje abana n'abavyeyi babo ko batoranye neza kuba mu muryango w'Ekleziya Katolika, ubu na ho bakaba bagira batirwe icese mw'ibanga ry'ukugendera indagano z'ibatisimu baronse. Akaba yarabamenyesheje ko Mutima Mweranda abafasha kugira umutima w'ubwitonzi, w'ubwenge n'ubumenyi, umutima w'ugusonera abandi n'ukwicisha bugufi.
Yabandanije amenyesha ivyamwa vya Mutima Mweranda, na vyo ngo bikaba ari urukundo, agahimbare, amahoro n'ubuntu. Mu kuvuga ko ivyo ari vyo vyamwa vya Mutima Mweranda, Musenyeri Jean Louis Nahimana akaba yarisunze igisomwa ceranda cavuye mu gitabo c'Abanyegalati (Galat. 5:22).
Yasozereye atumirira abavyeyi n'abakristu kubashigikira. Abo bagira bakomezwa muri Mutima Mweranda na bo akaba yarabipfurije kuyoborwa na Mutima, ngo bashobore kuba abakirisu b'ibanga. Ni na ho yaca asigura ko ugusirwa amavuta ya Krisma Ku ruhanga rw'abakomezwa ari ikimenyetso c'ibanga bahawe. Araheza rero abipfuriza ngo uwo Mutima Mweranda yoheza akabamurikira, akabahezagira, akabagira beranda, nk'uko Dawe wo mw'ijuru ari Mweranda.
Iryo sakramentu ryatanzwe, hanyuma inyuma y'inkuka y'imisa, abigisha b'abo bakomejwe baca basangira na bo agatutu, mu kigo ca Paruwase, bashigikiwe na Patiri Mukuru wa Paruwase, bari kumwe n'uwo Musenyeri yararongoye Inkuka ya Misa, n'abasaserdoti bose barangurira ubutumwa muri iyo Paruwase.
Muri ico kibanza c'agatutu haravugiwe amajambo y'uwo musi mukuru. Mw'ijambo Patiri Mukuru yashikirije, yarashimiye uwaserukiye Umwepiskopi Mukuru ko yagamburukiye uwamutumye, akaza gutanga iryo sakramentu. Yarashimiye kandi n'abamenyeshamana n'abandi bigisha babateguye, be kandi n'abayobozi b'amashure bagiye baratiza Paruwase ibibanza bigiramwo. Eka n'abamenyeshamana barashikirije amajambo, bakaba barashimiye Patiri Mukuru na Paroisse yabateguriye agatutu.
Mwomenya ko muri abo bakomejwe muri Mutima Mweranda harimwo 174 b'abanyeshure, n'abakozi 50 bo mu nzu. Harimwo kandi n'abakristu 8 garutse muri Ekleziya Katolika, bakaba bari bamaze amezi arenga 6 biteguriye uwo musi.
Joyce Guillaine Imanishimwe, Paruwase Kinindo