Ibirori vyabereye mu kigo c'ishure ryisumbuye ryitiriwe Umuryango Mweranda «Lycée Sainte Famille», bihagarariwe na Patiri Eddy Kwizera ajejwe amashure akukira Ekleziya Katolika muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
Ku wa gatandatu igenekerezo rya 6 Ruheshi 2020, ishure ryisumbuye ryitiriwe Umuryango Mweranda «Lycée Sainte Famille» ryo mu Kinama, riri kumwe n'ishure shingiro ECOFO-Kinama-III Sainte Famille, ayo mashure yaruguruye umwaka wa yubile y'imyaka 25 amaze avutse. Ibirori vy'ihimbazwa ry'uwo musi mukuru vyatangujwe n'inkuka ya misa yabereye mw'isengero ya Paruwase Kinama yaherejwe na Patiri Eddy Kwizera asanzwe ajejwe amashure akukira Ekleziya Katolika muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura. Ishure ryisumbuye ryitiriwe Umuryango Mweranda
«Lycée Sainte Famille» ryo mu Kinama, riri kumwe n'ishure shingiro
ECOFO-Kinama-III Sainte Famille, ayo mashure uko ari abiri ni amashure akukira Ekleziya Katolika muri Paruwase Kinama. Yavukiye rimwe mu mwaka w'1996, ubu haraheze imyaka 25 avutse, kandi arabangikanye mw'itongo rifatanye ry'iyo Paruwase.
Kuri uwo musi wa Gatandatu rero akaba yari aramutse ahimbaza yubile yayo y'umujumbu, ku civugo kigira kiti: «Turamurire igihugu na Ekleziya mu gutanga indero runtu na rukristu, n'inyigisho z'akanovera zijanye n'igihe ca none». Mu nsiguro yatanzwe n'Umugenduzi w'igisata ca Diyoseze Nkuru ya Bujumbura gifise mu butumwa bwaco indinganizo y'amashure akukira Ekleziya Katolika, Patiri Eddy Kwizera, yaragarutse kuri bimwe bimwe mu biranga umwaka wa yubile. Yavuze ko mu gisata c'indero, yubile ari umwaka mweranda, ukaba n'umwaka w'ukuzirikana kw'ibanga abarezi bajejwe mu mashure yabu. Ikindi, ngo ni umwaka w'ikigongwe c'Umukama, n'ugusubiza hamwe.
Ibirori vyabandanirije mu kigo c'ishure ryisumbuye ryitiriwe Umuryango Mweranda «Lycée Sainte Famille» ryo mu Kinama, ahavugiwe amajambo y'uwo musi. Ijambo nyamukuru ry'ivyo birori ryashikirijwe n'Umuyobozi w'iryo shure, Umushingantahe Alexis Niyonzima, kw'izina ry'ayo mashure abiri. Amaze gutanga ikaze ku batumire no ku bari aho, yarabashimiye ku kuntu bashigikira ayo mashure.
Muri iryo jambo, Umuyobozi w'iryo shure ntiyasize inyuma ibikorwa bipfuza kurangura muri uyu mwaka wa yubile. Mu vyo yashikirije, yarashimikiye ku mugambi w'ukwubaka inzu y'amanama n'ibirasi bitatu, mu ntumbero y'ugushiraho igice ca kane bita ic'inyuma y'ishure nshingiro kw'ishure ECOFO-Kinama-III Sainte Famille. Yasozereye ijambo ryiwe atera akamo abagiraneza gufasha mw'irangurwa ry'iyo migambi.
Eka hari n'ayandi majambo yagiye arashikirizwa n'abari aho, uhereye ku wuserukira abavyeyi, be n'uwaserukiye abize kuri ayo mashure. Abo bose bahurije kw'ijambo ry'ubukengurutsi, aho bakengurutse ku ndero itangwa kuri ayo mashure abiri. Bakaba rero barateye intege Ubuyobozi bw'ayo mashure ngo bukomere ku muheto mu kurerera Uburundi na Ekleziya.
Ku ruhande rw'Ubushikiranganji bw'Indero n'Inyigisho z'Imyuga, ijambo ryashikirijwe n'uwaserukiye Umushikiranganji muri ivyo birori, Umushingantahe Hermenegilge Burikukiye, Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushiranganji. Na we nyene yarakeje ayo mashure abiri, ariko arakeza vy'umwihariko Ishure ryisumbuye ryitiriwe Umuryango Mweranda «Lycée Sainte Famille», ku mwimbu mwiza ryama rironka mu bibazo vya Leta. Yaciye agirako yemera ko agiye gufasha bimwe biboneka ngo iryo shure rironke umwigisha ryipfuza, w'icigwa cigisha imibereho y'abantu n'iy'isi, "Sciences Humaines et Sciences de la Terre" mu gifaransa.
Mwomenya ko mu bo ayo mashure amaze kuramura, harimwo n'abasaserdoti bagera kuri bane.
Alexis Niyonzima, Paruwasi Kinama