Ivyo bikorwa vy'umusi witiriwe «umusi w'imiryango yuguruye» y'iyo nsamirizi ya Bikiramariya vyatangujwe n'uguhezagira Agasengero k'uguherezamwo Inkuka y'imisa kari mu nyubakwa z'iyo nsamirizi, be n'inyubakwa nyene n'ivyuma vy'insamirizi, ku muhezagiro watanzwe n'intumwa y'Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, Patiri Gélase Mugerowimana, ari na we yaciye agirako arongora Inkuka y'imisa y'ubukengurutsi. Ibindi bikorwa vy'uwo musi, ari na vyo nyamukuru, vyabaye ahanini ugutembereza nyezina abatumire mu bibanza bitandukanye vy'inyubakwa za Radio Maria Burundi (RMB), harimwo n'ahari ivyuma vy'ubuhinga bw'ugusamiriza amajwi. Ariko kandi imbere y'aho hakaba hari n'amajambo ajanye n'urwo rumarwa yabanje gushikirizwa.
Ijambo ry'ikaze n'iry'intangamarara ryashikirijwe n'Umwibutsamana wa Radio Maria Burundi, akaba n'Umuyobozi wayo, Patiri Désiré Bireha, aho yabanje gukengurukira Umwepiskopi wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, we ataravye ukuntu yafatitiwe ngo ahebe gushigikira ico gikorwa, ahubwo akaba yaragenye umuserukizi, ari we Patiri Gélase Mugerowimana ngo abe ari we atera iteka ivyo bikorwa. Eka n'uyu musaserdoti nyene, uwo mwibutsamana wa Radio Maria Burundi yaramukengurukiye ko yemeye akagamburukira Umwepiskopi, maze agaheza agahezagira agasengero, inyubakwa zose n'ibikoresho vy'iyo nsamirizi, kandi akanahezagira n'abari ngaho bose, anahereza n'iyo Nkuka y'imisa y'ubukengurutsi. Patiri Désiré Bireha akaba yasozereye yerekana abagize Urwego Nshingwabikorwa rw'ishirahamwe Radio Maria Burundi (ARMB).
Rero, imbere y'irangurwa ry'ibikorwa nyezina vy'uwo musi vy'ukwugururira bose imiryango ya Radio Maria Burundi, uwabanje kumenyesha ubutumwa, abakozi n'abafashabutumwa b'iyo nsamirizi ni Umukuru w'ishirahamwe Radio Maria Burundi (ARMB), Umushingantahe Laurent Kagimbi, ari na we aserukira Radio Maria Burundi imbere y'amategeko. Yaciye yunganirwa na Athanase Tumagu Hakizimana, umuhuzabikorwa muri iryo shirahamwe, uyu na we akaba ari we yashikirije ivyaranguwe ku bw'ibikorwa vy'iyo nsamirizi, araheza rero asigura n'imigambi bakiriko barashira mu ngiro, ariko irahera, be n'iya kazoza. Ibindi vyaranze ivyo bikorwa bikaba vyabaye udukino dutandukanye twari twateguwe n'umugwi «Wigore» wama utunganya udukino dutandukanye duca kw'insamirizi y'Umuvyeyi Bikira Mariya.
Insamirizi y'Umuvyeyi Bikira Mariya mu Burundi rero, ari yo «
Radio Maria Burundi» mu gifaransa (RMB), ni Imwe mu Nsamirizi zisamirana mu gihugu c'Uburundi, ikaba ikukira Ekleziya Katolika. Iyo Radio iri mu rukurikirane rw'izindi Nsamirizi zishika 40 z'Umuvyeyi Bikira Mariya zisamirana kw'isi yose, zikukira ibihugu 40 nyene, zihurikiye mu muryango mukuru witwa mu congereza «World family of Radio Maria» canke WFRM emu mpfunyapfunyo, umuryango watangujwe n'Ishirahamwe Radio Maria ryo mu Butaliyano. Na ryo ishirahamwe ARMB rikaba rero rikaba ari rimwe muri ayo mashirahamwe, umugabane wa Afrika ukaba mbere ufisemwo amaradio 11 nk'ayo.
Iciyumviro c'ugushinga Radio Maria Burundi cazanywe na nyakwigendera Musenyeri Yohakimu Ruhuna, yari Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze ya Gitega. Yiyumviriye ishingwa ry'iyo nzamirizi mu gihe yari mu rugendo rw'ubutumwa i Roma. Ico gihe, bugingo aruhutse, yariko yiyugururira akaradiyo ku gutwi ngo abe arumviriza ayavugwa irya n'ino. Ni ho yaguma atembereza urushinge rw'iradiyo, maze aja yumva aserukiye ku yifise ibiganiro yisangije: ibisabisho, inyigisho ndoramana, indirimbo z'Ekleziya Katolika, be n'ibindi biganiro vyaremesha imibano myiza n'iteka ry'umuntu. Imbere yaho ntiyashobora kwibaza ko hoba hariho insamirizi ivuga ivyo gusa. Ni ho yaheza akabarikiririza ivy'iyo Radio. Araheza atangura kuyaga n'abaserukizi b'umuryango WFRM, gushika bapfundike amasezerano ko hobaho umugambi w'ugushinga Radio Maria Burundi.
Intore ntiramba, ikibazo kigoye kirashikira Musenyeri Yohakimu Ruhuna, aragandagurwa ku wa 9 Nyakanga 1996, atarashira mu ngiro iyo ndoto y'ukubona Insamirizi y'Umuvyeyi Bikira Mariya isamirana ku butaka bw'Uburundi. Uwo mugambi uri buhave ubandanywa n'Umusubirizi wiwe, Musenyeri Simoni Ntamwana yaciye ategera n'ingoga inkenerwa y'ugushiraho iyo Radio, ubona ko hari no mu gihe c'indyane hagati ya bene Burundi, indyane mbere zitasiga inyuma n'abakristu bo muri Ekleziya; araheza rero arumva ko hari hakenewe insamirizi yocamwo ubutumwa bw'ukuremesha imitima y'Abarundi n'ukubashikiriza Injili. Umugambi rero urabandanya.
Umwepiskopi Mukuru mushasha wa Diyoseze Nkuru ya Gitega, Musenyeri Simoni Ntamwana, nguyo aratanze inyubakwa z'urufatiro za Radio Maria, ku musozi Nyabiharage, i Gitega. Azoheza atanguze n'ibikorwa vy'ugushiraho Ishirahamwe Radio Maria Burundi, ARMB, hatunganywe n'inyigisho za mbere ku ndinganizo z'ibikorwa vyazo n'ivy'iyo nsamirizi. Maze kw'igenekerezo rya 1 Mukakaro 2004, Insamirizi iratangura gusamirana ubwa mbere, ku murongo wa 98,4 MHz. Iyo tariki ni na yo mbere yafashwe nk'iy'isabukuru y'Insamirizi y'Umuvyeyi Bikira Mariya mu Burundi.
Ibirimwo igisabisho bigenda neza, ng'ubwo ubutumwa bw'Insamirizi burihuse vuba, n'ubwo intango yama igora, kandi ikaruhisha; ariko uwugumijwe n'Umuvyeyi Bikira Mariya ntatirigana, ahubwo uwo Muvyeyi araheza akamufata ukuboko, akamujana mu kibanza gitanga akarusho. Nguwo uwo Muvyeyi amurikiye iciyumviro c'ukwimurira iyo Nsamirizi i Bujumbura, ariko hatabanje kwimurwa umurongo w'i Gitega uzohava ifasha nk'ishami.
Na we Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura iyo Nsamirizi yimuriwemwo, araheza ayakirana urweze; Musenyeri Évariste Ngoyagoye, mu mwaka w'2006, yaciye atanga inyubakwa ku kirimba ca Diyoseze, haba ari ho hashingwa icicaro c'Insamirizi RMB. Umuvyeyi Bikira Mariya, Umugabekazi w'isi n'ijuru, araheza arabungabunga Insamirizi yiwe. Aho ibintu bigeze ubu, intambwe irashimishije: kuva ubwo ubuhinga bw'ivyuma bwarateye imbere, Insamirizi irasamirana amasaha 24 kuri 24, kandi gushika kure mu zindi ntara z'igihugu, eka mbere no mu bihugu bibanyi, tutibagiye ku mihora ngurukanabumenyi (Internet).
Mwomenya ko Insamirizi y'Umuvyeyi Bikira Mariya («Radio Maria Burundi» RMB) iha ikibanza bose, kumwe n'Umuvyeyi Bikira Mariya, ngo bamenyeshe Inkuru Nziza. Baba abalayike, abasaserdoti n'abihebeye Imana, bose bakaba bahurira mu mutamana w'Umuvyeyi ngo bakwire kw'isi yose bakoresheje ubuhinga bwayo, bamenyeshe ikiremwa-muntu cose Jambo yigize umuntu akabana natwe, akaducungura, nk'uko biri mu butumwa Kristu yasigiye abigishwa biwe (Mariko 16,15). Akarangabutumwa k'iyo Nsamirizi kakaba ari ukumenyesha Inkuru Nziza y'Ubwami bw'Imana, hisunzwe ukwemera kw'Ekleziya Katolika, kandi hakoreshejwe ubuhinga bwite bw'Insamirizi, be no ku kwiheka ku Muvyeyi Bikira Mariya.
Michel Nibitanga, CEDICOM