Ugusozera umwaka w'ubutumwa w'2019 ushira 2020 ku bagize umugwi w'abihebeye Imana bakukira Paruwase Katedrale Regina Mundi
Itariki: 12/6/2020Ababisomye 27763 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
«Mwese ntimuzopfa urw'abamaratiri, ariko ku bw'indagano mwaraganiye Umukama, muhamagariwe kubaho mu bumaratiri bwa misi yose!», vyavuzwe na Patiri Modesto Todeschi, mu nyigisho yatanze kuri uwo musi w'uusozera Umwaka w'ubutumwa
Ku musi wa Gatandatu igenekerezo rya 6 Ruheshi 2020, igihe c'isaha zitatu n'igice zo mu gitondo, umugwi w'abihebeye Imana bakukira Paruwase Katedrale Regina Mundi, bari baramukanye urubanza rwo gusozerera hamwe umwaka w'ubutumwa w'2019 ushira 2020. Urwo rubanza rwabereye muri Paruwase yitiriwe Umweranda Guido Maria Conforti mu Kamenge.

Abihebeye Imana bakukira Paruwase Katedrale Regina Mundi basanze bibereye ko bohurira mu gasengero kitiriwe Bikira Mariya Mugabekazi w'amahoro n'ikigongwe, kubatswe nk'icibutso c'ababikira batatu bo mu Muryango w'Abasaverianokazi bagandaguwe kw'igenekerezo rya 7 Nyakanga 2014 aribo mama Lucia Pulici, mama Olga Raschietti na mama Bernadette Boggian.

Ibikorwa vy'uyo musi vyaranzwe cane cane n'inyigisho zerekeye «Ubumaratiri n'ubuzima bwo kwihebera Imana». Patiri Modesto Todeschi wo mu Muryango w'Abasaveriano yatanze inyigisho, yabafashije kuzirikana ku Bumaratiri n'ubuzima bw'ukwihebera Imana. Yarabamenyesheje ko bose batazopfa urw'abamaratiri ariko ko bahamagariwe, kubw'indagano baraganiye Umukama, kubaho mu bumaratiri bwa misi yose.

Yashimikiye cane cane ko kugira umutima utekanye kandi ugabiye kurangura ishaka ry'Imana vyoba inkingi y'ubuzima bw'abihebeye Imana. Urukundo, ukwiyibagira bijanye n'ububabare vyoba umushinge uwihebey'Imana wese yubakira ko.
Uwo musi waranzwe kandi no guhabwa isakramentu ry'ikigongwe kubari barikeneye bose, imbere yo gusangira igisabisho c'inkuka ya misa. 

Ibikorwa vy'uwo musi vyabandanirije mu nyubakwa y'inama ya paruwasi. Uwuserukira uwo mugwi w'abihebey'Imana, mama Anna Chantal Nduwayezu afadikanije na mama Alphonsina, umunyabigega, barashikirije ivyaranguwe mu mwaka wose. Harabaye kandi umugirwa w'ugutangaza icese imibano yatowe nk'Abagenzi bo mw'ibanga (Amies inconnues).

Mu kurangiza, Patiri Modesto yaciye abatumirira kuduza ibiganza ngo baronke umuhezagiro. Bawuronse bose baririmba bati: «Ese Imana yoduhezagira».

Sr Marie Chantal Kabanyiginya, Paruwase Katedrale Regina Mundi 
Ivyiyumviro

Aleluya. Kristu yarazutse; umuco wiwe waratuboneshereje, twebwe yacunguje atnaraso yiwe. Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 52-59)

Muri irya misi,

Abayuda baja mu gaharira, bavuga bati: «Uwo ashobora ate kuduha umubiri wiwe ngo tuwufungure?» Yezu arababwira rero ati: «Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: mudafunguye umubiri w’Umwana w’umuntu, ntimunywe n’amaraso yiwe, nta buzima muzogira. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, arafise ubuzima budahera. Nanje rero nzomuzura ku musi w’imperuka. Na none umubiri wanje ni imfungurwa y’ukuri, amaraso yanje na yo ni inyobwa y’ukuri. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, aba muri jewe, nanje nkaba muri we. Nk’uko Data Nyenubuzima yantumye ari we ambeshaho, ni ko n’uwumfunguye ndamuha ubuzima. Uyo rero ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru. Ntumeze nk’umwe basokuru banyu bafunguye, hanyuma bagapfa. Uwuzofungura uyo mukate azoramba mu myaka yose.»

Ivyo Yezu yabivuze yigishiriza mw’isinagoga i Kafaranawumi.  

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 204
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI