Umusi mukuru w'Isakramentu Ryeranda ingene wahimbajwe muri Paruwase Katedrale Regina Mundi
Itariki: 16/6/2020Ababisomye 19102 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
«Ni isakramentu ry'agaheta kuko ari ryo Yezu yashimye kwishushanyamwo mu mukate n'umuvinyu. Yezu yabigize gutyo kubera urukundo adufitiye ngo dushobore kuza turamwihereza ataduteye ubwoba. Yabigize gutyo kandi kugira ngo abandanye yibanira natwe muri uru rugendo turimwo ngaha kw'isi», vyavuzwe na Musenyeri Banshimiyubusa Gervazi aho yariko ahimbaza umusi w'Isakramentu Ryeranda
Ku w'Imana igenekerezo rya 14 Ruheshi 2020, ukaba n'umusi w'Imana ugira kabiri inyuma y'umusi mukuru wa Pentekote, Ekleziya Katolika ni ho yahimbaza umusi mukuru cane w'Isakramentu Ryeranda ry'Ukaristiya. Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa arongoye Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, uwo musi yawuhimbarije muri Paruwase Katedrale Regina Mundi.

Mu ntango z'iyo nkuka ya misa, Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yaramenyesheje ko uwo musi mukuru ushitse mu gihe uwahora arongoye igihugu c'Uburundi aheruka kwitaba Umuremyi, maze atangurana iri jambo ry'indemesho: «Turi mu bihe bidasanzwe, bidusaba ko twese twihangana tukigumya, tukagumya ubumwe n'ukurengera ibishobora kudutandukanya vyose, kugira ngo n'ibi bihe bidasanzwe, tubicemwo nk'abakristu nyene, nk'abemera Imana».

Umwepiskopi yaratumiriye abari aho ko nk'abemera ko Yezu Kristu abandanya abana n'abiwe muri iryo Sakramentu Ryeranda ry'Ukaristiya riri mu bimenyetso vy'umukate n'umuvinyu, ariko vyahindutse Umubiri n'Amaraso vya Yezu Kristu, bosabira Uburundi, bafise ukwemera gukomeye, kugira ngo Abarundi bagume baremye, kandi babandanye babana mu mahoro.

Na ho mu nsinguro yatanze ijanye n'uwo musi mukuru, yishimikije ibisomwa vyeranda yigishije ko, n'aho hari amasakramentu indwi muri Ekleziya, uwo musi witwa umusi mukuru w'Isakramentu Ryeranda, kuko ngo Ukaristiya ari ryo Sakramentu ry'agaheta, rikura ayandi yose: «Mbere novuga ko ari ryo sakramentu nkomoko y'ayandi yose; ni isakramentu ry'agaheta kuko ari ryo Yezu yashimye kwishushanyamwo mu mukate n'umuvinyu; Yezu yabigize gutyo kubera urukundo adufitiye ngo dushobore kuza turamwihereza ataduteye ubwoba; Yabigize gutyo kandi kugira ngo abandanye yibanira natwe muri uru rugendo turimwo ngaha kw'isi». 

Yarongeyeko kandi n'igituma iryo Sakramentu Ryeranda tugirira umusi mukuru, ko ngo ari rimwe Yezu Kristu yagize ku wa Kane Mweranda mu bimenyetso vy'Umukate n'Umuvinyu, yibukiriza ya Pasika ya kera. Umwepiskopi araheza amenyesha ko Yezu yahavuye abirangura mu Mubiri n'Amaraso vyiwe ku wa Gatanu Mweranda, igihe yitanga wese ku bw'urukundo adufitiye, akaduhebera atyo umubiri n'amaraso vyiwe, gushika ku kama ka nyuma.

Kubwa Musenyeri Banshimiyubusa, Ukaristiya ngo yibutsa kandi ya mana bene Israëli bafunguriwe mu bugaragwa, kuko n'aho iri mu tumenyetso tudashemeye ari infungurwa ikwiye ngo uwuyihereje ashobore kugumya inzira y'iteka ishikana ku buhirwe budahera. Ariko rero ngo uwugomba gukomeza urwo rugendo yitwararika kuyakira neza, yiteguye neza ni ho uwo yakiriye amwigisha kubana mu bumwe, gukundana n'ugufashanya.

Muri Katedrale Regina Mundi, uwo musi mukuru waranzwe kandi n'ugushengerera Yezu muri Ukaristiya aho abakristu basabiye Ekleziya, Papa, Abepiskopi, Abasaserdoti, abihebey'Imana, igihugu, abatwara, imiryango, abarushe n'abihebuye n'abandi. Basaba ngo Yezu yashimye kubana n'abantu aze abamare irungu ryose, ng'ubwami bwiwe buze. Na We Yezu muzima mw'Isakramentu Ryeranda yaratemberereye igihugu ciwe, aragihezagira, aragikorako, aragikiza.

Trinide Dusabe, Paruwase Katedrale Regina
Ivyiyumviro

Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima. Umukama yavuze ati: «Ndabahaye itegeko rishasha: nk’uko ndabakunda, nimukundane namwe.» Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (13, 1-15)

Yezu yarabakunze urutiziganya

Imbere y’umusi mukuru wa Pasika, Yezu kuko yari azi ko ubutigu bwiwe bwo kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se bwashitse, kandi kuko yari yakunze abiwe bo kuri iyi si, yarabakunze urutiziganya.

Uwo musi bariko barafungura, Shetani yari imaze gushira mu mutima wa Yuda Isikariyoti mwene Simoni imigambi yo kumugurisha, Yezu na We yari azi ko Se yamugabiye ibintu vyose, ko yakomotse ku Mana kandi agira ngo asubire ku Mana.

Mu gihe bariko barafungura rero, Yezu yavuye ku meza, akūra umutamana wiwe, yakira igitambara, aragikanyera. Hanyuma asuka amazi mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa biwe no kubihanaguza nya gitambara akenyeye.

Ashikiriye Simoni Patero, Patero amubwira ati: «Mukama, ari Wewe unyoza ibirenge!» Yezu aramwishura ati: «Ico ngira nturi bugitegere ubu, uzogitegera hanyuma.» Petero aramubwira ati: «Ntirikabe, ntuzokwigera unyoza ibirenge!» Yezu asubizayo ati: «Nintakwoza, nta co uzoba ugisangiye nanje.» Simoni Petero amubwira ati: «Mukama, nivyaba ari ivyo, ntunyoze ibirenge bisa, nyoza n’umutwe n’iminwe!» Yezu amubwira ati: «Uwamaze kwiyuhagira ntaba agikeneye kwozwa, kuko ata mwanda aba afise; namwe nyene muri beranda ariko si mwese.» Na none yari azi uwuza kumugurisha; ni ko kuvuga ati: «Ntimuri beranda mwese.»

Ahejeje kuboza ibirenge, yambara umutamana wiwe, asubira ku meza, ababwira ati: «Mwategereye ico nabagiriye? Munyita Mwigisha na Mukama, kandi muvuga ukuri, kuko ndi we. Ko rero jewe Mukama Mwigisha nabogeje ibirenge, mubwirizwa namwe kwozanya ibirenge. Nabahaye akarorero, ngo namwe mwigenze nk’uko nabagiriye.»

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 76
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI