Kuri uwo musi wa gatandatu, abagize umugwi wa Paruwase ujejwe amakuru bari bishikiye aho ibikorwa vya Paruwase yo mu Ruziba vy'ugusanura ingoro y'Imana vyariko birabera. Basanze ivyo bikorwa biriko birangurwa ukuri kwamye, mbere n'umukuru w'Inama nkuru ya Paruwase akaba yariko arafashanya n'abandi bakristu ba Paruwase muri ivyo bikorwa, akoresha inguvu nk'abandi bose.
Mu mugwi wa Paruwase Ruziba w'ukumenyesha amakuru bashatse kumenya uko abahujwe n'ivyo bikorwa babona intambwe bagizeko, maze baravugana n'abari ku kivi. Damien Ciza, Umukuru w'inama nkuru ya Paruwase Ruziba, yaragize ico abivugako. Yagize ati:
«Ibikorwa aho bigeze birashimishije!».
Yabandanyije asigura aho ibikorwa biteye. Yavuze ko mu nshinga zitatu biyemeje kwagura, imwe muri zo yamaze kurangira, ko ubu bariko barayisukura neza. Iyigira kabiri na yo ngo iramaze kwubakwa, gushika ku gihimba co hejuru (chaînage supérieur). Na yo iyigira gatatu ngo umushinge (chaînage inférieur) waramaze kurangira. Ku bwiwe rero ngo ibikorwa bigeze Kure.
Ariko n'ubwo biri uko, yaragize n'ico yisabira abakristu, kuko urugendo rworwo rukiriho:
«Gushiramwo ukwitanga kurusha!» Na ho ku bijanye n'ukwo kuntu vyaboneka ko ibikorwa abikorana inguvu nyinshi, yishuye ati:
«Ibi ndabikora ngo nterere mu nguvu Umukama yandonkeje, kandi ntange n'akarorero ku bandi bakristu!» Ku bijanye n'ukuntu abakristu bitabira ivyo bikorwa, yavuze yuko bafasha cane mu ntererano, ndetse no mu gisabisho.
Eka ngo n'umuryango w'abapasaserdoti basanzwe bararagijwe iyo Paruwase, ngo barafise ico baterera. Yavuze ko baterera cane mu bijanye n'uburyo bw'amafaranga, kandi ko bamaze gutanga ayatari make.
Ku bijanye n'ikiringo bihaye ngo bazobe barangije gusanura iyo ngoro y'Imana, yavuze ko ata kiringo bihaye, ko bo bubaka gusa, Umukama We nyene akaba ari we azorangura ikiringo. Ariko ngo ku mwanya abo bakristu bobo biyumvira, babona umenga bizogenda neza.
Yasozeye atumirira abakristu kurushirizaho kwitangira uwo mugambi, kuko ngo ari uwabo. Mwomenya ko ibikorwa nyezina vyo gusanura iyo ngoro y'Imana vyatanguye kw'igenekerezo rya 28 Gitugutu 2019, bitanguriye ku gice giherereye kw'ibarabara rya Bujumbura Rumonge, ico na co kikaba caraheze.
Donatien Nzobonimpa, Paruwase Ruziba