Muri iyi nkuru dusangamwo amazina y'imisore 22 y'abapfiriye Umukama b'i Buganda, n'ukuntu urupfu rwabo rwagenze
Abamaratiri b'i Buganda ni imisore 22 y'abapfiriye Umukama b'Abakatolika b'i Buganda bazwi nk'abakiriye inyigisho y'abapatiri bera. Ariko hariho n'abandi batari Abakatolika; abo na bo ni nk'aba Anglikani.
Ingene Ubuganda bwamenyeshejwe Injili ya Yezu Kristu ni uku gukurikira
Patiri Simon Lourdel hamwe na Furera Amans bo mu bapatiri bera bashitse muri ico gihugu kw'igenekerezo rya 17/2/1879. Bakiriwe n'umwami Mutesa abaha n'uruhusha rwo gushinga misiyoni y'abakatolika i Rubaga hafi y'ikirimba c'Umwami i Kampala. Ariko imbere yabo, hari habanje gushika abo mw'idini y'aba Islamu mu mwaka w'1844 n'aba Anglikani mu 1877.
Aba mbere bakiriye inyigisho y'abapatiri bera ni cane cane abatoni n'abakevyi b'ibwami. Mu 1882, abapatiri bera bumvise ko umutekano wabo udakwiye baciye bahunga, bagaruka ku ngoma y'Umwami Mwanga mu 1885, na we abakira neza.
Ariko rero bidatevye, umushikirangoma wa mbere, ari kumwe n'abari bashigikiye abarabu, baciye baja mu matwi umwami bamwosha kugirira nabi abakristu ku citwazo c'uko bano ata kindi bagamije atari ugutembagaza ubutegetsi bwiwe.
Ni ho rero hatangura hakicwa umwepiskopi w'umu anglikani hamwe n'abo bari kumwe. Abo bakristu bo ku kirimba ntibanezerejwe n'urwo rupfu, barabwira umwami ko bitari bikwiye ko akora iyo nabi. Umwami na we abamanira akajirya.
Umumaratiri wa mbere w'umukatolika ni uwitwa Yozefu Mukasa yaciwe umutwe kw'itariki ya 15/11/1885. Kw'itariki ya 25/5/1886, umwami Mwanga yari avuye mu ruhigi, yabuze igikoko na kimwe, ataha adahimbawe, ashitse ku kirimba arabura n'umwe yomwakira mu bamusukurira kuko bari bagiye mu nyigisho z'Ijambo ry'Imana. Ni ho rero yashangashirwa aca akoranya inama y'abamufasha gutwara, bose banama kwica uwo wese adahevye ubukristu.
Abakevyi bari babaye abakristu baranse guhindura ngo bahebe ukwemera kwabo, haca hafatwa ingingo yo kubica bose. Kw'itariki ya 3/6/1886 i Namugongo, ni ho hicwa imisore 32 irimwo Abakatolika n'aba Anglikani babicisha amacumu, baboherwa mu birago baraturirwa abatari bake muri bo bicwa n'imbeya z'umuriro bakibona.
Muri urwo ruhamo ntibigeze bihebura ngo badohoke ku kwemera kwabo, nyabuna bararemeshanya, mbere uwari kiremesha muri bo ni uwitwa Karoli Lwanga. Umuto muri bo yitwa Kizito yari afise imyaka 14 gusa. Uwishwe ubwa nyuma ni Yohani Mariya Muzeyi (? 1887).
Bashizwe mu bahimbazwa na Papa Benedikto wa XV itariki 6/6/1920, bashirwa mu gitabu c'aberanda i Roma mu gihe hariko haraba Inama Nkuru ya Vatikano ya II itariki ya 18/10/1964 na Papa Paulo VI akikijwe n'isinzi ry'abepiskopi.
Uko umwaka utashe abakristu batari bake bava irya n'ino kw'isi baragira urugendo rweranda kw'itariki ya 3/6 baja mw'Isengero nkuru yitiriwe abamaratiri b'i Buganda i Namugongo.
Amazina y'abamaratiri b'i Buganda
-Achille Kiwanuka (+1886);
-Adolphe Ludigo Mkasa (+1886);
-Ambroise Kibuka (+1886);
-Anatole Kiriggwajjo (+1886);
-André Kaggwa (+1886);
-Athanase Bazzekuketta(+1886);
-Bruno Seronuma (SĂ©ron Kuma) (+1886);
-Jacques Buzabalio (+1886);
-Charles Lwanga (+1886);
-Denis Sebuggwao (+1886);
-Gonzague Gonza (+1886);
-Gyavira (+1886);
-Jean-Marie Muzei (+1887);
-Joseph Mkasa Balikuddembé (Joseph Mukassa) (+1885);
-Saint Kizito (1873 - +1886);
-Luc Banabakintu (+1886);
-Mathias (Mulumba) Kalemba (+1886);
-Mbaya Tuzinde (+1886);
-Mgagga (+1886);
-Mukasa Kiriwanwu (+1886);
-Noé Mawaggali (+1886) ;
-Pontien Ngondwe (+1886).
Patiri Olivier Ndayisaba, CEDICOM