Ku bw'uwo musaseredoti, umukristu iyo asoma ijambo ry'Imana riri muri Bibiliya Nyeranda, ngo nta kindi aba ariko arondera atari ukuri kw'Imana hamwe no kuraba ico iyo Mana ibandanya ibwira umuntu umwe umwe mu buzima bwiwe bwa misi yose. Yabandanije asigura ko Bibiliya Nyeranda ari ikoraniro ry'ibitabu vyinshi vyahumetswe n'Imana ibicishije ku bo yitoreye ku bubasha bwa Mutima-Mweranda.
Patiri Yohani Hakizimana yabandanije asigura ukuntu umuntu yotegera ivyo vyanditswe Vyeranda: «Uwusoma ategerezwa gukoresha imvugo yakoreshejwe n'umwanditsi, akarondera n'inyigisho Imana iba yaratanze iciye kuri uwo mwanditsi!», ni ko uwo musaserdoti yabivuze, amenyesha ko na cane cane umuntu yosoma iryo jambo ry'Imana azirikana ko ariko arondera muri ico gitabu ishaka ry'Imana.
Uwo mwigisha yaravuze kandi ko Ijambo ry'Imana rifise akamaro, ububasha n'ubukuru, ngo haba mu kwigisha, mu guhanura no mu kujijura. Eka ngo n'amasakaramentu nti n'uko, ngo bifise akamaro vyose: «Amasakaramentu afasha gutegera ko Imana ari Nzima, ivyo bimenyetso vyeranda bikaba ari na vyo bifasha gutegera urukundo rw'Imana; na vyo ivyamwa uwusoma akongera akazirikana Ijambo ry'Imana aronka ni akanyamuneza, ukutagira ubwoba, ukudasubira kwijirirwa», iyo ni yo ngereranyo yatanze.
Uwo yatanze iyo nyigisho yasozereye avuga ko uwusomye iryo jambo ry'Imana. akarizirikana, akongera akaritegera, aba akwiye guca aja kumenyesha abandi na bo Inkuru Nziza ya Yezu Kristu, akagirako akanamushingira intahe. Yagiriyeko ahamagirira abari aho kwama basoma Ijambo ry'Imana n'aho boba bari mu magorwa, kugira ngo bategere ko Yezu ari muzima mu buzima bwabo bwa misi yose. Kukaba nka kwo, ngo ijambo ry'Imana ni Ubuzima.
Tubibutse ko mu rukurikirane rw'izo nyigisho z'uguhimbaza ukwezi kwahariwe Bibliya Nyeranda, abakristu bo mu Kanyosha baronse inyigisho zine. Inyigisho ya mbere yari Ikigongwe, ugusubiza hamwe n'ukurekuriranira yatanzwe na Patiri Calioppe Bazitwinshi. Inyigisho ya kabiri na yo yari yerekeye uburyo bwo gusoma no kuzirikana ijambo ry'Imana, yatanzwe na Cyriaque Bucumi arongoye umugwi w'abagenzi ba Bibliya mu Kanyosha, akaba n'umukuru w'inama nkuru ya Paruwase Kanyosha. Inyigisho igira gatatu na yo yatanzwe na Patiri Venuste Niyontore, asanzwe ari umuyobozi w'ishure ryigisha abamenyeshamana riri i muri Paruwase Mutumba.
Hamwe n'ukwo guhimbaza ukwo kwezi kwahariwe Bibiliya Nyeranda nyene, Paruwase Kanyosha ihagarariwe na Patiri Thomas Mugirente, Patiri mukuru, abicishije mu matangazo yavuzwe kuw'Imana igenekerezo rya 21 Ruheshi, yari yahamagariye abakristu gushigikira ubutumwa bwa Bibiliya mu gutanga amashikanwa. Amashikanwa yose yatanzwe kuri uwo w'Imana igenekerezo rya 28 akaba agenewe guteza imbere ubwo butumwa.
Gonzalve Ntashimikiro, Paruwase Kanyosha