Mw'ijambo rya Paul Miki Roamba, yarashimikiye ku ntererano ubuhinga bwa none bw'ukumenyesha amakuru bwagize kuva aho ikiza c'indwara ya Corona virus gitereye. Ku bw'umwihwezo yagize, ngo yasanze bwo buhinga bw'ukumenyesha amakuru bwarafashije benshi mu bakristu mu gihe bari bugaranywe mu mazu yabo, kuko ngo baguma baronka inyigisho ndoramana, kandi ngo bakanaronka n'ubufasha bw'itumatumanako ry'amakuru ajanye na Ekleziya, gutyo ngo bakaharonkera ikibaremesha muri ico gihe kitoroshe barimwo.
Na we Umushingantahe Stanislas Saralta, mu ciyumviro yashikirije, yaravuze ko ahubwo binakwiye ko ubwo buhinga bwonakoreshwa no mu vy'ugutororokanya uburyo bukenewe ngo Inkuru Nziza y'Ubwami bw'Imana ibandanye imenyekana hose.
Ifoto ya Stanislas Saralta wo mu gihugu ca Tchad, arongoye ikigo Bayard Afrique
Iciyumviro ciwe akaba yagishikirije mu ngingo zitatu zikomeye: Ukurondera kumenya uburyo bwa none bw'ukumenyesha amakuru bukurikirwa na benshi gusumba ubundi kandi bukoreshwa ku rugero runini ngo ngo bube ari bwo bushimikirwako mu kubwongerereza inguvu nyinshi gusumba; ukurondera n'ugushigikira ibinyamakuru vy'Ekleziya bihurumbirwa ngo bigirwe imihora abantu baronkerako inkuru nshasha; hamwe n'uguhindura intahemuka ababikurikirana.
Uwo aserukira ibinyamakuru vy'Ekleziya katolika mw'ishirahamwe UCAP mu gihugu ca Tchad, yaranashikirije kandi ko honakoresha n'uburyo bwitwa "Fundraising" bw'ukurondera izo mfashanyo z'ugushigikira ubutumwa bw'Ekleziya bw'Ukumenyesha Inkuru Nziza. Akaba abona ko ubwo buryo ngurukanabumenyi nyene bw'ukumenyesha amakuru, n'aha nyene bwogira ico bufashijemwo muri ico gikorwa.
Twobibutsa ko kuva aho ico kiza c'indwara ya Corona virus gitereye kw'isi, Ekleziya Katolika na yo nyene ingorane nyinshi zayikozeko, kuko usanga henshi kw'isi amasengero yayo yarugawe, bigatuma uburyo abakristu bari bamenyereye bw'ugutunganya ivy'amasabamana butaba bugushoboka, ku gutinya kwandura imigera y'iyo ndwara yandukira ku rugero ruteye ubwoba. Ndetse n'aho bayugururiye, benshi bakaba bagitinya kuja gusengera hamwe n'abandi.
Ni aho rero uruhara rw'ibinyamakuru bikukira Ekleziya Katolika ruheza rukaba kirumara, na cane cane biciye kw'ikoreshwa ry'ubwo buhinga bwa none bw'ugutanga amakuru, gutyo Inkuru Nziza ikabandanya ikwiragira hose, haba mu nyigisho zica kuri ubwo buhinga ngurukanabumenyi, eka mbere n'inkuka z'imisa zerekanwa ikibiriraho.
Twibutse ariko abakristu ko n'ubwo ivyo binyamakuru bikukira Ekleziya Katolika vyovyo bigerageza kuremesha abana b'Imana, hatabuze ibindi binyamakuru vyovyo usanga ikibiraje ishinga ari ugutangaza inkuru zibahuvya, bikoresheje ubwo buhinga nyene, ari na ho abakristu bakwiye kuhagabira, bakamenya kuzitandukanya n'iz'ukuri zibubaka.
Niella Nice Mupfasoni, Uwimenyereza Kuri CEDICOM