Inzira umwana abwirizwa gufata ayerekwa n'abantu bose aja ararahurirako ingeso; aho rero ni ho turonkeye akaryo k'ukwibutsa abavyeyi ko bakwiye gukurikirana abana babo ku rugero rushimishije, gutyo bakabafasha kuzokurana ubwenge n'ishaka
Muri iyi myaka, abavyeyi batari bake usanga batacitaho cane indero ndorashure y'abana babo ngo babafashe canke babakurikirane mu dukorwa tw'imyimenyerezo rusangi canke mu tubazo bahabwa n'abigisha ngo badukorere imihira. Ivyo vyunyurwa n'uko kuva aho haziye uburyo ngurukana bumenyi mu Burundi bukoreshwa ku ma telefone ngendanwa za none zo mu bwoko bwitwa AndroĂŻde mu rurimi rw'abanyamahanga, hariho abana baca bahindukirira ubwo buryo bw'ukwironderera amakuru, batitayeho ayoba afise akamaro.Zimwe mu ngaruka zavyo ni uko ubwo buryo, co kimwe n'ibindi bisamaza abo bana, ivyo vyose biheza bigatuma bataba bakironka umwimbu ushimishije mw'ishure. Aha rero, imbere y'izo ngaruka, ukugira umwihwezo w'uruhara abavyeyi babigiramwo vyofasha cane kwikebuka. Ego turazirikana ko ku bana bamwe bamwe, ukugabanuka kw'umwimbu mw'ishure hari aho usanga abavyeyi babo bitobaharurwako cane, ahubwo bikaba biva ku bugaba bwabo, na ho abavyeyi babo bagerageza gukora uruhara rwabo rwiza, ariko bikankira ahandi.
Ngaha tugaruka ku bavyeyi basamara ku ndero ndorashure y'abana babo, kumbure bivuye ku kutamenya ko ari nkenerwa ko bahimiriza abo bana, canke ko bakwiye kubaronderera umwanya ukwiye w'ukubakurikirana mu kuhagarikira imyiteguro yabo mu vyigwa, haba mu kubasubirishamwo inyigisho baronka kw'ishure ngo babafashe kuziyibutsa, mu kubakoresha imyimenyerezo y'isubiramwo, canke mu kubahagarikira mu kwishura utubazo barungikanwa n'abigisha ngo badukorere imuhira.
Na none kuva kera na rindi, kugira ngo umwana ace ubwenge, bwaba ubwo mw'ishure canke ubw'imuhira no mu kibano, abavyeyi ni bo bafata iya mbere mu kumukurikirana, bakamwereka iciza n'ikibi ngo amenye guhitamwo ikibereye. Ahandi na ho bakamuhanura ingendo nziza ibereye umwana yarezwe runtu, yaba yakosheje na ho bakamukosora. Yaraheza agakura azi ubwenge bumutuma atitiranya icatsi n'ururo. Ni na ho n'iyo hageze ko aja mw'ishure wasanga yerekanakoko ko afise indero yakuye imuhira. Duca dutegera umugani ngo: «Igiti kigororwa kikiri gito!», aho wavuye, ko abawiyumviriye bashaka kwerekana ko umwana akurikiranwa kuva akiri muto.
Turavye rero ibiba muri iyi myaka, kuva aho uburyo ngurukanabumenyi buziye, na cane cane Whastapp na Facebook, turashobora kubona ko vyatumye abavyeyi benshi bagabanya umwitwarariko bahora baha abana babo. Ivyo bikaba vyibonekeza na cane cane mu mashure, aho abigisha bidoga ko abavyeyi badahimiriza abana babo gukora udukorwa abo bana basabwe gukorera imuhira.
Igitangaje ni uko mu bana bashikirwa n'ico kibazo usanga harimwo n'ababa bafise abavyeyi bize, vyumvikana ko baba boshobora gufasha abana babo gukurikirana neza inyishuo ziba zatanzwe n'umwigisha, kandi bakabafasha no gukora utwo dukorwa, gutyo abana bakabandanya bahabwa ubumenyi ukwiye, imuhira nko kwishure.
Uti
"Mbega hokorwa iki?" Icokorwa si ikindi, ni ico abavyeyi bishwa na Mutima-Mweranda, biboneka mu nyigisho Bibiliya nyeranda yigisha, ko abavyeyi bakwiye kwigisha abana babo. Ngibi ivyo dusoma mu gitabu c'imigani ku nyishu y'ico kibazo:
«Niwamenyereza umwana muto inzira abwirizwa gukurikira, niyaba umutama ntazoyiheba» (Imigani 22:6). Ako karongo karatwereka neza ko abavyeyi bategerezwa kwereka umwana inzira abwirizwa gufata.
Abarundi bati: «Wanka kugarura impene ikiri hafi, yamara kurenga imirambi ukabira nka yo!» Tuboneyeho akaryo k'ukwibutsa abavyeyi ko bakwiye gukurikirana abana babo kuva bakiri bato, kandi ku rugero rushimishije, kugira ngo ntibazokwibuke kwikebuka bitagishoboka. Ni ho rero abana babo bazoheza bakazokurana ubwenge n'ishaka.
Niella Nice Mupfasoni, Uwimenyereza kuri CEDICOM