Ugusubira inyuma kw'abana mu mashure: uruhara rw'abavyeyi babo
Itariki: 7/7/2020Ababisomye 7292 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Inzira umwana abwirizwa gufata ayerekwa n'abantu bose aja ararahurirako ingeso; aho rero ni ho turonkeye akaryo k'ukwibutsa abavyeyi ko bakwiye gukurikirana abana babo ku rugero rushimishije, gutyo bakabafasha kuzokurana ubwenge n'ishaka
Muri iyi myaka, abavyeyi batari bake usanga batacitaho cane indero ndorashure y'abana babo ngo babafashe canke babakurikirane mu dukorwa tw'imyimenyerezo rusangi canke mu tubazo bahabwa n'abigisha ngo badukorere imihira. Ivyo vyunyurwa n'uko kuva aho haziye uburyo ngurukana bumenyi mu Burundi bukoreshwa ku ma telefone ngendanwa za none zo mu bwoko bwitwa AndroĂŻde mu rurimi rw'abanyamahanga, hariho abana baca bahindukirira ubwo buryo bw'ukwironderera amakuru, batitayeho ayoba afise akamaro.

Zimwe mu ngaruka zavyo ni uko ubwo buryo, co kimwe n'ibindi bisamaza abo bana, ivyo vyose biheza bigatuma bataba bakironka umwimbu ushimishije mw'ishure. Aha rero, imbere y'izo ngaruka, ukugira umwihwezo w'uruhara abavyeyi babigiramwo vyofasha cane kwikebuka. Ego turazirikana ko ku bana bamwe bamwe, ukugabanuka kw'umwimbu mw'ishure hari aho usanga abavyeyi babo bitobaharurwako cane, ahubwo bikaba biva ku bugaba bwabo, na ho abavyeyi babo bagerageza gukora uruhara rwabo rwiza, ariko bikankira ahandi.

Ngaha tugaruka ku bavyeyi basamara ku ndero ndorashure y'abana babo, kumbure bivuye ku kutamenya ko ari nkenerwa ko bahimiriza abo bana, canke ko bakwiye kubaronderera umwanya ukwiye w'ukubakurikirana mu kuhagarikira imyiteguro yabo mu vyigwa, haba mu kubasubirishamwo inyigisho baronka kw'ishure ngo babafashe kuziyibutsa, mu kubakoresha imyimenyerezo y'isubiramwo, canke mu kubahagarikira mu kwishura utubazo barungikanwa n'abigisha ngo badukorere imuhira.

Na none kuva kera na rindi, kugira ngo umwana ace ubwenge, bwaba ubwo mw'ishure canke ubw'imuhira no mu kibano, abavyeyi ni bo bafata iya mbere mu kumukurikirana, bakamwereka iciza n'ikibi ngo amenye guhitamwo ikibereye. Ahandi na ho bakamuhanura ingendo nziza ibereye umwana yarezwe runtu, yaba yakosheje na ho bakamukosora. Yaraheza agakura azi ubwenge bumutuma atitiranya icatsi n'ururo. Ni na ho n'iyo hageze ko aja mw'ishure wasanga yerekanakoko  ko afise indero yakuye imuhira. Duca dutegera umugani ngo: «Igiti kigororwa kikiri gito!», aho wavuye, ko abawiyumviriye bashaka kwerekana ko umwana akurikiranwa kuva akiri muto.
  
Turavye rero ibiba muri iyi myaka, kuva aho uburyo ngurukanabumenyi buziye, na cane cane Whastapp na Facebook, turashobora kubona ko vyatumye abavyeyi benshi bagabanya umwitwarariko bahora baha abana babo. Ivyo bikaba vyibonekeza na cane cane mu mashure, aho abigisha bidoga ko abavyeyi badahimiriza abana babo gukora udukorwa abo bana basabwe gukorera imuhira.

Igitangaje ni uko mu bana bashikirwa n'ico kibazo usanga harimwo n'ababa bafise abavyeyi bize, vyumvikana ko baba boshobora gufasha abana babo gukurikirana neza inyishuo ziba zatanzwe n'umwigisha, kandi bakabafasha no gukora utwo dukorwa, gutyo abana bakabandanya bahabwa ubumenyi ukwiye, imuhira nko kwishure.
  
Uti "Mbega hokorwa iki?" Icokorwa si ikindi, ni ico abavyeyi bishwa na Mutima-Mweranda, biboneka mu nyigisho Bibiliya nyeranda yigisha, ko abavyeyi bakwiye kwigisha abana babo. Ngibi ivyo dusoma mu gitabu c'imigani ku nyishu y'ico kibazo: «Niwamenyereza umwana muto inzira abwirizwa gukurikira, niyaba umutama ntazoyiheba» (Imigani 22:6). Ako karongo karatwereka neza ko abavyeyi bategerezwa kwereka umwana inzira abwirizwa gufata.

Abarundi bati: «Wanka kugarura impene ikiri hafi, yamara kurenga imirambi ukabira nka yo!»  Tuboneyeho akaryo k'ukwibutsa abavyeyi ko bakwiye gukurikirana abana babo kuva bakiri bato, kandi ku rugero rushimishije, kugira ngo ntibazokwibuke kwikebuka bitagishoboka. Ni ho rero abana babo bazoheza bakazokurana ubwenge n'ishaka.
 
Niella Nice Mupfasoni, Uwimenyereza kuri CEDICOM  
Ivyiyumviro

Aleluya. Yezu Kristu, Wewe cabona c’intahemuka, ari Wewe mfura y’abazuka mu bapfuye, uradukunda ukadukiza ibicumuro mu maraso yawe. Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 60-69)

Muri irya misi,

Bumvise aya majambo Yezu yavuze ati: «Uwurya umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje arafise ubuzima budahera.», benshi mu bigishwa biwe bavuga bati: «lyo mvugo iratugumiye, ni nde yoyemera?» Yezu yamara aca aramenya mu mutima wiwe ko abigishwa biwe bavyidogera, arababwira ati: «Ivyo birabatirimutsa? Hari akantu nimwabona Umwana w’umuntu aduze iyo ahora… Umutima ni wo ubeshaho, umubiri nta co umara. Amajambo nababwiye ni umutima n’ubuzima. Yamara muri mwebwe, harimwo bamwe batemera.» Na none Yezu kuva mu ntango yari azi abatemera n’uwari kumugusrisha. Arongera ati: «Ni co gituma ndababwiye ko ata woza iwanje, Data atabimuhaye.» Kuva ubwo, benshi mu bigishwa biwe baciye biyonjorora, ntibaba bakimugendanira.

Yezu rero abwira bamwe cumi na babiri ati: «Namwe, mushaka kwigira?» Simoni Petero aramwishura ati: «Mukama, turi bwirukire nde wundi? Ko ari wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera. Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda w’Imana.»

 

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 126
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI