Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa amaze kumenyesha ko ico gisata c'i Maramvya kigiye kuba Paruwase uno mwaka nyene, iyo nkuru nziza yaciye yakiranwa urweze rwinshi n'abakirisu bari aho, maze bayisanganiza amashi menshi n'impundu
Wari umunezero mu gisata ca Maramvya gikukira Paruwase yitiriwe Umuryango Mweranda yo mu Kinama, aho Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura yamenyesha ko ico gisata kigiye kuba Paruwase muri uno mwaka. Aho hari ku musi w'Imana, igenekerezo rya 5 Mukakaro 2020.
Ryaraye rivumerewe na Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, ko Igisata ca Maramvya kigiye guhinduka Paruwase, kandi vuba cane, hatarenze uyu mwaka w'2020. Ivyo yabivuze mu gihe yari yagendeye igisata (Succursale) ca Maramvya, kiri muri Paruwase yitiriwe Umuryango Mweranda yo mu Kinama, aho yari yagiye kugendera abo bakristu, mbere agahereza n'inkuka y'imisa.
Muri iyo misa yari irongowe n'uwo Mwepiskopi Mukuru, yari kumwe na Patiri Mukuru wa Paruwase Kinama, Patiri Innocent Thibaut Ndoreraho, kumwe kandi na Patiri Salvator Ngendabanyikwa asanzwe afasha abo bakristu b'aho i Maramvya mu guhereza inkuka y'imisa yo ku musi w'Imana.
Iryo jambo ryavuzwe mu mwanya w'amatangazo, inyuma y'umwanya w'ubukengurutsi; ni ho Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze ya Bujumbura yamenyesheje ko ico gisata c'i Maramvya kigiye kuba Paruwase uno mwaka. Yagize ati: «Patiri mukuru wa Paruwase mukukira yarasavye icese ko kino gisata c'i Maramvya coba Paruwase. Icibonekeza ni uko muri kure cane ya Paruwase mukukira, none Imana ibishatse tukaronka abasaserdoti muri iri ci nyene, muzoheza muronke Paruwase muri uyu mwaka nyene.»
Iyo nkuru nziza yaciye yakiranwa urweze rwinshi n'abakirisu bari aho, maze bayisanganiza amashi menshi n'impundu. Eka na Patiri mukuru wa Paruwase Kinama, na we nyene yaragaragaje umunezero atewe n'iyo nkuru, mbere aranakengurukira Umukama We yumvise kandi akishura igisabisho c'abanyamaramvya.
Patiri Innocent Thibaut Ndoreraho yarakengurukiye kandi n'uwo Mwepiskopi Mukuru wa Diyoseze ya Bujumbura kuri iyo nkuru nziza avumereye, kuri iyo ngabire ya Paruwase agiye kubashikiriza. Yaciye aboneraho gusaba abakirisu b'i Maramvya gushiramwo akariro ngo baheraheze inzu z'uburaro bw'abasaserdoti, izo na zo zikaba zigeze ku ntambwe ishimishije, mbere ngo bace bagirako batangura kwitegurira neza umusi w'ugushikirizwa icese iyo Paruwase.
Mwomenya ko ico gisata c'i Maramvya gisanzwe gikukira Paruwase Kinama, kiri muri zone Maramvya, Komine Mutimbuzi, mu ntara ya Bujumbura, izwi nka Bujumbura Rural mu gifaransa, hafi y'ikibuga c'indege c'i Bujumbura.
Alexis Niyonzima, Paruwase Kinama