Bimwe mu vyo Abafashabutumwa bariko bafasha urwo rwaruka ni ukubigisha gutahura neza ibisabisho, amasakramentu, amabwirizwa, n'ukuntu rutojuragizwa n'ivyo rubona bijanye n'ibihe vya none
«Ntutinye, naragucunguye, naraguhamagaye mw'izina ryawe, uri uwanje», ico ni co civugo c'inyigisho urwaruka rwo muri Paruwase Magara ruriko ruhabwa mu kiringo c'imisi ine, kuva ku wa kabiri igenekerezo rya 21 gushika kw'igenekerezo rya 24 Mukakaro. Ni mu ntumbero y'ukurufasha guhangana n'ibibazo bihanze isi, na cane cane ibihanze urwaruka.
Ivyo bikorwa vy'inyigisho vyuguruwe icese na Patiri Sylver Ntasumbumuyange, Umwibutsamana mu migwi y'ubutumwa muri Paruwase Magara. Mw'ijambo ry'ukwo kwugurura izo nyigisho, yabanje kwibutsa ko indinganizo nk'iyo yamaho muri iyo Paruwase, aho mu buruhuko nk'ubwo bama bakoraniriza hamwe urwaruka ngo baruronse inyigisho zirufasha guhangana n'ibibazo bihanze isi, na cane cane ngo barukundishe Imana. Muri urwo rwego, baraheza bakarwigisha ukuntu rwokwifatira ingingo z'ubuzima bwarwo ngo ruzoshike mu bigero rufise ubuzima bwiza bw'amahoro n'akanyamuneza.
Izo nyigisho, abana bazihawe babanje kubagabura mu migwi itandukanye, bafatiye ku bigero vyabo, nk'uko Patiri Sylver Ntasumbumuyange yabituyagiye. Nk'abana bafise imyaka kuva kuri itatu gushika ku biga mu mwaka wa gatatu w'amashure y'intango, abo bigishwa ukwabwo. Abiga mu mwaka wa kane n'uwa gatanu, na bo nyene bigishwa mu mugwi wabo. Ni nk'uko nyene no ku biga mu mwaka wa gatandatu, na bo nyene bigishwa ukwabo. Uwundi mugwi ni uw'abiga kuva mu mwaka w'indwi gushika mu mwaka w'icumi na kabiri, na bo nyene bigishwa mu mugwi umwe.
Twaregereye umwe mu bafasha gutanga izo nyigisho kuri urwo rwaruka, Diane Niyingabiye, yavuze ko abana akurikirana biga mu mwaka wa kane no mu mwaka wa gatanu. Yavuze ko yasanze mbere hariho vyinshi abo bana batari banazi, ivyo yasanze basa n'abazi na vyo ugasanga baramaze kuvyibagira, kandi ngo ari vyo mushinge w'ukwemera kw'abana b'Imana muri Ekleziya Katorika bisunga. Yagize ati: «
Abafashabutumwa muri izi nyigisho bariko bafasha uru rwaruka gutahura neza ibisabisho, amasakramentu, amabwirizwa n'ibindi.»
Ku bw'uwo afasha gutanga izo nyigisho kuri urwo rwaruka, ngo hariho icizere ko abo bana bazoshobora gutegera ico amabwirizwa abategereza kurangura, bongere banamenye no gutandukanya ikibi n'iciza.
Eka na bamwe mu bana bariko bahabwa izo nyigisho, na bo nyene baravuze uko bazakira. Ngo barakenguruka iyo ndinganizo y'abasaserdoti ba Paruwase yabo y'ukubakurikirana mu buruhuko. Ivyo bikaba vyemezwa na Pacifique Ngwanyi yabaserukiye. Yabandanije amenyesha ko inyigisho bariko bahabwa zibafasha kandi kumenya ukuntu bova mu vyaha, bakaba riho mu muco nk'uko bibereye abana b'Imana. Ku bwiwe ngo zikaba zinabafasha kutajuragizwa n'ibihe isi igezemwo z'akosho k'ibisamaza vyinshi bifatiye kw'iterambere n'ikoreshwa ry'ubuhinga bw'uguhanahana amakuru. Ni aho rero ngo ziheza zikafasha gukunda Imana no gutahura ingene boyihebera.
Honoré Ndayiragije, Paruwase Magara