Umugambi w'ukwubaka uburaro bw'abasaseredoti muri Paruwase Kanyosha ni umugambi abakristu baho bari bamaranye igihe kitari gito bipfuza kurangura, na rirya aho abo basaserdoti basanzwe baba hadashemeye. Uwo mugambi rero wahavuye utangura inyuma y'umwihwezo wabaye kw'igenekerezo rya 15 Gitugutu 2017, aho hahimbazwa isabukuru y'imyaka 10 abakristu bo mu Kanyosha bari bamaze baronse Paruwase yabo.
Nk'uko tubisoma mu gitabu kirimwo icegeranyo c'ibikorwa vyaranguwe mu myaka 10 iheze Kanyosha ibaye Paruwase, ihimbazwa ry'iyo sabukuru ryabaye akaryo keza k'ukurimbura ibikorwa vyaranguwe muri iyo myaka 10 Paruwase yari imaze, bica bituma haboneka n'imigambi yorangurwa mu myaka 15 ikurikira. Haciye haboneka imigambi itatu yihutirwa, iyo na yo ikaba kwari ukwubaka inzu y'uburaro bw'abasaseredoti, ukugura itongo rizokwubakwamwo isengero n'izindi nyubakwa vy'ishure tabariro ryo mu Nkenga, be n'ukugura intebe zo mu ngoro y'Imana.
Abasaserdoti, hamwe n'abaserukira abakristu, bamaze kubija inama barabimenyesheje abakristu, na bo bavyakirana urweze bica biratangura. Ariko bose, kubera ko bari bahurije ku mugambi umwe botangurirako ko woba uw'ukwubaka uburaro bw'abasaseredoti, uwo rero ni wo wahavuye ushirwa mu ngiro. Ni na wo ubu turiko tubashikiriza aho ugeze.
Inzu y'uburaro bw'abasaserdoti bo mu mubano w'abasaserdoti bo muri Paruwase Kanyosha ni inyubakwa y'igorofa igeretse rimwe. Ibikorwa nyezina vy'ukuyubaka vyatanguye mu mwaka w'2018, mu kwezi kwawo kwa Munyonyo. Iriko irubakwa ku buryo bw'amahera yatanzwe n'abakristu b'iyo Paruwase ubwabo, ubwo na bwo bukaba bwavuye mu ntererano zigenewe ukwubaka zitangwa n'abakristu, umw'umwe ku rugero ashimye kugezako, hamwe n'amafaranga y'icicumi gitangwa n'abo bakristu nyene.
Aho ibikorwa vy'iyo nyubakwa bigeze rero ubu, biribonekeza ko bishitse ku ntabwe ishimishije, kuko bisa n'ibishitse ku nsozero. Ivyo mbere biranemezwa n'uwuriko akurikirana ibikorwa vy'urwo rwubako, Jean Marie Vianney Niyomwungere, asanzwe ari n'umuhinga mu vyerekeye inyubako, aho yavuze ko ibikorwa bisigaye, ata gihindutse, bizohera muri uku kwezi kw'icenda buca dutangura, kuko ubu ngo hariko harakorwa ibikorwa vya nyuma. Abatari bake mu bakristu bo muri iyo Paruwase bakaba bavuga ko iyo nyubakwa bayirindiranye igishika.
Ikindi abakristu b'aho mu Kanyosha bamenyesha, baravuga ko nka hamwe iyo nyubakwa yorangira muri ukwo kwezi kwa Nyakanga nyene, ngo barizigira ko n'Ishure tabariro ryo mu Busoro rizoca rikurikira, rigaheza na ryo rigaca ryubakwa vuba, maze abakristu bava kure ya Paruwase bagashobora kuronka aho basengera habegereye.
Ivyo vyizigiro nyene ngo ni na vyo abo bakristu bafise no kw'iyubakwa ry'ayandi Mashure tabariro, ko ngo azoheza akaboneka. Ngo babivuze bishimikije ko baravye iyo nyubakwa w'abasaserdoti b'iyo Paruwase uko ingana, ishobora kwakira n'abasaseredoti barenga 5. Ikindi bishimikiza ngo ni igitigiri gishimishije c'abaherezankuka bakomoka muri iyo Paruwase, rero ngo ko ata nkeka ko bazohava baronka n'abandi basaseredoti baza kurangurira ubutumwa muri iyo Paruwase.
Tubamenyeshe ko gushika ubu, Paruwase yo mu Kanyosha ifise abasaserdoti batatu gusa, mu gihe bigaragara ko ifise abakristu batari bake; ivyo bikabonekera cane cane ku batonda mu misa zo ku misi y'Imana, eka mbere na ku baza kwitura iyo Paruwase ngo bahabwe amasakaramentu. Tubibutse kandi ko muri ya migambi itatu yihutirwa ya Paruwase Kanyosha, hakiriho iyindi ibiri isigaye, kandi na yo ikaba itazoteba kurangurwa.
Gonzalve Ntashimikiro, Paruwase Kanyosha