Isozerwa ry'uburaro bw'abasaseredoti muri Paruwase Kanyosha: ibikorwa vy'ukubwubaka bigeze ku ntambwe ishimishije
Itariki: 1/9/2020Ababisomye 29030 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Iyo Paruwase yo mu Kanyosha ifise abasaserdoti batatu gusa, ariko ishobora kwakira n'abasaseredoti barenga batanu, ku bivugwa n'umuhinga ayikurikirana, ibikorwa bisigaye bikaba bizohera muri uku kwezi kw'icenda kwinjiye
Nk'uko twavyiboneye kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 29 Myandagaro 2020, abakristu bo muri Paruwase Kanyosha, wa mugambi batanguye mu kwezi kwa Munyonyo mu mwaka w'i 2018 w'ukwubaka uburaro bw'abasaseredoti, barawubandanya. Kandi ubu uko ibikorwa vy'urwubako vyifashe, bigeze ku ntambwe ishimishije, kuko inyubakwa isa n'iyiriko irasozerwa.

Umugambi w'ukwubaka uburaro bw'abasaseredoti muri Paruwase Kanyosha ni umugambi abakristu baho bari bamaranye igihe kitari gito bipfuza kurangura, na rirya aho abo basaserdoti basanzwe baba hadashemeye. Uwo mugambi rero wahavuye utangura inyuma y'umwihwezo wabaye kw'igenekerezo rya 15 Gitugutu 2017, aho hahimbazwa isabukuru y'imyaka 10 abakristu bo mu Kanyosha bari bamaze baronse Paruwase yabo.

Nk'uko tubisoma mu gitabu kirimwo icegeranyo c'ibikorwa vyaranguwe mu myaka 10 iheze Kanyosha ibaye Paruwase, ihimbazwa ry'iyo sabukuru ryabaye akaryo keza k'ukurimbura ibikorwa vyaranguwe muri iyo myaka 10 Paruwase yari imaze, bica bituma haboneka n'imigambi yorangurwa mu myaka 15 ikurikira. Haciye haboneka imigambi itatu yihutirwa, iyo na yo ikaba kwari ukwubaka inzu y'uburaro bw'abasaseredoti, ukugura itongo rizokwubakwamwo isengero n'izindi nyubakwa vy'ishure tabariro ryo mu Nkenga, be n'ukugura intebe zo mu ngoro y'Imana.

Abasaserdoti, hamwe n'abaserukira abakristu, bamaze kubija inama barabimenyesheje abakristu, na bo bavyakirana urweze bica biratangura. Ariko bose, kubera ko bari bahurije ku mugambi umwe botangurirako ko woba uw'ukwubaka uburaro bw'abasaseredoti, uwo rero ni wo wahavuye ushirwa mu ngiro. Ni na wo ubu turiko tubashikiriza aho ugeze.

Inzu y'uburaro bw'abasaserdoti bo mu mubano w'abasaserdoti bo muri Paruwase Kanyosha ni inyubakwa y'igorofa igeretse rimwe. Ibikorwa nyezina vy'ukuyubaka vyatanguye mu mwaka w'2018, mu kwezi kwawo kwa Munyonyo. Iriko irubakwa ku buryo bw'amahera yatanzwe n'abakristu b'iyo Paruwase ubwabo, ubwo na bwo bukaba bwavuye mu ntererano zigenewe ukwubaka zitangwa n'abakristu, umw'umwe ku rugero ashimye kugezako, hamwe n'amafaranga y'icicumi gitangwa n'abo bakristu nyene.

Aho ibikorwa vy'iyo nyubakwa bigeze rero ubu, biribonekeza ko bishitse ku ntabwe ishimishije, kuko bisa n'ibishitse ku nsozero. Ivyo mbere biranemezwa n'uwuriko akurikirana ibikorwa vy'urwo rwubako, Jean Marie Vianney Niyomwungere, asanzwe ari n'umuhinga mu vyerekeye inyubako, aho yavuze ko ibikorwa bisigaye, ata gihindutse, bizohera muri uku kwezi kw'icenda buca dutangura, kuko ubu ngo hariko harakorwa ibikorwa vya nyuma. Abatari bake mu bakristu bo muri iyo Paruwase bakaba bavuga ko iyo nyubakwa bayirindiranye igishika.

Ikindi abakristu b'aho mu Kanyosha bamenyesha, baravuga ko nka hamwe iyo nyubakwa yorangira muri ukwo kwezi kwa Nyakanga nyene, ngo barizigira ko n'Ishure tabariro ryo mu Busoro rizoca rikurikira, rigaheza na ryo rigaca ryubakwa vuba, maze abakristu bava kure ya Paruwase bagashobora kuronka aho basengera habegereye.

Ivyo vyizigiro nyene ngo ni na vyo abo bakristu bafise no kw'iyubakwa ry'ayandi Mashure tabariro, ko ngo azoheza akaboneka. Ngo babivuze bishimikije ko baravye iyo nyubakwa w'abasaserdoti b'iyo Paruwase uko ingana, ishobora kwakira n'abasaseredoti barenga 5. Ikindi bishimikiza ngo ni igitigiri gishimishije c'abaherezankuka bakomoka muri iyo Paruwase, rero ngo ko ata nkeka ko bazohava baronka n'abandi basaseredoti baza kurangurira ubutumwa muri iyo Paruwase.

Tubamenyeshe ko gushika ubu, Paruwase yo mu Kanyosha ifise abasaserdoti batatu gusa, mu gihe bigaragara ko ifise abakristu batari bake; ivyo bikabonekera cane cane ku batonda mu misa zo ku misi y'Imana, eka mbere na ku baza kwitura iyo Paruwase ngo bahabwe amasakaramentu. Tubibutse kandi ko muri ya migambi itatu yihutirwa ya Paruwase Kanyosha, hakiriho iyindi ibiri isigaye, kandi na yo ikaba itazoteba kurangurwa.

Gonzalve Ntashimikiro, Paruwase Kanyosha

Ivyiyumviro

Aleluya. Yezu Kristu, Wewe cabona c’intahemuka, ari Wewe mfura y’abazuka mu bapfuye, uradukunda ukadukiza ibicumuro mu maraso yawe. Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 60-69)

Muri irya misi,

Bumvise aya majambo Yezu yavuze ati: «Uwurya umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje arafise ubuzima budahera.», benshi mu bigishwa biwe bavuga bati: «lyo mvugo iratugumiye, ni nde yoyemera?» Yezu yamara aca aramenya mu mutima wiwe ko abigishwa biwe bavyidogera, arababwira ati: «Ivyo birabatirimutsa? Hari akantu nimwabona Umwana w’umuntu aduze iyo ahora… Umutima ni wo ubeshaho, umubiri nta co umara. Amajambo nababwiye ni umutima n’ubuzima. Yamara muri mwebwe, harimwo bamwe batemera.» Na none Yezu kuva mu ntango yari azi abatemera n’uwari kumugusrisha. Arongera ati: «Ni co gituma ndababwiye ko ata woza iwanje, Data atabimuhaye.» Kuva ubwo, benshi mu bigishwa biwe baciye biyonjorora, ntibaba bakimugendanira.

Yezu rero abwira bamwe cumi na babiri ati: «Namwe, mushaka kwigira?» Simoni Petero aramwishura ati: «Mukama, turi bwirukire nde wundi? Ko ari wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera. Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda w’Imana.»

 

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 265
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI