Patiri Vincent Bigirimana aje gukorera mu ngata Patiri Ernest Nzisabira mu butumwa bw'ubwibutsamana mu migwi n'imihari n'ugutunganya ubutunzi bwa Paruwase Nyakabiga
Mu nkuka y'imisa yaherejwe ku w'Imana igenekerezo rya 6 Nyakanga 2020, ku gihe c'isaha zine n'igice zo mu gitondo, irongowe na Patiri mukuru wa Paruwase Mukiza Mweranda yo mu Nyakabiga, Patiri Désire Ninahazimana, ni ho Patiri Ernest Nzisabira yasezera icese abakristu bo muri iyo Paruwase yahora aranguriramwo ubutumwa. Ni mu gihe Patiri Vincent Bigirimana na we yariko yakirwa icese muri iyo Paruwase. Patiri Ernest Nzisabira ni umusaserdoti yahora arangurira ubutumwa muri Paruwase Mukiza Mweranda yo mu Nyakabiga nk'Umwibutsamana mu butumwa bw'imigwi n'imihari. Yari amaze imyaka ine muri iyo Paruwase, aho yari ajejwe n'ubutunzi bwa Paruwase, uwo bita «Vicaire économique» mu gifaransa. Akaba agiye kubandaniriza ubutumwa muri Paruwase nshasha ya Maramvya, yahora ari imwe mu mashure-tabariro ya Paruwase Kinama.
Na we Patiri Vincent Bigirimana yakiriwe, ni umusaserdoti yahora aba kw'Iseminari ntoyi yo mu Kanyosha, aho yari ajejwe gutungana ivy'ubutunzi, uwo bita «Econome» mu gifaransa. Amaze amaze imyaka 12 yatiwe mw'ibanga ry'ubusaserdoti, akaba ari we aje gukorera mu ngata Patiri Ernest Nzisabira muri ubwo butumwa nyene bw'ubwibutsamana mu butumwa bw'imigwi n'imihari n'gutunganya ubutunzi bwa Paruwase Nyakabiga.
Mu gusezera umuryango w'abakristu bo muri Paruwase Nyakabiga, Patiri Ernest Nzisabira yabanje kubashikiriza ijambo ahanini rishimikiye ku gengurukira abo basangiye ubutumwa. Akaba yasozereye abipfuriza kubandanya barangwa n'ubumwe n'akanyamuneza, ari na vyo vyaranze abatumwa ba mbere.
Na we uwo musaserdoti yakiriwe n'uwo muryango w'abakristu bo muri iyo Paruwase, Patiri Vincent Bigirimana, yamenyesheje ko muri iyo Paruwase ari ho Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura yamurungitse ngo habe ari ho arangurira ubutumwa.
Yagize ati:
«Nje gushira mu ngiro icifuzo c'Umwungere, we yashimye ko nza ngo dugashire inguvu hamwe kugira ngo, tumurikiwe n'ukwemera, tubandanye twubaka Ekleziya-muryango». Araheza rero amenyesha ko azanye ishaka, kandi ko yifuza ko ryomatana n'iryabo.
Ijambo ry'ugusozera rikaba ryashikirijwe na Patiri Mukuru w'iyo Paruwase, yari arongoye inkuka y'imisa. Yasozereye ashima ayo majambo yashikirijwe n'abo basaserdoti babiri, agirako aha ikaze Patiri Vincent Bigirimana mu mubano w'abasaserdoti bo mu Nyakabiga, yongera yipfuriza ubutumwa bwiza Patiri Ernest Nzisabirango, ariko amusaba kuzokwama yibuka aho avuye, kandi abasabira. Kakaba kabaye n'akaryo k'ukumuha akaganuke.
Carine Kaze, Paruwase Nyakabiga