Igisabisho c'ishapule ni co cuguruye ivyo bikorwa, hakurikira igisabisho c'ukuninahaza Imana, haratangwa n'inyigisho na Patiri Mukuru w'iyo Paruwase, Patiri Désiré Ninahazimana, ari na we yaciye ahereza iyo nkuka y'imisa
Mu ntumbero y'ugushira mu ngiro indinganizo nshasha y'imibano rukristu igize Paruwase Mukiza Mweranda yo mu Nyakabiga, Inkuka y'imisa yarahererejwe ku bw'imibano rukristu yo muri imwe mu ma karitiye agize iyo Paruwase. Kari akanyamuneza rero ku bagize imibano rukristu yagendewe, kuko iyo misa yabereye hagati mu mihana iwabo. Ico gikorwa catanguriye mu mibano rukristu yo muri Karitiye Nyakabiga ya kabiri, kw'ibarabara rya gatandatu, gitewe iteka na Patiri Mukuru w'iyo Paruwase, Patiri Désiré Ninahazimana.
Hari kw'isaha icumi n'igice z'umuhingamo, aho ibikorwa nyezina vy'uwo musi vyatangura. Igisabisho c'ishapule ni co cuguruye ivyo bikorwa, hakurikira igisabisho c'ukuninahaza Imana, hongera haratangwa n'inyigisho kuri abo bakristu, itanzwe n'uwo musaserdoti, ari na we yaciye ahereza iyo nkuka y'imisa.
Inyigisho yashikirijwe abo bakristu bo muri iyo mibano rukristu yo muri iyo Karitiye Nyakabiga ya kabiri yafatiye ku ciyumviro shimikiro kigira kiti: «Jambo yarigize umuntu, abana natwe». Muri iyo nyigisho, Patiri Désiré Ninahazimana yashimikiye ku rukundo rw'Imana rwatumye itanga Yezu, akigira umuntu mu mbanyi ya Bikira Mariya, gutyo akabana n'abantu, mbere akanigira n'imfungurwa ngo abe mu muntu.
Inyuma y'iyo nyigisho ni ho haba rero iyo nkuka y'imisa, aho mu nsiguro y'ijambo ry'Imana ryasomwe mu bisomwa vyeranda vy'uwo musi, uwo musaserdoti yavuze kw'iteka ryatewe Bikira Mariya, ubona ko kuri uwo musi, Ekleziya yahimbaza ivuka ry'uwo Muvyeyi w'Imana.
Patiri Désiré Ninahazimana yagize ati:
«Bikira Mariya afise iteka yisangije, ata wundi muntu n'umwe yigeze arironka, haba imbere yiwe no mu nyuma yiwe: iteka ry'ukuba Nyina w'Imana». Yabandanije asigura ko iryo teka ari na ryo rizanira uwo Muvyeyi ayandi mateka yose, agaheza akaba wa wundi abantu bose bita
«Muhirwe!»Mu gusozera ivyo bikorwa, uwuserukira imibano yose yo muri Paruwase Mukiza Mweranda, Umupfasoni Yozefina Musaninyana, yarashikirije ijambo ry'ugukenguruka. Yagize ati:
«Uyu musi Yezu yaje mu Nyakabiga ya kabiri, adusanga ku ziko; turanezerewe, kandi turazi ko na Yezu anezerewe!»
Ni ko, ico gikorwa gihimbaye gityo catanguriye aho muri iyo Karitiye Nyakabiga ya kabiri, kuko ari indinganizo nshasha muri Paruwase Mukiza Mweranda. Ariko mwomenya ko kizobandanyiriza no mu yandi makaritiye agize iyo Paruwase. Hakaba hazokurikizwa indinganizo abagize imibano rukristu y'iyo Paruwase bo nyene bishingiye.
Carine Kaze, Paruwase Nyakabiga