Umwe mu bayobozi bo mu mashure twashoboye kugendera, Juvénale Niyongabo, Umuyobozi w'ishure ryisumbuye ESTA, aratubwira ukuntu kuri iryo shure batanguye umwaka, ihangiro bafise, n'ibikibagoye; turaronka n'intahe y'umwe mu banyeshure
Mu gihe kuva ku wa mbere w'iyi ndwi igenekerezo 07 Nyakanga, ari ho mu Burundi bwose hugururwa icese umwaka w'ishure 2020-2021, maze abanyeshure bagatangura ivyigwa, no mu mashure ari hagati mu gisagara ca Bujumbura, twasanze ivyigwa vyaratanguye. Iryo tangurwa ry'imirimo ku banyeshure no kubigisha nyene bo muri ico gisagara ryagenze neza muri rusangi, nkuko twabishikirijwe n'umwe mu bayobozi bo muri ayo mashure twashoboye kugendera, Juvénale Niyongabo, Umuyobozi w'ishure ryisumbuye ESTA (Ecole Secondaire des Techniques Administratifs).Uwo muyobozi w'ishure ryisumbuye ESTA yagize ati: «Itangurwa ry'amashure ririko rigenda neza muri rusangi; twarakiriye abana bahahora na bashasha, hamwe n'abanyeshure barungitswe n'Ubushikirangaji bw'indero.» Ku ruhande na rwo rw'abigisha-barezi, yavuze ko bitavye neza imirimo, kuva ku musi wa mbere.
Umuyobozi Juvénale Niyongabo yaragize n'ico avuga kw'ihangiro bihaye, aho yarisiguye mu mice ibiri: rimwe muri ayo mahangiro yavuze ko ari iry'ugutanga ubumenyi, irindi na ryo ngo rikaba ari iry'ugushigikira indero y'urwo rwaruka. Iryo hangiro ngo rikazorangwa n'uko abana bamenya ku rugero rwiza kandi rushimishije, bakongera kandi bakaronka n'indero nziza.
Ku bijanye n'uguha abo banyeshure ubumenyi bukwiye, uwo muyobozi yashimikiye ku cipfuzo bafise kuri iryo shure c'ukuzosaba abo barerwa ko borondera ibikoresho bikenewe, kuko ngo n'abo barerwa nyene, iryo hangiro ribaraba. Kukaba nkako, ngo abigisha-barezi ubwabo bonyene ntaco bokwishoboza.
Ikindi yavuze cotuma bashikira ihangiro bihaye, ngo ni uko hoboneka ibintu bikenewe nyamukuru vyosahiriza ishure cane. Aha yari ashikiriye ikiyago ku ntambamyi kuri iryo shure batanguranye umwaka na zo, afatiye ku zo bahuye na zo mu kurangura neza imirimo yabo mu mwaka w'ishure uheze.
Zimwe muri izo ntambamyi, ngo abigisha mu gisata c'ubuhinga ntibakwiye, kandi ngo baracafise n'abigisha b'abakutsakivi. Ikindi, ngo imashine nyabwonko bafise ntizikwiye, kuko ngo imashine icumi na zitandatu gusa zidakwiye ngo zifashe abana barenga amajana abiri. Yaciye agirako mbere asaba ko vyoba vyiza habonetse n'abandi bigisha batari abakutsakivi, kandi ko hokwongererezwa n'izindi mashine nyabwonko.
Twaravuganye kandi na Christine Ndagijimana, asanzwe yiga mu mwaka wa gatatu mu gisata c'ugutumatumanako amakuru (3ème Informatique des Télécommunications), yatumenyesheje ko yakiriye neza itangurwa ry'umwaka w'ishure, kuko ngo watanguye kare. Ivyo na vyo ngo bikaba bizotuma ivyigwa bazovyiga neza. Akaba yemeje ko yizeye ko ikirangamisi categuwe na Reta.
Yaravuze kandi no ku kuntu ngo azitunganya ngo akoreshe neza umwanya wiwe w'ivyigwa, mu kwiha indinganizo izotuma yiga neza kandi yiyibutsa. Yavuze ko azohora yitegura kuri buri cigwa cose hakiri kare ngo ntarindire ko bimubana vyinshi. Ikindi, ngo azokorana umwete n'ubwira ibibazo, yongere ashire ku rutonde rw'ivyo azimenyerezako utubazo twagiye turatangwa mu myaka iheze, na rirya ngo ari mu mwaka w'uguhiganirwamwo n'abandi mu gukora ikibazo ca Reta.
Ishure ESTA ryatanguye gukora mu mwaka w'1964, rishizweho n'itegeko ry'Umwami, inyuma y'ukuronka intahe y'ukwikukira kw'Uburundi. Nk'uko vyemezwa n'abatari bake, iryo shure ngo ryarasahirije bimwe biboneka mu gutsimbataza inyigisho n'indero mu rwaruka rw'igihugu, eka mbere no mu vyerekeye ishingurwa ry'ibitabu, tudasize inyuma n'ivyintwaro, nkuko vyamenyeshejwe n'umuyobozi w'iryo shure nyene.
Aho twobamenyesha ko ingingo zo gukingira ca kiza ca Corona virus zitashizwe inyuma ku mashure atari make ari hagati mu gisagara ca Bujumbura, kuko aho twagendeye hose hibonekeza utudobo tw'amazi n'isabuni hirya no hino ku mashure. Abigisha-barezi a bo bikaba vyaboneka ko baguma bahimiriza abaregwa babo ku vyerekeye ukwikingira ico kiza.
Trinide Dusabe, Katedrale Regina Mundi