Inkuka y'imisa yari irongowe na Nyenicubahiro Musenyeri Evariste Ngoyagoye, ibirori vy'ugushikiriza izo ndagano na vyo bikaba vyari bihagarikiwe na Patiri FĂ©lix Fupi, kw'izina ry'Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura
Kari akanyamuneza mu muryango w'ababikira b'aba Benedictine b'Indavyi no muri Ekleziya yose, aho abanovisi umunani bari baramutse bashikiriza indagano zabo za mbere, kuri uyu wa gatandatu itariki 12 Myandagaro 2020. Ivyo birori vyabereye mu gasengero Regina Mundi, ka Paruwase Katedrale Regina Mundi, mu Nkuka y'imisa yatanguye kw'isaha zine, irongowe n'Umwepiskopi Mukuru w'inararibonye wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, Nyenicubahiro Musenyeri Evariste Ngoyagoye, bikaba vyari bihagarikiwe na Pariri mukuru wa Paruwase Katedrale Regina Mundi, Patiri FĂ©lix Fupi, kw'izina ry'Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura.Iyo ntumwa y'Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura, Patiri FĂ©lix Fupi, ahereje umusaraba umwumwe mu bagira indagano, yamubwira ati
«Ng'uyo umunega wawe, azokwamana nawe imisi yose; mukunde, ntumuhemukire; abantu barashobora guhemuka, ariko we ntazokwigera aguhemukira na rimwe, azokwamana nawe imisi yose». Uwushikiriza indagano na we akishura ati:
«Amen, jewe ndi uw'umunega wanje, na We ni uwiwanje; nzomushira ku mutima wanje no mu biganza vyanje nk'ikimenyetso kitazimangana, nk'uko urukundo rwiwe rurengeye vyose nk'inyenga y'urupfu».
Ibindi bimenyetso bahawe ni umwitwikiro, hamwe n'agatabu karimwo amategeko. Maze umusaserdoti akabasabira ugusoma, ukuzirikana n'ukugendera ayo mategeko, n'ukwambara uwo musalaba, na cane cane bigana Kristu. Maze Intumwa y'Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura araheza, mu nsiguro yatanze, arabafasha kuzirikana ku ndagano abo bihebeye Imana bagira muri uwo muryango.
Patiri Félix Fupi, yishimikije ijambo ryo mu nkuru nziza rivuga riti: «Ntimurazwe ishinga n'ubuzima bwanyu», yaratumiriye abo banovise gutangarira ubwo buzima abo bari bagiye kwinjiramwo. Yagize ati: «Nta wobiheza vyose, kuko ari ikinyegezwa c'Imana.» Ku bwiwe rero, ngo ni ikinyegezwa c'agatanganza, aho mbere n'uwihebeye Imana arinda apfa akiriko arabizirikana. Yabandanije ababwira ko Yezu, mu kuvuga ngo «Ntimurazwe ishinga n'ubuzima bwanyu», ico yashaka ngo atari uko abantu bokwifata minenerwe, ahubwo ko ico Umukama yashaka ari uko abantu bokirurutsa umutima.
Iyo ntumwa y'Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura yaragize n'ico abwira abandi bakristu bari baje gushigikira abo banovise. Yagize ati: «Aba bihebeye Imana mu ndagano zabo z'ubugamburutsi, ubworo n'ubwerentegerwa; ni inzira umukama yaduhaye, yatweretse, idufasha kwivako, kugira ngo dushobore kwinjira mu bunywanyi bwuzuye n'Imana; ni co Imana yaturemeye, yaradutoye kuva kera, n'isi itararemwa, kugira ngo itugire abana bayo!»
Uwaserukiye abari bahejeje kugira izo ndagano na we, mw'ijambo yashikirije, yarashimiye cane Imana, yongera arashimira n'abavyeyi batabatesheje umuhamagaro wabo. Abandi yashimiye ni bakuru biwe mw'ibanga ry'ukwihebera Imana muri uwo muryango, bo ngo bafashije abo bari bahejeje gushikiriza indagano zabo gutohoza umuhamagaro wabo. Akaba yarangije asaba abari ngaho ko bobashigikiza igisabisho, kugira ngo iryo teka Imana ibateye ntibaritekeze ivyatsi.
Eka n'Umwungere w'inararibonye wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, na we nyene yarashikirije ijambo, aho yamenyesheje ko abo bagize indagano za mbere baheza bakagira izindi zigira kabiri, atari uko vyabananiye, ahubwo ari ukubera ko ari kwo Ekleziya ibitegekanya. Aca abemerera ko bagiye kubandanya babasabira, kugira ngo bazoshikire n'iyo ntambwe y'ukwihereza Imana gose.
Musenyeri Evariste Ngoyagoye yaboneyeho no kwibutsa ko mu butumwa bwabo harimwo n'ukuba abamisiyonari mu bihugu bitandukanye. Agasangwa mu kwezi kw'icumi, Ekleziya yahaguriye abamisoyonari, yipfurije abo babikira bashasha ko bojana umutima nk'uwa Kristu.
Mwomenya ko abo bashikirije indagano zabo za mbere muri uwo muryango w'aba Benedictine b'Indavyi bari bamaze imyaka ine bavyitegurira. Mwomenya kandi ko uwo muryango uri mu bihugu bitandukanye vyo kw'isi, vyaba ivy'i Buraya n'ivyo muri Amerika, aha muri Afrika na ho, abo babikira tukaba tubasanga mu bihugu vya CĂ´te d'Ivoire, be no ngaha mu Burundi. Aha mu Burundi bakaba bahafise ibigo muri Paruwase Mabayi na Kaburantwa zo muri muri Diyoseze ya Bubanza, be no muri Paruwase Katedrale Regina Mundi yo muri Diyoseze nkuru ya Bujumbura, aho mbere bafise n'ikigo c'inovisiya.
BĂ©ni Raoul Njejimana, Paruwase Katedrale Regina Mundi