Uyu musi ntidutangwe kwambaza abo bamalayika, kugira ngo ngo batugume hafi, baturinde kwikura mu nyonga z'Imana
Kuri uyu musi wa kabiri igenekerezo rya 29 Nyakanga, duhimbaza Umusi mukuru w'abamalayika bakuru: Mikaeli, Gabrieli, na Rafaeli. None, abamarayika bakuru ni ba nde? Ayo mazina yabo na yo asigura iki? Mbega hoho, ubwo abatari bake muri twebwe, turibuka kwambaza abamalayika?
Ariko tubiravye no muri Bibliya abamalayika bari mu mugambi w'Imana. Baguma bihweza ubuninahazwa bw'Imana, bakaba n'intumwa z'Imana zo kumenyesha umugambi w'Imana. Amazina yabo arabisigura neza.
* Mikaeli, umugaba w'ingabo zo mw'ijuru
«Mikaeli», («Micha-El») bisigura ngo: «Ni nde ameze nk'Imana, yo ata na kimwe yogereranywa?» Igitabu c'ivyahishuwe kimwerekana nk'intwazangabo iranga intsinzi y'Imana kuri sekibi.
Mu bihugu bitandukanye, amaparuwase amwe amwe, amasengero n'ibindi bibanza, vyaramutoyeko umuvunyi.
*Gabrieli, uwatumwe n'Imana kubwira Bikira Mariya ko azovyara Umukiza
Gabrieli na we ni umumalayika yatumwe kuburira Bikira Mariya inkuru nziza iheta izindi zose, ko ari we azovyara Umwana w'Imana, umukiza w'isi. Ni we kandi yaburiye Zakariya ivuka rya Yohani Batista, integuza y'umukiza. «Gabrieli» («Gabri-El») bisigura ngo: «Imana yarerekanye ubukomezi bwayo».
*Rafaeli, intumwa ihumuriza mu kwibutsa ko Imana ikiza
«Rafaeli» («Rapha-El») bisigura ngo: «Imana iratuyobora ikadukiza». Turamubona muri Bibliya igihe yaherekeza Tobiya kurondera uwo bazokwubakana, yongera akiza se, Tobito, uruhumyi! Ni intumwa y'Imana ihumuriza abantu, ibasubiriza umutima mu nda mu kubaronsa ivyo bakeneye.
Abantu batari bake kw'isi baritwa ayo mazina. Natwe ntidutangwe kwambaza abo bamalayika ngo batugume hafi, kugira ngo ntitwigere twikura mu nyonga z'Imana.
Michel Nibitanga, CEDICOM