IGISOMWA CA MBEREIZABURI 78 (79), 8,9, 13INKURU NZIZA
style="font-size: 17.6px;">
Ivyo dusoma mu gitabu c'Umuhanuzi Daniyeli (9, 4b-10)
Jewe, Daniyeli, naratakambiye Umukama Imana yanje ndamwemeza nti: «Ndakuzamvye, Mukama, Mana nkuru kandi iteye ubwoba, Wewe uzigamira isezerano n'iteka abagukunda bakazigama amabwirizwa yawe. Twaracumuye, twaragararije, twarakoze inabi, twarahemutse, kandi twarikuye ku mabwirizwa no ku mategeko yawe. Ntitwumviye abasavyi bawe ari bo ba bahanuzi bahora bahanura kw'izina ryawe abami bacu, abakuru bacu, abasokuru bacu n'abantu bose bo mu gihugu.
Mukama, ubutungane ni rwawe, tweho tugasigarana ubumaramare butwuzuye amaso, nk'uko bimeze ubu i Yeruzalemu: Abanyisrayeli bose, baba abava hafi canke abava kure, barasanzaye mu bihugu vyose wabashwiragijemwo, bakamaramara kuko baguhemutseko.
Mukama, tweho dusigaranye ubumangare, twe n'abami bacu, n'abakuru bacu n'abasokuru bacu, kuko twari twaragucumuyeko. Nawe Umukama Imana yacu ni We Nyenimbabazi n'ikigongwe; twaramuhemutseko noneho, ntitwumvirije iiwi ry'Umukama Imana yacu ngo tugendere muri ya mabwirizwa yiwe twahawe n'abasavyi biwe ari bo bahanuzi.»
Icit.: Ntutugirire, Mukama,
ibikwiranye n'ibicumuro vyacu.
Ntuduhore akabi k'abasokuru,
bandanya riho udushigikize imbabazi zawe,
kuko amagara ariko aratuvako.
Dufashe, se Mana tuzeyeko ugutabaruka,
maze ubigire ngo uninahaze izina ryawe.
Dukize, zimanganya akabi kacu,
tubohore kubera izina ryawe.
Duhave rero, natwe igihugu cawe,
twebwe za ntama z'uruhongore rwawe,
tugukengurukire tudahengeshanya.
Urakaninahazwa, Kristu,
Wewe Muco wamaho w'Imana nzima.
Nimurondere ivyiza, mwiyame akabi, mubone kuramba;
niho muzokwamana n'Umukama.
Urakaninahazwa, Kristu,
Wewe muco wamaho w'Imana nzima.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk'uko yashikirijwe na Luka (6, 36-38)
Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Nimube abanyakigongwe, nk'uko So wanyu ari umunyakigongwe. Ntimucire abandi rubi, niho mutazorucirwa; ntimucire igihano abandi, niho mutazogicirwa; rekurire abandi, niho muzorekurirwa. Tange, niho bazobaha; bazobasubiza ingero nyayo, yuzuye, itsindagiye kandi isesekaye; ingero mugeresha niyo namwe muzogererwako.»