Ijambo ry'Imana
- IDOMINIKA YA 16 YO MU MWAKA - 2020
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
Ku wa mbere: Polinari umwepiskopi yapfiriye Imana
Ku wa kabiri
Ku wa gatatu: Mariya Magdalena
Ku wa kane: Brigita umwihevyi
Ku wa gatanu: Sharbeliyusi Makhlul, umusaserdoti
Ku wa gatandatu:Yakobo umutumwa
- IDOMINIKA YA 17 YO MU MWAKA - 2020
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
Ku wa mbere
Ku wa kabiri
Ku wa gatatu: Marita Mweranda
Ku wa kane: Petero Krizologe, umwepiskopi
Ku wa gatanu: ignasi wa Loyola, Umusaserdoti
Kun wa gatandatu: Alfonsi Mariya wa Liguori, umwepiskopi n'umwigisha
- IDOMINIKA YA 18 YO MU MWAKA - 2020
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
Ku wambere
Ku wa kabiri
Ku wa gatatu: Ihezagigwa ry'isengero nkuru ya Bikira Mariya
Ku wa kane: Ukwihindura kw'umukama
Ku wa gatanu: Sigisto II Umupapa n'abagenziwe abamaratiri
Ku wa gatandatu: Dominiko, Umusaserdoti
- IDOMINIKA YA 19 YO MU MWAKA - 2020
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
Ku wa mbere: Lorenti, umudiyakoni yapfiriye Imana
Ku wa kabiri
Ku wa gatatu
Ku wa gatatu: Yohana Frinsiska wa Chantal, Umwihevyi
Ku wa kane: Ponsiyano umupapa na Hipolito Umusaserdoto, Abamaratiri
Ku wa gatanu: Magisimiliyano Mariya Kolbe, Umusaserdoti n'Umumaratiri
Ku wa gatandatu:Iyurizwa mw'ijuru rya Bikira Mariya
- IDOMINIKA YA 20 YO MU MWAKA - 2020
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
Ku wa mbere
Ku wa Kabiri
Ku wa Gatatu : Yohani Eudes
Ku wa Kane : Bernarudo, umumonaki n'Umwigisha, Ukwibuka
Ku wa Gatanu : Piyo w'10 Umupapa, Ukwibuka
Ku wa Gatanu :Piyo w'10 umupapa, ukwibuka
Ku wa Gatandatu : Bikira Mariya Umwamikazi,Ukwibuka
UMWAKA A IDOMINIKA YA 17 YO MU MWAKA - 20201/8/2020
Kun wa gatandatu: Alfonsi Mariya wa Liguori, umwepiskopi n'umwigisha
IGISOMWA CA MBEREIZABURIINKURU NZIZA

Ivyo dusoma mu gitabu c'Umuhanuzi Yeremiya (26, 1-9) 
Mu gihe Yehoyakimu, mwene Yoziyasi, umwami w'Ubuyuda, yimikwa, Umukama yabariye Yeremiya ati: «Ng'iri irivumerewe n'Umukama: Hagarara ku mbuga y'ingoro y'Umukama. Abava mu bisagara vy'Ubuyuda baza gusenga mu ngoro y'Umukama, ubabwire aya majambo; ntusige na rimwe. Kumbure bohava bumva, umwe wese agahindukira agaheba inzira mbi yahoramwo, kugira ngo nanje nigarure ndeke kubatera nk'uko nari niyumviriye kubatera kubera ububi bw'ibikorwa vyabo. Genda rero ubabwire uti: "Ng'iri ijambo ry'Umukama: Nimwanka kuntega amatwi ngo mugendere muri ya mabwirizwa nabashinze, ngo mwumvire amajambo y'abasavyi banje nama mbarungikira kubahanura kw'izina ryanje mukanka kubumvira, nzogirira iyi ngoro ico nagiriye iy'i Silo kandi iki gisagara nzogihindura ikivume mu maso y'ibihugu vyo kw'isi yose.»Abaherezankuka, abahanuzi n'abantu bose barumvise Yeremiya ariko aravugira ayo majambo mu ngoro y'Umukama. Amaze kuvuga ayo majambo yose Umukama yari yamutegereje kubarira abantu bose, abaherezankuka n'abahanuzi baca baramufata, bavuga bati: «Uri uwo gupfa! Ni kuki wavuze kw'izina ry ?Umukama aya majambo ngo: Iyi ngoro izomera nk'iy'i Silo kandi ngo: Iki gisagara kizocika agahinga ka nyaganande?» Ni uko rero, abantu bose bakoranira kuri Yeremiya mu ngoro y'Umukama.