Ijambo ry'Imana
- IDOMINIKA YA MBERE Y'UBUSHIKIRO - 2019
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
Ku wa mbere
Ku wa kabiri: Fransisko Gisaveri
Ku wa gatatu : Yohani w´i Damasi
Ku wa kane
Ku wa gatanu: Nikola, Umwepiskopi
Ku wa gatandatu: Ambruwazi, Mweranda
- IDOMINIKA YA 2 Y'UBUSHIKIRO - 2019
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
Ku wa mbere: Isamwa atagicumuro rya Bikira Mariya
Kuwa kabiri
Ku wa Gatatu: Damase, I Umupapa
Kuwa Kane: Bikira Mariya w'i Guadeloupe
Ku wa Gatanu: Lusiya umubikira yapfiriye Imana
Ku wa Gatandatu: Yohani w'Umusalaba, Umusaseredoti, Ukwibuka
- IDOMINIKA YA 3 Y'UBUSHIKIRO - 2019
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
Ku wa Mbere
Ku wa Kabiri
Ku wa Gatatu
Ku wa Kane
Ku wa Gatanu
Ku wa Gatandatu: Petero Kaniziyusi, Umusaseredoti
- IDOMINIKA YA 4 Y'UBUSHIKIRO - 2019
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
Ku wa mbere
Ku wa Kabiri
Ku wa gatatu
Ku wa Kane: Sitefano mweranda
Ku wa gatanu: Yohani umutumwa n'umwanditsi w'inkuru nziza
Ku wa gatandatu: Abana bishwe na Herodi
UMWAKA A IDOMINIKA YA MBERE Y'UBUSHIKIRO - 20193/12/2019
Ku wa kabiri: Fransisko Gisaveri
IGISOMWA CA MBEREIZABURIINKURU NZIZA


Ivyo dusoma mu gitabu c'Umuhanuzi Izaya (11, 1-10)
Ng'iyo ingundu yamutse ku gishitsi ca Yese,ng'iryo irembo rije riva mu mizi yiwe.Ng'uwo yuzuwe n'umutima w'Umukama:agize gutekereza n'ubwenge bwinshi,afise ubwitonzi n'ubukomezi,maze umwuzurira ukaba ubumenyi n'ukwubaha Umukama,icubahiro c'Umukama ni co kimugenza.Mu rubanza ntaca urwa ngondagonde,ntavugira muvumbi kumuvumba,ntakurikiza insaku.Ihibambewe, umurushwa amucira urw'ukuriakurikije ubutungane,abatobato mu gihuguyama abagarukira mu rubanza.Ijambo ryiwe, ni inkoni ikubita abishira hejuru,impwemu ziwe na zo zitikiza inkozi z'ikibi.Ingingo yama ayikenyereye,ukuri azira kuguhemukira.Imfyisi isigaye yibanira n'umwagazi,icuya gisigaye kiryamana n'agahene,inyana isigaye irisha iruhande y'umwana w'intambwe,biragiwe n'akana gatoyi.Inka n'igihura bisigaye ari pfa mpfe,abana bavyo barabana.Intare isigaye isangira ubwatsi n'impfizi.Ikibunduguru gisigaye gikinira ku mwobo w'imamba,kikarongereza iminwe mu myobo y'incira.Nta busuma, nta nabi igikorerwaku gatumba k'Umukama;kuko, nka kurya amazi yuzura ikiyaga,ni ko n'abantu buzuwe n'ugutegera Umukama.Muri ico gihe, agasigarira ka Yese (ari we se wa Dawudi)kazokwibonekeza kabere ikimenyetso amakungu.Eka intara zose zizoza zikirukira,inyubakwa yako izoshemezwa hose.