Ijambo ry'Imana
- EPIFANIYA - 2020
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
Ku wa mbere
Ku wa kabiri
Ku wa gatatu
Ku wa kane
Ku wa gatanu
ku wa gatandatu
- IBATISIMU Y'UMUKAMA - 2020
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
Ku wa mbere: Hilari, Umwepiskopi n'Umwigisha w'Ekleziya
Ku wa Kabiri
Ku wa Gatatu
Ku wa kane
Ku wa Gatanu
Ku wa Gatandatu
- IDOMINIKA YA 2 YO MU MWAKA - 2020
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
Ku wa mbere
Ku wa kabiri: Anyesi yapfiriye Imana
Ku wa gatatu
Ku wa kane
ku wa gatanu: Fransisko wa Sale, umwepiskopi n'umuhinga muvy´Imana
Ku wa gatandatu: Ihinduka rya Paulo, umutumwa
- IDOMINIKA YA 3 YO MU MWAKA - 2020
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
ku wa mbere
Ku wa kabiri: Toma w'i Akwino, Umusaserdoti, Umwigisha
Ku wa gatatu
Ku wa kane
Ku wa gatanu: Yohani Bosco, Umusaserdoti
Ku wa gatandatu
- IHEREZA RY'UMUKAMA - 2020
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
Ku wa mbere
Ku wa kabiri
Ku wa gatatu: Agata Umwigeme n'umumaratiri
Ku wa kane: Paulo Biki na bagenziwe, bapfiriye Imana
Ku wa gatanu
Ku wa gatandatu: Yozefina Bakhita, umubikira
UMWAKA A IBATISIMU Y'UMUKAMA - 202014/1/2020
Ku wa Kabiri
IGISOMWA CA MBEREIZABURIINKURU NZIZA


Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere ca Samuweli (1, 9-20) 
Muri irya misi, bamaze gufungura, Ana yaciye ahaguruka ngo agende imbere y'Umukama; umuherezankuka Heli ni ho yari ari, yicaye ku ntebe yiwe, hambavu y'igishimaryango c'ingoro y'Umukama. Umutima wuzuye intuntu, Ana yariko arasenga n'amarira menshi; arahava ashikiriza Imana indagano ati: «Ewe Mukama, Nyeningabo, niwaraba amaganya y'umusavyi wawe ukanyibuka, ntiwibagire umusavyi wawe, ukamuha riho umwana w'umuhungu, nzomuhebera Umukama abe rwiwe bwite gushika apfe kandi ntibazokwigera bamumwa imishatsi.»Aguma asenga atyo imbere y'Umukama, na we Heli yitegereza umunwa wiwe. Ana yariko avugira mu mutima wiwe akubita umunwa gusa ntibumve ijwi ryiwe; ni co gituma Heli yagira ngo araborewe. Aramubwira rero ati: «Uzoguma uborewe gushika ryari? Hogi, genda, kandi n'uhebe imvinyu!» Ana na we aramwishura ati: «Haba namba, Muhanyi, nta co ndimwo; ndi umuntu yuzuye amaganya gusa, nta mvinyu, nta n'icitwa ikiboreza nanyoye, ariko nariko ndagaragaza umutima wanje imbere y'Umukama. Nturabe incoreke yawe nk'umukobwa w'imburakimazi kuko amaganya menshi n'intuntu ari vyo vyatumye mvuga gushika ubu.» Heli aramwishura ati: «Genda n'amahoro, Imana y'Israyeli iguhe ico wayisavye.» Na we ati: «Ese incoreke yawe woyiraba ryiza!» Araheza aragenda. Ntiyari acanka gufungura kandi ntiyasubiye kwiraburanirwa. Bukeye, barazinduka kare bahejeje gupfukamira Umukama, baraheza barataha, basubira iwabo i Rama. Maze, Elikana yegereye umugore wiwe Ana, Umukama aramwibuka. Igihe kigeze, Ana arasama inda, araheza avyara umwana w'umuhungu, amwita Samuweli, ati: «Ni uko namusavye Umukama.»