Ijambo ry'Imana
- IDOMINIKA YA 23 YO MU MWAKA - 2020
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
Ku wa Mbere
Ku wa Kabiri : IVUKA RYA BIKIRA MARIYA, Umusi mukuru
Ku wa Gatatu : Petero Claveri, Umusaserdoti
Ku wa Kane
Ku wa Gatanu
Ku wa Gatandatu : IZINA RYERANDA RWOSE RYA BIKIRA MARIYA
- IDOMINIKA YA 24 YO MU MWAKA - 2020
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
Ku wa Mbere : ININAHAZWA RY'UMUSALABA, Umusi mukuru
Ku wa Kabiri : Umugabekazi wabonye amagorwa yose, Ukwibuka
Ku wa Gatatu : Kornelli, Umupapa na Sipriyano, Umwepiskopi, bapfiriy'Imana, Ukwibuka
Ku wa Kane : Roberto Bellarmin umwepiskopi n'umuhinga mu vy'Imana
Ku wa Gatanu
Ku wa Gatandatu : Yanwari Umwepiskopi yapfiriye Imana
- IDOMINIKA YA 25 YO MU MWAKA - 2020
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
Ku wa Mbere : MATAYO UMUTUMWA N'UMWANDITSI W'INKURU NZIZA, umusi mukuru
Ku wa Kabiri
Ku wa gatatu : Piyo w'i Pietrelcina, umusaserdoti
Ku wa Kane
Ku wa Gatanu
Ku wa Gatandatu : Kosima na Damiyano bapfiriye Imana
- IDOMINIKA YA 26 YO MU MWAKA - 2020
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
Ku wa Mbere : Wenseslas Mweranda, Lorenti Ruiz n'abagenziwe bapfiriy'Imana
Ku wa Kabiri : ABAMARAYIKA MIKAYELI, GABURIYELI NA RAFAYELI, Umusi mukuru
Ku wa Gatatu : Yoronimu, Umusaserdoti, Mwigisha, ukwibuka
Ku wa Kane : TEREZA W'UMWANA YEZU, UMUBIKIRA, Umusi mukuru
Ku wa Gatanu : ABAMARAYIKA BARINZI Abo kwibuka
Ku wa Gatandatu
- IDOMINIKA YA 27 YO MU MWAKA - 2020
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
Ku wa Mbere
Ku wa Kabiri : Bruno Mweranda, Umusaserdoti
Ku wa Gatatu : BIKIRA MARIYA, UMUGABEKAZI W'IROZARI Uwo kwibuka
Ku wa Kane
Ku wa Gatanu : Deni, Umwepiskopi na bagenziwe, Abamaratiri; Yohani Leonardi, umusaserdoti
Ku wa gatandatu
UMWAKA A IDOMINIKA YA 24 YO MU MWAKA - 202016/9/2020
Ku wa Gatatu : Kornelli, Umupapa na Sipriyano, Umwepiskopi, bapfiriy'Imana, Ukwibuka
IGISOMWA CA MBEREIZABURIINKURU NZIZA



Ivyo dusoma mw'Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (12, 31-13, 3)

Ncuti zanje, mu ngabirano z'Imana nimurondere iy'agaheta. Ubu ngira ndabereke inzira iruta izindi zose. N'aho novuga indimi z'abantu n'iz'abamarayika, ntafise urukundo, noba meze nk'icuma gihuguma canke nk'ikinjanja casirana; n'aho nogira ingabirano y'ugihanura kw'izina ry'Imana, nkamenya amabanga yose n'ubwenge bwose, n'aho nogira ukwemera kwuzuye ngo guterure imisozi, ntafise urukundo, nta co nova maze; n'aho notanga ivyanje vyose nkagaburira abarushwa kandi n'aho nokwita mu muriro, ntafise urukundo, nta co vyomarira.

Urukundo ruriyumanganya, urukundo rugenza runtu, nta shari rugira; urukundo ntirwihayagiza, ntirwishira hejuru, ntirukora ikitaroranye, ntirurondera akunguko, ntirugira ishavu, ntirubika akabi mu nda, ntirunezerezwa n'ubugunge, ariko runezerezwa n'ukuri; rurenzako muri vyose, rwemera vyose, rwizigira vyose, rurinda vyose. Urukundo ntiruhera. Ubuhanuzi?... Buzotinda buhere. Indimi? ... Zizotinda zihere. Ubumenyi? ... Buzotinda buhere.

Na none, tumenya agace kandi duhanura agace; ariko aho ikirangutse kizoshikira, ivy'agace bizoca vyibagirwa. Aho nari nkiri umwana, navuga nk'umwana, nkiyumvira nk'umwana, ngasobanura nk'umwana; maze kuba umugabo na ho, naciye mpeba ivy'ubwana. Ubu, turabira mu cirore ivyijiji, ariko hanyuma tuzobona imbonankubone. Ubu, menya agace, ariko hanyuma nzomenya nk'uko nanje menywa n'Imana. None rero, ikigumaho ni ukwemera, ukwizigira n'urukundo; ariko muri ivyo bitatu, ikibiheta vyose ni urukundo.