Urakaninahazwa kandi uragahezagirwa, Mukama Yezu. Hahiriwe abibera mu ngoro yawe, Mukama, bazokuririmbira imyaka yose! Urakaninahazwa kandi uragahezagirwa, Mukama Yezu.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (1, 16. 18-21. 24a)
Yozefu akora ico umumarayika w’Umukama yamutegetse
Yakobo yavyaye Yozefu, umugabo wa Mariya, nyina wa Yezu yitwa Kristu.
Ng’ivyo ivy’ivyuka rya Yezu
Kristu uko vyagenze. Mariya, nyina wiwe, yari yasabwe na Yozefu, ariko imbere
y’uko babana, yari yasamye inda ku bwa Mutima Mweranda. Uyo mugabo wiwe Yozefu
yari umuntu w’ingingo, kandi ntiyashaka kumwararaza, ni ko kwigira inama
y’ukumuhebera mu mpisho.
Amaze kuvyiyumvira, intumwa
y’Umukama iramubonekera ari mu ndoto, imubwira iti: «Yozefu, mwene Dawudi,
ntutinye kubana na Mariya, umugore wawe : iyo mbanyi afise yamutse kuri Mutima
Mweranda; azokwibaruka umwana w’umuhungu, izina uzomwita ni Yezu, kuko ari we azokiza
ibicumuro igihugu ciwe.»
Yikanguye, Yozefu akora ico
umumarayika w’Umukama yari yamutegetse.
Canke :
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru
Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (2, 41-51a)
Urabona aho twahereye tukurondera twe na so, turi mu maganya!
Uko umwaka utashe, abavyeyi
ba Yezu bahora baja i Yeruzalemu ku misi mikuru ya Pasika. Aho Yezu amariye
imyaka cumi n’ibiri, adugana n’abavyeyi biwe i Yeruzalemu nk’uko bama babigira
ku misi mikuru ya Pasika. Imisi ya Pasika imaze guhera, barataha; umwana Yezu
asigara i Yeruzalemu, na bo abavyeyi biwe batabizi. Bagira urugendo rw’umusi
wose bakeka ko ari kumwe n’abo bazananye, baraheza bamuronderera mu ncuti no mu
bo bazinanye. Ngo bamubure, basubira i Yeruzalemu kumurondererayo.
Bamaze gatatu, bamusanga mu
gisengero yicaye mu bigisha hagati, abumviriza yongera ababaza. Abamwumva bose
bagatangazwa n’ubwenge bwiwe n’ivyo yabishura. Ngo bamurengukeko,
barajumararirwa. Nyina wiwe amubwira ati: «Mbega mwananje, watugize ibiki?
Urabona aho twǎhereye tukurondera twe na so, turi mu maganya!» Na we abishura
ati: «Mwandonderera iki? Ntimwari muzi ko mbwirizwa kwama mu bikorwa vya Data?»
Mugabo bo ntibategera iryo ababwiye.
Baraheza baramanukana
basubira i Nazareti, akama abagamburukira.
Â