IGISOMWA CA MBEREIZABURI 50 (51), 3-4, 12-13, 18b-19INKURU NZIZA
style="font-size: 17.6px;">
Ivyo dusoma mu gitabu c'Umuhanuzi Yonasi (3, 1-10)
Muri irya misi, Umukama yabariye Yonasi ati: «Haguruka ugende i Niviva mu gisagara gikuru kuvuga ivyo nzokubarira.» Yonasi arahaguruka aja i Niniva nk'uko Umukama yabivuze. Niniva cari igisagara kinini cane: kugira ngo umuntu akijabuke yakimaramwo imisi itatu agenda. Yonasi arinjira mu gisagara, amara umusi agitemberamwo; asigurira abantu abigisha muri aya majambo ati: «Hasigaye imisi mirongo ine, Niniva igasamburwa.» Abantu ba Niniva baremera Imana barisonzesha, bambara amagunira bose, abakuru n'abato. Iyo nkuru irateba ishikira umwami wa Niniva; na we aca ava ku ntebe y'ubwami, arikura umutamana wiwe, yambara igunira kandi yicara mu minyota. Hanyuma, muri Niniva hose, baca bashinga iri tangazo rivuye ku mwami n'abatware biwe ngo: «Nta bantu, nta bikoko, nta bitungwa bitobito canke binini bizogira ico bikoza mu kanwa, habe n'amazi. Bazokwambara amagunira, batakambira Imana bashimitse, maze umuntu wese yisubireko, ahebe akabi yahora akora. Kumbure Imana izokwisubirako, ishavu ryayo riturure, tureke gutikira.»
Imana ngo ibone ivyo bagize ngo bahebe imigenzo yabo mibi, irisubirako amahano yari yabaraganiye ntiyayarungika.
Icit.: Mana yanje, ntuzoshiburira kure
uwukugarutseko n'umutima wiwe wose.
Ngirira ikigongwe se Mana kubera ubuntu bwawe,
ku bw'ikigongwe cawe kidakama nzimanganiriza akabi nakoze.
Nyuhagira umwanda wose mfise,
uheze uhanagure ibicumuro vyanje vyose.
Mukama, nshiramwo ummushaha w'indanga,
ugushaka kwanje na kwo ukuremeshe kwame kukwihambiriyeko.
Ntunshibure ngo nkuve mu maso,
ntera iteka riho ungumizemwo ubwiza bwawe.
Imperezwa nari kuguhereza ntuzibabaye,
imperezwa igushika ku nyota ni umutima wigaye;
umutima wigaye kandi waduhiwe n'ibicumuro nakoze,
ntuzowushiburira kure, Mana yanje.
style="font-size: 17.6px;">
Urakaninahazwa, Kristu,
Wewe Bwitonzi bwamaho bw'Imana nzima.
Umukama yavuze ati: « Nimwihanure,
kuko Ubwami bw'ijuru buri hafi.»
urakaninahazwa, Kristu,
Wewe Bwitonzi bwamaho bw'Imana nzima.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk'uko yashikirijwe na Luka (11, 29-32)
Muri irya misi,
Yezu atangura kubwira ishengero ryahinda ati: «Uru rwaruka ni urwaruka rubi! Rurondera ikimenyetso, nta kimenyetso kindi muzohabwa atari ikimenyetso c'umuhanuzi Yonasi. Nk'uko Yonasi yabaye ikimenyetso c'Abanyaniniva, ni ko n'Umwana w'umuntu azobera uru rwaruka. Ku musi w'urubanza, umwamikazi wo mu bumanuko azohaguruka kwagiriza abantu b'uru rwaruka, agireko abatsinde, kuko yahanutse ku nkiko akaza kwumva ubwenge bwa Salomo; kandi hano hari uwuruta Salomo. Ku musi w'urubanza, Abanyaniniva bazokura hasi kwagiriza uru rwaruka, bagireko barutsinde, kuko bihanye kubera inyigisho za Yonasi; kandi hano hari uwuruta Yonasi.»