Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
INDWI YA 4 YO MU MWAKA: KU WA MBERE
KU WA 2 RUHUHUMA : IHEREZA RY'UMUKAMA IGISOMWA CA MBERE Ivyo dusoma mu gitabu c'Umuhanuzi Malakiya (3, 1-4) Wa Mukama murondera, azoca yinjira mu ngoro yiwe Ng'iri iryo Umukama Imana yayaze: Nza kurungika intumwa yanje integurire inzira. Kandi wa Mukama murondera, ya ntumwa y'isezerano mwipfuza, azoca yinjira mu ngoro yiwe. Umukama nyen'ingabo agize ati: «Ng'uyo araje.» Mbega ni nde azoshobora kurinda wa musi w'umuzo wiwe? Ni nde azomukubita ijisho ntahundagare? Akaze nk'umuriro wo mu ruganda, aza arusha vyose mu gukura ibitosi. Azokwicara nk'umucuzi ashusha agatyorora ivyuma, azokwuhagira abana ba Levi, abatyorore nk'inzahabu n'ifeza. Bazoheza babe intungane, bashikane bashimwe mu maso y'Umukama. Niho imperezwa y'Ubuyuda n'iya Yeruzalemu zizohimbara Umukama, nka kumwe kwa kera, imisi ikiri imyero. IZABURI 23 (24) 7, 8, 9, 10 Icit : Mukama nyeningabo, ni we Mwami w'inganji. Mwa birimba, uguruke! Nzugi zamaho, tamanzure: Umwami w'inganji yinjire! Uyo Mwami w'inganji ni nde? Ni Umukama, Nyenububasha, ni intwari, ni Umukama, ni intwari mu rugamba. Mwa birimba, uguruke! Nzugi zamaho, tamanzure: Umwami w'inganji yinjire! Uyo Mwami w'inganji no nde? Ni Umukama, Nyeningabo, ni We Mwami w'inganji. IGISOMWA CA KABIRI Ivyo dusoma mw'Ikete ryandikiwe Abahebereyi (2, 14-18) Yashimye kwishushanya na benewabo muri vyose Abantu bafise kamere y'umubiri n'amaraso, ni co gituma Yezu yashatse kumera nka bo, kugira ngo mu rupfu rwiwe, agire ubusa uwari afise ububasha bw'urupfu, ari we Shetani, yongere asubize iteka abo ubwoba bw'urupfu bwagumije mu buja mu buzima bwabo bwose. Turabizi noneho, abamarayika si bo yaje gukiza, yazanywe na bene Aburahamu. Kubera ico, yashimye kwishushanya na benewabo muri vyose, kugira ngo, mu vy'Imana abe Umuherezankuka mukuru yuzuye impuhwe kandi w'intatanamundagano, ashobora gukura ibicumuro vy'igihugu. None rero, ko yababaye gushika apfe akageragezwa, atidoga, arashobora kwunganira abaremerewe n'amagorwa. INKURU NZIZA Aleluya, aleluya. Ng'uwo umuco uboneshereza intara zose! Ng'iri ininahazwa ry'icibare ciwe Israyeli! Aleluya. Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk'uko yashikirijwe na Luka (2, 22-40) Igisomwa kigufi : 2, 22-32 Amaso yanje yarihweje ubukiriro Babonye hageze ko Mariya aja gutyororwa nk'uko itegeko rya Musa ribivuga, abavyeyi ba Yezu bamujana i Yeruzalemu kumuhereza Umukama, nk'uko vyari vyanditswe mu mabwirizwa y'Umukama ngo: «Umwana w'imfura wese azoherezwa Umukama.» Kandi bari bajanywe n'uguhereza inkuka udukundye tubiri canke utunuma tubiri, nk'uko itegeko ry'Umukama ribivuga. I Yeruzalemu na ho , hari hasanzwe umuntu yitwa Simeho. Uwo muntu yari intungane kandi yarakunda Imana. Yari yiteze uruhoza rw'Israyeli, kandi Mutima Mweranda yari kumwe na we. Mutima Mweranda yari yaramumenyesheje ko atazopfa atarasanganira Uwasizwe n'Umukama. Ni ko kuza mu gisengero yohejwe na Mutima. Abavyeyi ba Yezu bagasangwa bazanye umwana Yezu ngo barangure imigenzo y'itegeko. Simeho aramwakira, ahezagira Imana ati: «Noneho, Muhanyi, nk'uko wabivuze, rengutsa umusuku wawe mu mahoro. Nkako, amaso yanje yihweje urukiza rwawe wateguriye ibihugu vyose, wa muco uzokumenyesha mu makungu, bwa buninahazwa bw'igihugu cawe Israyeli.» Igisomwa kigufi giherera aha Se na nyina baratangazwa n'ivyo bamuvugako. Simeho arabahezagira, araheza abwira Mariya nyina wa Yezu ati : «Ha ! Uwu mwana, benshi muri bene Israyeli bazomwandurako urupfu kandi yongere abere urukiza benshi, azoba ikimenyetso bazohazanirako. Eka na wewe nyene, inkota izogusogota mu mushaha. Ivyiyumviro biri mu mitima ya benshi bizoheza vyibonekeze.» Hariho umuhanuzikazi yitwa Ana, umukobwa wa Fanuweli, wo mu muryango wa Asheri. Yari ashaje cane. Yari yapfakaye amaze imyaka indwi abana n'umugabo wiwe. Muri ico gihe yari ashikiriye imyaka mirongo umunani n'ine. Ntiyari akiva mu Ngoro y'Imana, yama aninahaza Imana ijoro n'umutaga mu kwisonzesha no mu gusenga. Muri ico kiringo nyene, ni ho yahezagira Imana, amenyesha uwo mwana abari biteze ko Yeruzalemu irokoka. Ngo baheze kurangura ivyari vyategetswe n'Umukama, basubira mu Bugalile, mu gisagara cabo Nazareti. Ni uko rero, umwana arakura, arakomera, aratera imbere mu bwitonzi. N'ubuntu bw'Imana bwari kumwe na we.
KU WA GATATU
KU WA KANE
KU WA GATANU : Agata Umubikira yapfiriye Imana
KU WA GATANDATU : Paulo Miki na bagenzi be, bapfiriye Imana