Ijambo ry'Imana
- IDOMINIKA Y'ICUMI NA GATANDATU IBIHE BISANZWE UMWAKA B
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
KU WA MBERE
KU WA KABIRI
KU WA GATATU
KU WA KANE
KU WA GATANU
KU WA GATANDATU
- IDOMINIKA YA CUMI N'INDWI IBIHE BISANZWE UMWAKA B
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
KU WA MBERE
KU WA KABIRI
KU WA GATATU
KU WA KANE
KU WA GATANU
KU WA GATANDATU
- IDOMINIKA Y'ICUMI N'UMUNANI IBIHE BISANZWE UMWAKA B
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
KU WA MBERE
KU WA KABIRI
KU WA GATATU
KU WA KANE
KU WA GATANU
KU WA GATANDATU
- IDOMINIKA Y'ICUMI N'ICENDA IBIHE BISANZWE UMWAKA B
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
KU WA MBERE
KU WA KABIRI
KU WA GATATU
KU WA KANE
KU WA GATANU
KU WA GATANDATU
- IYURIZWA MW'IJURU RYA BIKIRA MARIYA UMWAKA B
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
KU WA MBERE
KU WA KABIRI
KU WA GATATU
KU WA KANE
KU WA GATANU
KU WA GATANDATU
UMWAKA B IDOMINIKA YA CUMI N'INDWI IBIHE BISANZWE UMWAKA B27/7/2021
KU WA KABIRI
IGISOMWA CA MBEREIZABURIINKURU NZIZA

Ivyo dusoma mu gitabu c'Ihunguka (33, 7-11 ; 34, 5b-9.28)

Muri irya misi, Musa ajana Ihema, arishinga kure y'insago, aryita «Ihema ry'ibonaniro.» Uwo wese yagomba gusiguza Umukama yategerezwa kuva mu nsago akaja kw'Ihema ry'ibonaniro bari hashinze hirya y'insago. Kandi, uko Musa yasohoka ngo agendeyo, abantu bose barava hasi, umwe wese agahagarara ku muryango w'urusago rwiwe, bakamukurikiza amaso, gushika aho yinjira mw'Ihema ry'ibonaniro. Mu gihe yinjiyeyo, ya nkingi y'igicu yama imanuka igahagarara ku muryango waryo, Umukama akaganira na Musa. Ngo babone iyo nkingi y'igicu ihagaze ku muryango w'iryo hema, abantu bose barava hasi, maze umuntu wese agakubita ibipfukamiro imbere y 'umuryango w'urusago rwiwe agasenga. Umukama yahora yiganirira na Musa imbonankubone, nk'uko umuntu aganira na mugenziwe. Ivyo biheze, Musa yahora asubira mu nsago, ariko wa musore yahora amufasha yitwa Yozuwe, mwene Nuni, yahora aguma mw'Ihema ry'ibonaniro.
Musa yariko arambaza izina ry'Umukama. Umukama aca imbere yiwe, aravumera ati: «Ndi Umukama, ndi Umukama, ndi Imana yuzuye imbabazi n'ubuntu, sinkaza ishavu, ngira ikigongwe cinshi, nzira guhemuka, nama ngirira imbabazi ibihumbi n'ibihumbi, nkiyumanganya n'ibicumuro ariko simpebe kubibaza; ni jewe mperá abana ibicumuro vya ba se, nkabihera abana, abuzukuru, abuzukuruza n'iconîkí.» 
Ako kanya, Musa aca akubita ibipfukamiro hasi, arasenga. Hanyuma avuga ati: «Mukama, niwaba wanshimiye, ndagusavye utuje imbere. Ndazi, Mukama, ko iki gihugu gifise umutima ugumye nk'ibuye; ariko turekurire ibicumuro vyacu n'ubugaba bwacu, utugire ba samuragwa bawe.»
Musa rero amarana nUmukama, imisi mirongo ine n'amajoro mirongo ine nyene, ata co arya kandi ata co anywa. Umukama na we yandika kuri vya bisate amajambo y'Umukama, ari yo ya mabwirizwa icumi.