Ijambo ry'Imana
- IDOMINIKA YA 29 YO MU MWAKA - 2020
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
Ku wa Mbere : Yohani w'i Brebeuf; Izahaki Jogues, abasaserdoti na bagenziwe bapfiriye Imana; Pawulo w'umusalaba, umusaserdoti
Ku wa Kabiri
Ku wa Gatatu
Ku wa Kane : Umweranda Yohani Paulo II, Umupapa,Ukwibuka
Ku wa Gatanu : Yohani w'i Capistrano, Umusaserdoti
Ku wa Gatandatu : Antoni Mariya Claret, Umwepiskopi
- IDOMINIKA YA 30 YO MU MWAKA - 2020
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
Ku wa mbere
Ku wa Kabiri
Ku wa Gatatu : ABATUMWA SIMONI NA YUDA Umusi mukuru
Ku wa Kane
Ku wa Gatanu
Ku wa Gatandatu
- IDOMINIKA YA YO MU MWAKA : ABERANDA BOSE
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
Ku wa Mbere : UKWIBUKA ABAKRISTU BAPFUYE
Ku wa Kabiri : Martino w'i Pores, umwihevyi, Ukwibuka
Ku wa Gatatu : Karori BOROME, Umepiskopi, ukwibuka
Ku wa Kane
Ku wa Gatanu
Ku wa Gatandatu
- IDOMINIKA YA 32 YO MU MWAKA
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
Ku wa mbere : ihezagirwa ry'isengero ry'umucunguzi i roma
Ku wa Kabiri
Ku wa gatatu: Maritino w'i Tours, Umwepiskopi
Ku wa kane: Yozafati, Umwepiskopi n'umwigisha
Ku wa gatanu
ku wa gatandatu: Iherezwa rya Bikira Mariya
- IDOMINIKA YA 33 YO MU MWAKA - 2020
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
Ku wa mbere: Margarita w'i Ecosse canke Gertrude, Umubikira
Ku wa kabiri
Ku wa gatatu: Ihezagigwa ry'amasengero makuru ya petero na Paulo Abatumwa
Ku wa kane
Ku wa gatanu
Ku wa gatandatu: Iherezwa rya Bikira Mariya
UMWAKA A IDOMINIKA YA 30 YO MU MWAKA - 202027/10/2020
Ku wa Kabiri
IGISOMWA CA MBEREIZABURIINKURU NZIZA

Ivyo dusoma mw'Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyefezi (5, 21-33)
Ncuti zanje,Nimugamburukanire mu cubahiro mufitiye Kristu; abagore nibagamburukire abagabo babo nk'uko bogamburukira Umukama Yezu. Erega, umugabo ni we agaba umugore nk'uko Kristu ari we agaba Ekleziya, akaba ari we Mukiza w'uwusanzwe ari Umubiri wiwe. None rero, nk'uko Ekleziya igamburukira Kristu, n'abe ari ko n'abagore bagamburukira abagabo babo muri vyose. Namwe, bagabo, nimukunde abagore banyu, nk'uko Kristu yakunze Ekleziya: yarayiguze, kugira ngo ayigire nyeranda mu kuyuhagiza amazi y'ibatisimu n'ijambo ry'ubuzima, yagomba ko iseruka mu maso yiwe isayangana, itagira agatosi, ata minkanyari, ata kanenge namba, eka ari nyeranda, ata mahinyu. Uko ni ko abagabo na bo bategerezwa gukunda abagore babo nk'uko bikunda bo nyene. Uwukunda umugore wiwe aba yikunze we nyene. Erega, nta n'umwe yigera yanka umubiri wiwe, arawugaburira akawubungabunga. Ni ko Kristu yagiriye Ekleziya yiwe, kuko turi ingingo z'umubiri wiwe. Ni co gituma handitswe ngo: «Umugabo azoheba se na nyina, yunge ubumwe n'umugore wiwe, maze bompi babe umwe.» Iryo banga rirahambaye: mbivuze mbikuye kuri Kristu no kuri Ekleziya. Aho rero, namwe nyene, umwe wese n'akunde umugore wiwe nk'uko yikunda we nyene, umugore na we niyubahe umugabo wiwe.