Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima. Ku bwacu twese, Yezu Kristu yarigize umugamburutsi gushika yemere urupfu, kandi urupfu rwo ku musaraba. Ni co catumye Imana imushira hejuru ya vyose, ikamugabira Izina rirengeye amazina yose. Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima.
Ukubabara kw’Umukama wacu Yezu Kristu kwashikirijwe na Yohani (18, 1-19, 42)
Yezu mw’itongo ryo hakurya ya Kedroni
S: Bahejeje gufungura, Yezu ajana n’abigishwa biwe hakurya y’umugezi witwa Kedroni;
hari umurima, aba ari ho yinjira n’abigishwa biwe.
Yuda wa muhemu yari azi neza aho hantu,
kuko Yezu yahora ahaja kenshi n’abigishwa biwe.
Â
Yuda rero azanye umugwi w’abasirikare n’abarinzi
barungitswe n’abaherezankuka bakuru be n’Abafarizayo,
arashika n’amatara n’ibimuri n’ibirwanisho.
Yezu rero yari azi ibiza kumushikira vyose;
arabasanganira, ababwira ati:
Y: «Murondera nde?»
S:
Bamwishura bati:
Ab: «Yezu w’i Nazareti.»
S:
Ababwira ati:
Y: «Ni Jewe.»
S:Â Yuda wa muhemu yari kumwe na bo.
Aho Yezu ababwiriye rero ati: «Ni Jewe»,
Basogeza baja inyuma bagwa hasi.
Yezu asubira kubabaza ati:
Y: «Murondera nde?»
S: Bishura bati:
Ab: «Yezu w’i Nazareti.»
S: Yezu abishura ati:
Y: «Nababwiye ko ari Jewe.
Usangwa ari Je murondera, reke abo
bigire.»
S: Uko niko ijambo yavuze ryarangutse, ngo:
«Sinatakaje n’umwe mu bo wampaye.»
Simoni Petero yari afise inkota;
arayisokorora, ayikubita umusuku w’umuherezankuka mukuru,
amuca ugutwi kw’iburyo.
Uwo musuku yitwa Malikusi.
Yezu yamara abwira Petero ati:
Y:
«Subiza inkota mu rwubati.
Bite! Ndeke kunywa ikalisi Data yampaye!»
S: Wa
mugwi w’abasirikare, uwuwurongoye n’abarinzi b’Abayuda
Bafata Yezu baramuboha.
Â
Yezu kwa Hana na Kayifa
Â
Babanza kumujana kwa Hana,
ari we sebukwe wa Kayifa,
yari umuherezankuka mukuru uyo mwaka.
Kayifa ni umwe yari yahanuye Abayuda ati:
«Vyobabera vyo umuntu umwe apfiriye
igihugu.»
Â
Simoni Petero n’uwundi mwigishwa barakurikira Yezu.
Uwo mwigishwa umuherezankuka mukuru
yari amuzi,
yinjirana rero na Yezu mu ngoro y’umuherezankuka mukuru,
Petero we asigara hanze hambavu y’irembo.
Wa mwigishwa umuherezankuka mukuru yari azi, arasohoka,
avugana n’incoreke yarinda irembo, yinjiza Petero.
Iyo ncoreke yarinda irembo ibwira Petero iti:
Ab: «Aho uri aho,
weho nturi mu bigishwa b’uwo muntu?»
S: Ayishura ati:
Ab: «Sindi muri bo.»
S: Abasuku n’abarinzi bari
bacanye umuriro, kuko hari imbeho,
bari aho bota.
Petero na we yari kumwe na bo yota.
Â
Umuherezankuka mukuru arabaza Yezu
Ibirora ku bigishwa biwe no ku nyigisho ziwe.
Yezu amwishura ati:
Y:
« NÇgishije abantu icese;
nÇŽmye nigishiriza mu masinagoga no mu gisengero,
aho Abayuda bakoraniye;
nta co navugiye mu mpisho.
Umbariza iki?
Baza abavyumvise; ico navuze bo barakizi.»
S: Ngo avuge iryo,
umwe mu barinzi bari aho, akubita urushi Yezu, ati:
Ab: «Uko ni ko wishura umuherezankuka mukuru!»
S:
Yezu amwishura ati:
Y:
«Ninaba mvuze nabi, erekana ikibi aho kiri;
na ho ninaba mvuze ukuri, unkubitiye iki?»
S:
Hana amurungika uko yakaboshwe
ku muherezankuka mukuru Kayifa.
Simoni Petero we yari akiri aho yota umucanwa.
Bamubwira bati:
Ab: «Weho ntiwoba uri uwo mu
bigishwa biwe?»
S: Arabihakana ati:
Ab: «Sindi muri bo.»
S:
Umwe mu basuku b’umuherezankuka mukuru,
incuti y’uwo Petero yari yaciye ugutwi,
Amubwira ati:
Ab: «Sinakubonye muri kumwe
mw’itongo?»
S:
Petero yamara asubira kubihakana,
ubwo nyene inkoko irabika.
Â
Yezu kwa Pilato
Â
Bavana rero Yezu kwa Kayifa, bamujana mw’iburaniro.
Hari mu gitondo.
Ariko bo ntibinjra mw’iburaniro ku kwanka guhumana,
ngo bashobore kurya Pasika.
Â
Pilato arasohoka rero imbere yabo, ababwira ati:
Ab: «Uwo muntu mumurega iki?»
S:
Baramwishura bati:
Ab: «Iyo ataba yari inkozi
y’ikibi,
ntitwari kumukuzanira.»
S:
Pilato ababwira ati:
Ab: «Mujane mwebwe nyene mumucire urubanza,
mukurikize itegeko ryanyu.»
S: Abayuda baramwishura bati:
Ab: «Ntitwarekuriwe kugira uwo twica.»
S: Kwari ukugira ngo ijambo Yezu yavuze
Hamwe yari yabuye ururpfu azopfa, ritahe.
Pilato rero asubira mw’iburaniro,
atumako Yezu, amubwira ati:
Ab: «Uri umwami w’Abayuda?»
S: Yezu aramwishura ati:
Y:
«Ivyo ni wewe uvyivugiye,
canke ni ivyo wumva ku bandi bamvuga?»
S: Pilato amwishura ati:
Ab: «Mbega jewe ndi Umuyuda?
Abo mu gihugu cawe n’abaherezankuka bakuru ni bo bakunzaniye.
Wakoze iki?»
S: Yezu asubiza ati:
Y: «Ubwami bwanje si ubwo kuri iyi si.
Iyo Ubwami bwanje buba ari ubwo kuri iyi
si,
Abantu banje bari kundwanira,
Singwe mu minwe y’Abayuda;
Eka noneho, Ubwami bwanje si ubw’aha
kw’isi.»
S: Pilato
amubwira ati:
Ab: «None ga, uri umwami?»
S:
Yezu aramwishura ati:
Y:
«Uvuze ko, ndi Umwami,
kandi ni co navukiye kikantuma nza kw’isi:
ni ukugira ngo nshingire ingingo ukuri;
uwukunda ukuri wese yumva ijwi ryanje.»
S: Pilato aramubwira ati:
Ab: «Ukuri ni iki?»
S:
Avuze ayo majambo, asubira gusohoka, agana Abayuda,
araheza arababwira ati:
Ab: «Nta co namusanzeko comwica.
Ariko ni akamenyero
Ko ndabarekurira umwe ku musi wa Pasika.
None mushaka ko ndabarekurira umwami w’Abayuda?»
S:
Biha induru rero bati:
Ab: «Ntumuduhe, duhe Baraba!»
S:
Uwo Baraba yari umwambuzi.
Pilato rero afata Yezu aramukubitisha.
Hanyuma abasirikare bajisha urugori rw’amahwa,
barumwambika ku mutwe,
bongera bamwambika umutamana utukura.
Baramwegera bavuga bati:
Ab: «Mwaramutse, ga mwami w’Abayuda!»
S:
Bongera baramukubita amakofe.
Pilato aragaruka, abwira Abayuda ati:
Ab: «Ehe ndamubazaniye,
mumenye ko ata gicumuro ndamubonyeko co kumwica.»
S: Yezu arasohoka rero uko yakambaye
rwa rugori rw’amahwa na wa mutamana utukura;
araheza Pilato ababwira ati:
Ab: «Ng’uwo wa muntu!»
S:
Ngo bamubone, abakuru n’abarinzi biha induru bati:
Ab: «Ku musaraba! Ku musaraba!»
S:
Pilato ababwira ati:
Ab: «Ng’uwo nimumwibambire
mwebwe nyene,
jewe nta co namusanzeko gikwiye guhanwa.»
S: Abayuda baramwishura
bati:
Ab: «Turi n’itegeko,
kandi turikurikije ni uwo gupfa,
kuko yigize Umwana w’Imana.»
S:
Pilato ngo yumve ayo majambo, atinya ukuruta.
Asubira mw’iburaniro, araheza abwira Yezu ati:
Ab: «Uva he?»
S: Yezu yamara ntiyamwishura namba.
Pilato rero niko kumubwira ati:
Ab: «Ntunyishura jewe!
Ntuzi ko mfise ububasha bwo kukurekura
N’ubwo kukubamba?»
S:
Yezu aramwishura ati:
Y:
«Nta bubasha wari umfiseko,
iyo utabuhabwa n’Uwo mw’ijuru.
Ni co gituma uwakumpaye
Yakoze igicumuro kiruta icawe.»
S:
Kuva ubwo, Pilato yarondera ingene yomurekura;
Abayuda yamara baja mu vyo kuyogora bati:
Ab: «Niwamurekura, ntuzoba ukunda Sezari;
kuko uwigira umwami wese aba agararije Sezari.»
S: Pilato ngo avyumve,
asohora Yezu,
amwicarika ku ntebe y’imanza,
ahitwa Litositorotosi, mu gihebereyi na ho Gabata.
Hari ku musi w’ukwitegurira Pasika,
ahashira isaha ya gatandatu.
Pilato abwira Abayuda ati :
Ab: «Ng’uwo umwami wanyu!»
S: Bo bavuza induru bati:
Ab: «N’apfe! N’apfe! Mubambe!»
S: Pilato ababwira ati:
Ab: «Mbambe umwami wanyu!»
S:
Abaherezankuka bakuru basubizayo bati:
Ab: «Atari Sezari, nta wundi mwami dufise.»
S:
Araheza aramubaha ngo bamubambe.
Â
Yezu ku gasozi ka
Kalvariyo
Â
Yezu ava aho yikoreye umusaraba wiwe,
agana ahantu hitwa Kalvariyo, mu gihebereyi Gologota.
Ni ho bamubambiye hamwe n’abandi babiri,
umwe ku ruhande uwundi ku rundi,
Yezu na we hagati.
Â
Pilato kandi arandikisha urwandiko,
araheza arumanika hejuru ku musaraba.
Amajambo yarwo yari aya:
«Yezu w’i Nazareti, umwami w’Abayuda.»
Abayuda benshi barasoma urwo rwandiko,
kuko aho Yezu yari yabambiwe hari hafi y’igisagara
kandi rwari rwanditswe mu gihebereyi, mu kilatini no mu kigereki.
Abaherezankuka bakuru n’Abayuda babwira rero Pilato bati:
Ab: «Ntiwandike ngo: Umwami w’Abayuda, andika uti:
Uwo muntu yavuze ati: Ndi umwami w’Abayuda.»
S:
Pilato arabishura ati:
Ab: «Ico nanditse canditswe.»
S:
Abasirikare bamaze kumubamba,
bafata ivyambarwa vyiwe, babicamwo imyanya ine,
umwe w’umwe umwe muri bo.
Bafata ikanzu yiwe, ariko iyo kanzu ntiyagira umubariro;
yari yajishwe urunani kuva hejuru gushika hepfo.
Bavuga rero bati:
Ab: «Ntituyitabure, nimuze dutere ubupfindo bw’uwuyironka.»
S:
Kwari ukugira ngo Inyandiko itahe ngo:
«Baragabanganye ivyambarwa vyanje,
na yo ikanzu yanje bayiterako ubupfindo.»
Ng’ivyo ivyo abasirikare bagize.
Â
Iruhande y’umusaraba wa Yezu hari hahagaze nyina wiwe,
na nyinabo, Mariya muka Klopasi,
na Mariya Madalena.
Yezu ngo abone nyina wiwe
iruhande yiwe na ho hari wa mwigishwa yakunda,
abarira nyina wiwe rero ati:
Y: «Wa mukenyezi we, ng’uwo umwana wawe.»
S: Abwira wa mwigishwa na we ati:
Y: «Ng’uwo nyoko wawe.»
S: Kuva ubwo, nya mwigishwa aca ajana Mariya iwe.
Ivyo biheze,
kuko yari azi ko vyose vyamaze kurangira,
Kugira ngo Inyandiko iranguke rwose,
Yezu avuga ati:
Y:
«Ndanyotewe.»
S:
Aho hari agakono kuzuye isiki.
Bashinga rero kw’icumu akamamara bakojeje mw’isiki,
baramuhereza ngo anunuze.
Yezu amaze kunywa nya siki, ati:
Y: «Vyose birarangiye.»
S:
Araheza ajondamika umutwe, aracikana.
Â
Aha barapfukama, bakavuga
agasabisho gatoyi banumye
Â
Kubera ko wari umusi w’ukwitegurira Pasika,
- nkako isabato wari umusi mukuru uhambaye,
-
Abayuda rero basaba Pilato
ngo bavune amaguru y’abari babambwe, baheze
babakureho
boye kurekera imivyimba ku musaraba ku musi
w’isabato.
Abasirikare rero baraza bavuna amaguru
y’uwa mbere n’ay’uwa kabiri
muri bamwe babambwe hamwe na Yezu.
Bashikiriye Yezu, basanga yamaze gucikana,
ntibamuvuna amaguru,
ariko umwe wo muri nya basirikare amusogota
icumu mu rubavu,
haca hisuka amaraso n’amazi.
Uwabibonye ni we yabishingiye intahe,
kandi intahe yiwe ni iy’ukuri,
kandi urya azi ko avuga ukuri ngo namwe
mwemere.
Ivyo rero vyagenze gutyo ngo inyandiko
itahe:
«Nta gufa ryiwe bazovuna» ;
ahandi na ho ngo:
«Bazokwihweza uwo
basogose.»
Â
Itongo
bahamvyemwo Yezu
Â
Ivyo biheze, Yozefu w’i Arimateya,
umwigishwa wa Yezu,
ariko mu mpisho kuko yatinya Abayuda,
asaba Pilato kubambura ikiziga ca Yezu.
Nikodemu na we araza,
umwe mu ntango yari yagiye gukebukana na
Yezu mw’ijoro;
azana ikivange c’imira na alowe c’ingero
nk’ijana.
Bafata ikiziga ca Yezu,
bakizingira mu mpuzu hamwe n’ibimoga neza,
nk’uko Abayuda babigenza mu guhamba.
Aho bari bahamvye Yezu hari umurima;
muri uwo murima, hakaba uruhafu rushasha,
ata muntu n’umwe yari bwahambwemwo.
Kandi wari umusi w’ukwitegura kw’Abayuda,
uruhafu na rwo rwari hafi,
haba ariho bahamba Yezu.