Aleluya. Kristu yarazutse, ntagishobora gupfa; urupfu ntirukimushobora. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 35-40)
Muri irya misi,
Yezu yabariye Abayuda ati: «Jewe ndi wa mukate w’ubuzima: uwunyegereye
ntazoba agisonza, kandi uwunyemeye ntazoba akinyoterwa. Ariko ndabibabwiye:
mwambonye yamara ntimwemera. Ico Data yampaye cose kizonyegera, vyongeye uwunyegereye
wese sinzomuta hanze; kuko ntavuye mw’ijuru ngo nkore ico nishakiye, navuyeyo
ngo nkore ico uwantumye ashaka: ni uko ntogira uwo ntakaza mu bo yampaye bose,
ndabazure nyabuna ku musi w’imperuka. Kuko ico Data ashaka ari uko uwubonye
Mwana akamwemera yoronka ubuzima budahera, nanje nyene nkazomuzura ku musi
w’imperuka.»