Aleluya, aleluya. Uyu musi, ntimugire agatimatare, nimwumvirize riho ijwi ry’Umukama. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (11, 20-24)
Yezu aja mu vyo gutuka ibisagara yari yagiriyemwo ibitangaro biruta ivyo yakoreye ahandi, kuko abantu baho batari bigaye: «Urahumiwe Korazini! Urahumiwe Betsayida! Kuko ibitangaro vyagiriwe iwanyu, iyo bigirirwa muri Tiri na Sidoni, abantu baho baba barigaye imyaka, bakipfuka amagunira kandi bakisukako umunyota. Ariko ndababibabwiye, ku musi w’urubanza, Tiri na Sidoni bizobona igihano kiri mu nyuma y’icanyu.
Weho Kafaranawumi, nturi mu
bicu? Uzocuba ushike kure; kuko ibitangaro vyagiriwe muri wewe, iyo bikorerwa
muri Sodoma, ico gisagara kiba kigihagaze n’ubu. Kandi ndabikubwiye, ku musi
w’urubanza, uzobona amabi aruta aya Sodoma.»