Kuri uyu musi wa yubile, murahejeje kwinjira isengero mwiyubakiye, ariko haracari ikindi mugikeneye kubandanya mwubaka; kwubaka imitima ya bene wanyu, kwubakana, gutezanya imbere, kugendera ubuntu n'ubukristu" (Musenyeri Anatole Ruberinyange)
Abakristu bo muri Paruwase Karinzi barahimbaje yubile y'inzahabu, bongera binjira icese isengero yabo ihegagirwa, hari kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 5 Mukakaro. Inkuka y'imisa yari irongowe n'icariho c'Umwungere wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, Musenyeri Anatole Ruberinyange, ari kumwe n'icariho c'Umwungere muri Vikariya ya Bujumbura, Patiri Innocent Thibaut Ndoreraho, na Patiri mukuru wa Paruwase, Severino Butoyi, abasaserdoti b'imvukira za Paruwase, abasaserdoti bajejwe ubutumwa butandukanye muri Diyoseze, abihebeye Imana, abayobozi mu nzego zo hejuru z'igihugu c'Uburundi, n'abakristu isinzi.Ibirori vyatangujwe n'urugendo rweranda rugana mu rwinjiriro rw'isengero, ahabereye umugirwa w'ugushikiriza Patiri mukuru imfunguzo z'Isengero nshasha ya Paruwase, ukuyugurura, ukuyihezagira n'ukuyinjira icese. Imfunguzo z'isengero zatanzwe n'uwari arongoye komite yahagarariye ibikorwa vy'urwubako, umushingamateka Zénon Ndaruvukanye. Yazihaye Musenyeri Anatole Ruberinyange, uyu na we azishikiriza icese patiri mukuru wa Paruwase, mu gushikiriza rino jambo:
"Uru rufunguzo rw'iyi sengero ndarushikirije uwuserukira Umwungere wa Diyoseze muri Paruwase Karinzi, n'abo bafashanya ubutumwa; azohore yugururira abakristu, ntibacure n'umwe azoshobora gusabira, ahubwo bazovotore vya vyiza vy'Imana, bwa bweranda...; baze baharonkere amasakramentu, bahagaburirwe ijambo ry'Imana, batagatifuzwe, bayoborwe neza, baroranirwe ku mubiri no ku mutima".
Inyuma y'ihezagirwa ry'isengero nshasha ya Paruwase iheruka kubakwa, inyuma kandi 'iryo yinjirwa icese muri iyo ngoro y'Imana, inzamba ya yubile yarasamiranye, ururirimbo rwa yubire na rwo rurashirwa mu gahogo, n'ijambo ry'umusi rirashikirizwa.
Patiri mukuru wa Paruwase, Patiri Severino Butoyi, amaze guha ikaze abashitsi n'abatumire, yaramenyesheje abari aho kahise ka Paruwase Karinzi, ati: "Iyi ngabire ya Paruwase tugabanye yabonetse mwaka w'1967, itangujwe n'Umuryango w'abamisiyonari bera ba Afrika." Yaboneyeho gusigura ko iyi yubile yari kuba yahimbajwe mu mwaka uheze w'2017, ariko bakaba babanje kubangira ngo urwubako ruhere. Yaciye aboneraho gukengurukira abagize ico baterera bose kugira ngo urwubako rushoboke, guhera ku bakristu bo mu Karinzi nyene, imvukira za Paruwase zirangurira imirimo mu yindi mihingo, Leta y'Uburundi, ishirahamwe Rainbow Mining Burundi ryaterereye amabati, abakristu barinze isima n'amahera ku gatwe kabo, be n'abaterereye ibisabisho. Yabandanyije amenyesha ko urwubako rwatanguye neza na neza kw'itariki 8 Rusama 2014. Abasaserdoti bagiye barakurakuranwa mu gushira mu ngiro uwo mugambi na bo bakaba ari Patiri Janvier Gateretse, Patiri Jacques, na Patiri Severino Butoyi nyene.
Mu nsiguro y'ijambo ry'Imana ryisunzwe mu Nkuka y'imisa, be no mu nsiguro y'umusi nyene yashikirijwe n'icariho c'Umwungere wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, Musenyeri Anatole Ruberinyange yibukije imvo n'imvano y'ihimbazwa rya yubile muri Ekleziya. Ngo vyose vyatanguye mu gihe isi yari mu bihe vy'indwano z'urutavanako, mu myaka y'1300, aho abakristu baravye amatati yari mu bihugu vyinshi vyo kw'isi, bakabona ko umwanya n'umwanya umuhero w'isi ushobora kubashikako giturumbuka, maze baca bigira inama yo gushinga yubile ngo kabe akaryo ko kugira utwigoro tw'ugutera intambwe mu bweranda, ugusaba Imana ikigongwe. Ngo aba mbere batanguye bahimbariza yubile ku myaka 100, kuko ngo inyuma yayo ata vyizigiro vy'ukubaho vyariho, ngo umuntu abe yosubira kuronka akandi karyo ko gusaba ikigongwe Imana bigishoboka ko avuga. Mu nyuma bahavuye bafatira ku myaka 50, ubu na ho na yubile z'imyaka 25 zikaba zikorwa.
Nk'uko Musenyeri Anatole Ruberinyange yabitomoye, ngo mu guhimbaza yubile kari akaryo ko kwitegura ku mutima, gusaba ikigongwe Imana bigishoboka, umuntu akabohoka ku mutima, maze kubw'ako kigoro Imana ikazosanga ameze neza. Ni na co gituma umwaka wa yubile ufatwa nk'umwaka mweranda, kuko ari umwaka w'ukuronkamwo ikigongwe n'ugutera imbere mu bweranda. Ni ho Musenyeri Anatole Ruberinyange yabwira abakristu bo mu Karinzi ati: "Kuri uyu musi wa yubile, murahejeje kwinjira isengero mwiyubakiye, ariko haracari ikindi mugikeneye kubandanya mwubaka; kwubaka imitima ya bene wanyu, kwubakana, gufatana mu nda, gutezanya imbere, kugendera ubuntu n'ubukristu."
Muri iyo Nkuka y'imisa, hariho n'iyindi migwi y'abakristu yashimye kwifatanya na Paruwase mu guhimbaza yubile yabo. Abo na bo ni abagize ingo zikwije imyaka 50 zubatse rukristu, abarumije iyo myaka nyene baronse isakramentu ry'ibatisimu, be n'abahurikiye mu mihari n'imigwi bo muri Paruwase bamaze iyo myaka barangura ubutumwa bwabo muri Ekleziya. Bashikaniye Umukama amashikanwa yabo y'ishimwe bongera barahezagirirwa amasanamu.
Abandi basangiye ibirori na Paruwase ni abashikirijwe ibanga ry'ubusangiji. Umugwi w'abasangiji bashika 36 barinjijwe na Musenyeri muri iryo banga ngo bazohore basangiza bene wabo ku mfungurwa nyeranda y'Umukama. Aba bazohora bafasha abasaserdoti bo muri Paruwase Karinzi gusangiza ukaristiya, haba mu Nkuka y'imisa canke mu gushira iyo mfungurwa y'ubuzima abazoba bakitswe n'amagara badashobora kwishikira mw'isengero.
Mu mwanya w'amajambo y'ibirori, uwaserukiye Leta y'Uburundi, Umushingamateka Pasikali Nyabenda, ari na we arongoye Inama Nshingamateka, yakeje abakristu bo mu Karinzi kuri iyo myaka Paruwase yabo imaze ivutse. Yabandanyije avuga ko iyo myaka yose y'ubuzima bwa Paruwase atari mike, uravye ivyo abakristu baba barahuye na vyo muri ico kiringo cose. Ku bijanye n'urwubako na vyo, yarashimye ukuntu abo bakristu berekanye ko bashize inguvu hamwe bashoboye, ati: "Ico nkengurutse uyu musi ni uyu mutima wo gushira hamwe kugira ngo mwiyubakire inyubakwa zitandukanye, harimwo n'ingoro y'Imana; ikini co twari twarabuze, kuko inyubakwa nk'iyi kera yubakwa ari uko harinze gusabwa imfashanyo i Vatikano n'ahandi"
Umushingamateka Pasikali Nyabenda yaboneyeho no gusaba Ekleziya y'Uburundi ko haruhande y'ijambo ry'Imana risanzwe ryigisha, ibikorwa vyayo vyobandanya bijana n'ibikorwa vy'iterambere, paruwase zikabera itara rumurikira mw'iterambere ababa mu micungararo yayo. Ngo Ekleziya yoshiraho indinganizo z'ukwegeranya abanyagihugu mu gushigikira imigambi ya Leta, na cane cane igashimikira ku rwaruka. Uru ngo rwokwigishwa imyuga yo kwiteza imbere, rukanigishwa n'ukuntu ruzorondoka ku rugero hageze ko rwubaka, kuko ku bwiwe ngo igwirirana ry'abantu riri mu bibera intambamyi iterambere.
Ibirori vyarangiye mu kanyamuneza ntangere, aho abakristu baririmba, bakavuza inanga n'ingoma, bongera batamba, aho hose bigina ivyiza Imana yabagabiye mu myaka 50 bamaze baninahariza Umukama mu Karinzi, bongera batamarira Ingoro y'Imana bagabanye. Eka, uwo munezero wanibonekeza ku maso y'abari ngaho bose, kuko mbere hanatanzwe n'udushimwe tutari duke ku bitangiye ibikorwa vy'urwubako gusumba abandi, mu nyuma na ho bagahava baja kwiyuha icuya, bongera biginana.
Twobamenyesha ko Paruwase Karinzi iherereye muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, komine Mutambu, mu misozi ihanamiye igisagara c'umurwa mukuru w'Uburundi, mu ntara kama yo mu mirwa, ikaba igizwe n'amakomine ya Mutambu, Kabezi na Muhuta. Paruwase Karinzi ifise icivugo ngo: "Noba ndarwiciriye ntamenyesheje inkuru nziza" (1Kor.6,19).
Michel NIBITANGA