Urwaruka rw'abahungu rusabwa kwubaha imibiri y'abigeme, urwaruka rw'abigeme narwo rugasabwa kwubaha imibiri y'abahungu baheze babe ivyete bisomeka
Kw'igenekerezo rya 10 Mukakaro inyuma y'inkuka ya misa ya mbere, Patiri mwibutsamana w'imihari n'imirwi, yashikirije inyigisho urwaruka ruri hagati y'imyaka 15 na 35 rwo muri Paruwase Munanira
Izo nyigisho zari zifatiye ahanini kwirinda gukora imibonano mpuzabitsina no kubungabunga ingabirano bahawe mukwiyumvira kugera kure kugira bateze imbere isi na Ekleziya.
Afatiye k'uturorero tumwe tumwe nk'uwiyumviriye amatara, canke uwusobanura indimi, yibukije urwaruka ko rufise ingabirano nyishi rukwiye guteza imbere, urwaruka narwo ruri mu buruhuko yarusavye kwigenza neza kugira bagume bahimbara abavyeyi.

Uwo mwibutsamana yabibukije kandi ko hampande y'uko imibiri ari ingoro ya Mutima Mweranda, ko basabwa kwitwararika neza imibiri yabo ,ibibagora vyose bakabitura Yezu, yabasavye ko n'ibijanye n'ibitsina bobitura Yezu niyo hagera ko bubaka bagaheza bagasaba Yezu abo bazokwubakana.
Urwaruka rw'abahungu narwo yarusavye kwubaha imibiri y'abigeme, urwaruka rw'abigeme narwo arusaba kwubaha imibiri y'abahungu baheze babe bose ivyete bisomeka.Â
Njejimana Jean Marie umwe mubakurikiye izonyigisho, yatubwiye ko zaje hageze kuko urwaruka ruri mu buruhuko rutwarwa na vyinshi, yagize ati " Ngiye kuzishira mu ngiro". Joselyne nawe yari aho, yatubwiye ko buri kintu cose agiye gukora azobanza kuraba ko gihuye n'ico Yezu Kristu ashaka kandi ko agiye kwihatira gukora kugira ateze imbere isi .
 Ezéchiel Nimbona, Paruwase Munanira Â