Patiri Felix FUPI asaba abanaguwe muri Mutima-Mweranda gufasha mu rugamba rwo kurwanya ico cose coza gishaka gusambura urugo
Kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 7 Gitugutu, abanaguwe muri Mutima-Mweranda bo kuri Paruwase Katederale Regina Mundi barasangiye akanyamuneza mu kwiginana no mu kwakira icese abakristu bagize ingo n'urwaruka baheruka kunagurwa muri Mutima-Mweranda. Ihimbazwa ry'uwo musi ryatanguriye ku gisabisho co gushengerera Yezu muri Ukaristiya, bari kumwe n'umuvyeyi Bikira Mariya mu gisabisho c'irozari. Ivyo biheze baciye basangira n'igisabisho c'inkuka ya Misa yaherejwe na Patiri Mukuru wa Paruwase, Patiri Felix FUPI.
Mu nsiguro y'Ijambo ry'Imana Patiri Mukuru wa Paruwase yaravuze ko uwo musi abanaguwe bawufashe kugira ngo bibafashe kuzirikana, kwibuka ico bari n'ico bemeye kurangura mu butumwa bwabo. Patiri Felix FUPI yaramenyesheje ko ijambo ry'Imana ry'uwo musi rije rishimikira ku vyerekeye urugo, umugabo n'umugore, na cane cane isakramentu ry'ukwabirana.
Patiri Felix FUPI yabandanyije insiguro yiwe agira ati: «Muri iki gihe turimwo, urugamba turimwo ni urwo kurwanira ibintu-shingiro bigize umukristu, bigize umwana w'Imana, bigize Ekleziya, ivyo vyose vyerekeye ukwemera kwacu muri Ekleziya, ivyo twemera ka bukristu bigenda biratituka canke na ho ugasanga abantu bamwe bamwe bamaze kubishira ku ruhande, kuko babifata nk'uko umenga ntibibaho».
Muri iyo ntumbero nyene y'ukwerekana ukuntu ibintu-shingiro bigize ukwemera kw'umukristu bigenda bititurwa, Patiri Felix FUPI yaranagarutse ku kuntu muri kino gihe urugo nk'umuryango na rwo nyene ruterwa. Patiri Felix FUPI yaciye aboneraho gukeza abanaguwe muri Mutima-Mweranda, kuko ngo bobo bamaze kumenya gutandukanya Mutima w'Imana n'agatima k'isi. Yagize ati: «[Isakramentu ry'ukwabirana] ni ikinyegezwa kidasanzwe, kuko ari Imana yo nsa yishushanya mu bubakanye, kuko umwe umwe wese imuremana ishusho yayo, mugabo kandi ikishushanya mu bumwe yashize hagati y'umugabo n'umugore, bagaheza bakarondoka.»
Nk'uko Patiri Felix FUPI abisigura, ngo ubwiza bw'umugabo n'umugore buva mu Mana yo nyene, mu Butatu Bweranda bubungira ubumwe. Ni ho ahera yemeza ko uyu musi urugo ruramutse rusambutse aba ari umuntu we nyene asambutse, kuko ngo umuntu atoshobora kubaho wenyene. Ngo ni umuhamagaro Imana yahaye umugabo n'umugore, maze mu bumwe bwabo bakarondoka. Ngo iyo ico kibuze, umuryango w'abantu nta kazoza ushobora kugira.
Ngo abagize ingo z'ukuri baragumana, bakarera abana gushika mu bigero, bakabona kubasohora, bakabona n'abuzukuru, mbere n'abuzukuruza. Ivyo ngo iyo bibuze umuryango urahona, nta kabuza. Kubw'ivyo rero, ngo iyo uhenuye urugo uba uhenuye kazoza k'abantu. Ngo ni co gituma Ijambo ry'Imana ryaje rivuga riti: «Ntihagire uwutandukanya ico Imana yifatanirije.» Umuryango ngo ni wo kazoza ka Ekleziya, ni co gituma ari ugufata intumbere yo kwubaka urugo ruzima.
Mu kuroresha iyi nsiguro ku banaguwe muri Mutima-Mweranda, Patiri Felix FUPI yabivuze muri aya majambo, ati: «Ntushobora kuvuga ngo uri uwanaguwe muri Mutima-Mweranda, imuhira na ho utubatse Ekleziya yaho, kuko rimwe na rimwe bisaba kwikorera umusalaba ngo utagatifuze mugenzi wawe». Patiri Felix FUPI yarangije insiguro y'Ijambo ry'Imana asaba abanaguwe muri Mutima-Mweranda gufasha muri urwo rugamba rwo kurwanya ico cose coza gishaka gusambura urugo, aho yatumiriye umwe wese ngo abanze agende yubake urugo rwiwe, ari yo Ekleziya yo ku ziko, ngo ni ho azoba ari uwanaguwe w'ukuri. Yaboneyeho no kubasaba bose kwitabira ubutumwa bwa Paruwase, na cane cane muri kuno kwezi kwahariwe ukumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu.
Tubamenyeshe ko abasangiye amasakramentu bahavuye basangira n'amasaka, bariginana mu ntumbero yo kumenyana ko bagiye gukorera hamwe ubutumwa.
Eléonore NDUWIMANA, Paruwase Katederale Regina Mundi