Umusi wahariwe umuvukano no gusabikanya mu banaguwe muri Mutima-Mweranda kuri Paruwase Katederale Regina Mundi
Date de publication: 04/04/20182485 Vues Publié par : NIBITANGA Michel
Patiri Felix FUPI asaba abanaguwe muri Mutima-Mweranda gufasha mu rugamba rwo kurwanya ico cose coza gishaka gusambura urugo
Kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 7 Gitugutu, abanaguwe muri Mutima-Mweranda bo kuri Paruwase Katederale Regina Mundi barasangiye akanyamuneza mu kwiginana no mu kwakira icese abakristu bagize ingo n'urwaruka baheruka kunagurwa muri Mutima-Mweranda. Ihimbazwa ry'uwo musi ryatanguriye ku gisabisho co gushengerera Yezu muri Ukaristiya, bari kumwe n'umuvyeyi Bikira Mariya mu gisabisho c'irozari. Ivyo biheze baciye basangira n'igisabisho c'inkuka ya Misa yaherejwe na Patiri Mukuru wa Paruwase, Patiri Felix FUPI.

Mu nsiguro y'Ijambo ry'Imana Patiri Mukuru wa Paruwase yaravuze ko uwo musi abanaguwe bawufashe kugira ngo bibafashe kuzirikana, kwibuka ico bari n'ico bemeye kurangura mu butumwa bwabo. Patiri Felix FUPI yaramenyesheje ko ijambo ry'Imana ry'uwo musi rije rishimikira ku vyerekeye urugo, umugabo n'umugore, na cane cane isakramentu ry'ukwabirana.

Patiri Felix FUPI yabandanyije insiguro yiwe agira ati: «Muri iki gihe turimwo, urugamba turimwo ni urwo kurwanira ibintu-shingiro bigize umukristu, bigize umwana w'Imana, bigize Ekleziya, ivyo vyose vyerekeye ukwemera kwacu muri Ekleziya, ivyo twemera ka bukristu bigenda biratituka canke na ho ugasanga abantu bamwe bamwe bamaze kubishira ku ruhande, kuko babifata nk'uko umenga ntibibaho».

Muri iyo ntumbero nyene y'ukwerekana ukuntu ibintu-shingiro bigize ukwemera kw'umukristu bigenda bititurwa, Patiri Felix FUPI yaranagarutse ku kuntu muri kino gihe urugo nk'umuryango na rwo nyene ruterwa. Patiri Felix FUPI yaciye aboneraho gukeza abanaguwe muri Mutima-Mweranda, kuko ngo bobo bamaze kumenya gutandukanya Mutima w'Imana n'agatima k'isi. Yagize ati: «[Isakramentu ry'ukwabirana] ni ikinyegezwa kidasanzwe, kuko ari Imana yo nsa yishushanya mu bubakanye, kuko umwe umwe wese imuremana ishusho yayo, mugabo kandi ikishushanya mu bumwe yashize hagati y'umugabo n'umugore, bagaheza bakarondoka.»

Nk'uko Patiri Felix FUPI abisigura, ngo ubwiza bw'umugabo n'umugore buva mu Mana yo nyene, mu Butatu Bweranda bubungira ubumwe. Ni ho ahera yemeza ko uyu musi urugo ruramutse rusambutse aba ari umuntu we nyene asambutse, kuko ngo umuntu atoshobora kubaho wenyene. Ngo ni umuhamagaro Imana yahaye umugabo n'umugore, maze mu bumwe bwabo bakarondoka. Ngo iyo ico kibuze, umuryango w'abantu nta kazoza ushobora kugira.

Ngo abagize ingo z'ukuri baragumana, bakarera abana gushika mu bigero, bakabona kubasohora, bakabona n'abuzukuru, mbere n'abuzukuruza. Ivyo ngo iyo bibuze umuryango urahona, nta kabuza. Kubw'ivyo rero, ngo iyo uhenuye urugo uba uhenuye kazoza k'abantu. Ngo ni co gituma Ijambo ry'Imana ryaje rivuga riti: «Ntihagire uwutandukanya ico Imana yifatanirije.» Umuryango ngo ni wo kazoza ka Ekleziya, ni co gituma ari ugufata intumbere yo kwubaka urugo ruzima.

Mu kuroresha iyi nsiguro ku banaguwe muri Mutima-Mweranda, Patiri Felix FUPI yabivuze muri aya majambo, ati: «Ntushobora kuvuga ngo uri uwanaguwe muri Mutima-Mweranda, imuhira na ho utubatse Ekleziya yaho, kuko rimwe na rimwe bisaba kwikorera umusalaba ngo utagatifuze mugenzi wawe». Patiri Felix FUPI yarangije insiguro y'Ijambo ry'Imana asaba abanaguwe muri Mutima-Mweranda gufasha muri urwo rugamba rwo kurwanya ico cose coza gishaka gusambura urugo, aho yatumiriye umwe wese ngo abanze agende yubake urugo rwiwe, ari yo Ekleziya yo ku ziko, ngo ni ho azoba ari uwanaguwe w'ukuri. Yaboneyeho no kubasaba bose kwitabira ubutumwa bwa Paruwase, na cane cane muri kuno kwezi kwahariwe ukumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu.

Tubamenyeshe ko abasangiye amasakramentu bahavuye basangira n'amasaka, bariginana mu ntumbero yo kumenyana ko bagiye gukorera hamwe ubutumwa.

Eléonore NDUWIMANA, Paruwase Katederale Regina Mundi
Commentaires
Recherche
Horaire des Messes
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Parole de Dieu
Avez-vous une question?
Faire un Don
Tweets de CEDICOM
Tweets du Pape
Posts de CEDICOM
244 Visiteurs en ligne
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Nos contacts
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Inscription Ă  la newsletter
Posez une question
©2025. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Faites un don au Diocèse* Caritas pour les vulnérables* Formation des Séminaristes et des catéchistes* Construction des Eglises dans les Succursales* Soutien aux prétresModalités de donationTransfert sur un compte de l'ArchidiocèseEn francs burundais : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)En Dollar américain : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIEn Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI