I Bujumbura, imbere y'ibohero rya Mpimba, hinjiwe Ingoro y'Imana yegukira Abasirikare bo mu Karere ka Bujumbura
Kuri uyu wa Mungu, igenekerezo rya 19 Ndamukiza 2018, abasirikare b'abakristu bo muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura baramutse bafise ibirori bidasanzwe, aho bariko bigina ko Imana yururukije Ihema ry'ibonaniro n'abana bayo mu kibanza basanzwe baranguriramwo amabanga y'ugutunganya ivy'umutekano w'igihugu. Nyenicubahiro Musenyeri Evariste Ngoyagoye ni we yateye iteka ivyo birori, aherekejwe n'abanyacubahiro batari bake, duhereye ku Ntumwa ya Papa mu Burundi.
"Mukama Mana yacu, duciye ku Muvyeyi wacu Bikira Mariya n'abatagatifu bose, turagusavye, wakire ibisabisho vyacu; iyi nyubakwa abantu bubatse mugabo vy'ukuri bivuye ku Mutima Wawe, tugira ngo tuyigushikirize, maze izobe inyubakwa irangwa n'inema y'urukiza igihugu cawe ceranda kizokwama giteramiramwo ngaha, cumve ko ari Wewe uriko urabungira ubumwe, bagusenge mu kuri, nawe ubakomeze mu rukundo, tubigusabishije Yezu Kristu Umukama wacu; Amen!"
Ico ni co gisabisho ca Nyenicubahiro Musenyeri Evariste Ngoyagoye, Umwungere wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura yashikirije Imana, aho yariko arahezagira Urusengero Kristu Umwami, abanje kwambaza aberanda bose.
Nyenicubahiro Musenyeri Evariste Ngoyagoye, mu nsiguro yatanze y'ibi birori, yibukije ko kuva na kera na rindi umugirwa nk'uyu wamyeho. Yatanze akarorero ka Dawudi, Umwami w'igihugu c'Israeli, aho yubakira Umukama Urusengero inyuma y'imyaka ine y'ubwami bwiwe, ngo ashire mu ngiro umugambi se wiwe Daudi yari yararaganiye Imana ati: "Sinzogoheka ntabonye ko nubatse ingoro y'Imana".
Musenyeri Evariste Ngoyagoye yaciye asigura neza rero akamaro ko kwubaka Urusengero:
Mu kwubakira Imana Urusengero, tuba turiko turayitegurira ikibanza ngo iheze ize ibane natwe. Salomo ati: "N'ijuru ari ijuru ntirikubumba, none uje kubana natwe?" Imana iraza kubana natwe, kuko ari Umuvyeyi adukunda. Ni yo nyene ishaka kuza kubana natwe. Ni co gituma uwuzoza kuyambaza ngaha muri uru Rusengero izomwumviriza, ikamutega yompi, akayisaba, kandi azoheza agende agabanye. Apfa kutazomera nka wa Mufarizayo yaje yiha amanota, yerekana ko abandi ataco bamaze. Uwuzoza gutyo wewe ntaco azotahana. Ariko uwuzoca bugufi, azovaho agabanye, ahezagiwe.
Akandi kamaro k'ukwubaka urusengero rw'Umukama ni uko ari ho abakristu bahereza umukama ubuzima bwabo n'ivyabo vyose, bakabimuragiza. Ni ho rero bitangako ishikanwa mu Nkuka y'imisa. Kuri Altari nyeranda, umusaserdoti w'Umukama arakira ishikanwa ry'igihugu c'Imana, ishikanwa rivuye mu cuya c'abakristu, mu bikorwa vyabo, agaheza akavuga ati: "Mukama, akira abakristu bawe, uheze ubahezagire, ubahe umugisha, bawutahane, bivuye kuri ibi bikorwa vyabo.
Musenyeri Evariste Ngoyagoye, amaze guhezagira urwo Rusengero n'amavuta ya krisma, amazi n'ububani bumoga neza, yamenyesheje ko kuva ubu Urusengero rubaye ikibanza ceranda. Nta bindi bikorwa birekuriwe kuharangurirwa atari ibihezagiye. Na vyo ni ukwakira ijambo ry'Imana, ukwakira Umubiri n'amaraso vya Kristu, be n'ukwakira ishikanwa ry'abakristu. Hazokwama hasomerwa imisa z'uguhereza n'uguhezagiza ababo n'ivyabo.
Nyenicubahiro Musenyeri Evariste Ngoyagoye yarangije ashimira abantu bose bagize ico baterera kugira ngo iyo Ngoro y'Imana yubakwe, ahereye ku ntumwa ya Papa mu Burundi yatereye uburyo butari buke, n'abasirikare bo nyene ubwabo batereye mu buryo no mu bikorwa.
Twomenya ko ibirori vyari vyatewe iteka n'abakristu isinzi, baba abasaserdoti, abihebeye Imana bo mu migwi itandukanye, abalayike, abajejwe intwaro kuva ku nzego zo hejuru mu gihugu. vyaranzwe n'imvyino n'indirimbo zo gukengurukira Imana no kuyitazira, bivanze no kuyisenga.