Ayo matora yabaye mu mutekano ntangere, abitoje bakaba bari abanyamuhari 3 ku bantu 33 batoye
Kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 12 Nzero 2019 harabaye amatora muri Paruwase Muvyeyi w'Ikigongwe, mu muhari w'Abasaveri. Ayo matora yari yerekeye ugushiraho urwego rw'abasuku bakuru ba antenne Kanyosha, akaba yarabaye inyuma y'inkuka y'imisa ya kabiri y'isaha zibiri n'igice zo mu gitondo. Abasaveri bakuze barakoraniye mu nzu ntoyi y'amanama "Kiyago" kugira ngo batore umukuru n'icegera ciwe bazotwara Antene kanyosha, bakaba batanguriye ku gisabisho n'ukuzirikana ijambo ry'Imana ryasomwe mu nkuru nziza ya yezu Kristu yanditswe na Matayo (Mat.9,9-13).
Ibikorwa vy'amatora nyezina vyatanguriye ku mwidondoro w'abayitavye. Amazina y'abantu batanu ni yo yari yarungitswe n'abari mu ma CARRE, ariko babiri muri bo barasokoye amazina yabo, kuko batari bategujwe imbere y'igihe ngo bavyitegurire mu mutima. Ubwo rero, umugwi ujejwe guhagarikira amatora waciye usigarana amazina y'abantu batatu.
Ivyo biheze, uwo mugwi wahagarikiye amatora waciye umenyesha icese ibisabwa ngo umunyamuhari yemererwe gutora, ivyo na vyo bikaba vyari bibiri: "ukuba umunyamuhari amaze kwitaba inama zitatu canke zine, be n'ukuba ari mu gisata c'abakuze". Uwutora yaraheza rero akandika mw'ibanga ku gakarata k'itora, agashirako izina ry'uwo agomwe. Abatoye bose na bose babaye abantu 33, muri bo abari basanzwe batonze mu nama y'amatora bakaba bari 24, mu gihe abandi 9 na bo bari batumye. Igikorwa c'uguharura amajwi giheze, vyabonekanye ko Pacifique NTUNGWANAYO yatowe ku majwi 17, Anaclet NIYOKWIZERA ku majwi 15, na we Emmanuel BIZIMANA kw'ijwi 1.
Anaclet rero yarashikirije ijambo ry'ugushikiriza uko yiyumva, aho yakengurukiye abamutoye, akongera akemerera abanyamuhari ko azobagamburukira, be n'uko azokorana n'uwahahora abarongoye, Noëlla NIYONZIMA, hamwe n'inarabibonye zo mu muhari.
Mwomenya ko ayo matora yabaye inyuma y'igisabisho c'imisi 9 (neuvaine) c'ukuyasabira ngo Mutima-Mweranda aze yitorere ababereye ubwo butumwa. Ayo matora rero akaba yabaye mu mutekano ntangere. Ibisikanya ritegekanijwe italiki 10 Ruhuhuma uyu mwaka, inyuma yugushinga komite nshasha. Tubibutse ko icivugo ngenderwako c'uyu mwaka w'2019 muri uwo muhari ari "Twisunze ibwirizwa ry'abasaveri, nitube umunyu n'umuco w'isi" (Mat.5,13-14).
Odrade KAZE, Paruwase Kanyosha