
Inyuma y'aho yari ahejeje ikiringo ciwe c'ukwimenyeza,
ku w'Imana igenekerezo rya 31 Ntwarante, Furera Joseph yarasezeye abakristu bo
muri Paruwase yo mu Buyenzi. Ukwo kubasezera yabigiriye mu Nkuka y'imisa
yaherejwe isaha zine n'igice zo mu gitondo, imisa yari irongowe na Patiri
Gérard, ibirori na vyo bibandanyiriza mu nyubakwa ya Paruwase yagenewe imisi
mikuru, inyubakwa bita «Salle Polyvalente» (izina riri mu rurimi
rw'igifaransa). Ivyo birori vyari vyitabwe n'abasaseredoti bo muri iyo
Paruwase, harimwo Patiri mukuru, Patiri Mariko NSANZURWIMO, uwuserikira inama
nkuru ya Paruwasi, be n'abandi banyamuryango batandukanye ba paruwase.

Furera Joseph ni umwe mu bafurera bo mu muryango w'abasaseredoti b'abamisiyonari ba Afrika, abo bita «les Missionnaires d'Afrique» mu rurimi rw'igifaransa. Uwo mufurera akomoka mu gihugu ca Kenya. Yasezeye abakristu bo mu Buyenzi mu gihe yari ahejeje ikiringo ciwe c'imyaka ibiri c'ukwimenyereza, akaba agiye kubandanyiriza ivyigwa vyiwe vya Teolojiya mu gihugu ca Afrika yepfo, aho bitegekanijwe ko azomara imyaka ine.

Imisa iheze, amaze kandi kubamenyesha ko abasezeye, uwo mufurera baciye babanza kuja kumugirira umusi mukuru, kuko ngo mu migenzo y'ikirundi, na cane cane iy'abakristu, ngo umuntu iyo mwabanye neza, mu kwikebanurana ngo uraheza ukamugirira agatumangaruka; ivyo rero ni vyo vyakozwe: mw'iteka n'icubahiro, abasaserdoti, abihebeye Imana, abagize inama nkuru ya Paruwase, abo mu mihari n'imigwi y'ubutumwa, be n'abandi banyamuryango batandukanye, bamuseye mw'iteka n'icubahiro. Ikibanza c'iteka cari kivyagiyemwo abasaseredoti batatu, harimwo Patiri mukuru w'iyo Paruwase, Patiri Mariko NSANZURWIMO, hagati muri bo hakaba ari ho uwo mufurera yari avyagiye. Abandi bari muri ico kibanza ni uwuserikira inama nkuru ya Paruwasi, be n'uwaserukiye ababikira.

Furera Joseph yarashikirije ijambo, aho yabanje gushimira abakristu bo muri Paruwase yo mu Buyenzi ku kugene babanye neza. Rero, aho agiye kubandanya ivyigwa vyiwe, ngo bitegekanijwe ko azomarayo imyaka ine. Ariko rero, iyo biba ivyo yokwigiriye, ngo inyuma y'ivyo vyigwa yociye agaruka aho nyene mu Buyenzi, kuri iyo Paruwase, hakaba ari ho arangurira ubutumwa, aho azoba ari umusaseredoti ahereza Inkuka y'Imisa.

Na Patiri mukuru wa paruwase yo mu Buyenzi, na we nyene yarashikirije ijambo. Patiri Mariko NSANZURWIMO yabanje gushimira Furera Joseph ko yabanye neza na we muri iyo myaka ibiri yose, akaba yamwipfurije urugendo rwiza n'ivyigwa vyiza; ngo azokwige amenya.
Tubamenyeshe kandi ko Furera Joseph, n'abahurikiye mu migwi y'ubutumwa, be n'imihari irangurira ubutumwa muri iyo Paruwase, na bo nyene bahavuye bafata akanya kabo ko kumusezera mw'iteka n'icubahiro mu kirori bari bamuteguriye, kuko na bo nyene ngo iyo myaka ibiri bari mu bo bayimaranye mu butumwa, bakaba baramuhaye n'akaganuke.

Alexis
NIYONKURU, Paruwase Buyenzi