Ku musi wa kabiri igenekerezo rya 15 Nzero 2019, umusaserdoti w'Umukama arangurira ubutumwa muri Paruwase Katedrale Regina Mundi, Patiri Jerry CIMPAYE, yaragendeye umuvukano wo muri Karitiye ya Gasekebuye, aho yatanze inyigisho ku bari bitavye inama y'umuvukano. Urugendo rwiwe rwari mu ntumbero y'ugushigikira n'ugukomeza ibisabisho bibera mu mivukano rukristu ikukira Paruwase. Uwo musi, inyigisho yiwe yari ifise iciyumviro ngenderwako ngo «Mbega dupfa iki, ga Yezu w'I Nazareti?»
Umuvukano wo mu Gasekebuye ni umwe mu mibano mito mito ikukira Paruwase Katedrale Regina Mundi, ukaba mu ndinganizo yawo wama usangira igisabisho co kuninahaza Imana no kuzirikana ijambo ry'Imana ku misi ya kabiri uko indwi itashe, ku masaha y'umugoroba.
Mu kugendera uwo muvukano rero, Patiri Jerry CIMPAYE yaje abagemuriye n'agakemanyi k'inyigisho. Yafatiye ku ngorane abakristu, nk'abandi bantu bose, bakunda guhura na zo, yadugiye ku vyo bakunda guca bibaza. Yagize ati: «Mu kwemera kwacu ntitubuze aho tuguma tubaza Yezu tuti "Mbega Mana yanje, wampebeye iki?"» Yabandanije avuga ko ivyo bikunda gushika mu gihe iyobahuye n'amageragezwa bagasenga, babona umenga ntibishuwe, babona umenga barasaba ntibaronke ivyo basavye. Ngo baraheza rero bakihebura, bamwe bamwe bakanashavurira Imana, ibishobora mbere no gukwegera umuntu mu gutakaza ukwemera kwiwe, nko ku bafise imitima itakirana ukwemera ibibashikira.
Mu kuzirikana ku nyishu y'iyo ngorane, Patiri Jerry CIMPAYE yabanje gusaba ko bokwisunga ijambo ry'Imana riri mu gitabu c'Inkuru Nziza yanditswe na Mariko (Mariko 1,21-28). Yisunze iryo jambo ry'Imana nyene, uwo musaserdoti yasiguye ko ivyiyumviro nk'ivyo biva kwa shetani. Ngo shetani arashira inyosha mbi mu bantu, bikaboneka ko ari bo bariko barashikiriza ivyo biyumvira, na ho ari yo iriko irikorera. Yafatiye ku karorero k'umuntu avugwa muri iri jambo ry'Imana basomewe. Uyu ngo yarahogoye, arasemerera ati: «Mbega dupfa iki, ga Yezu w'I Nazareti?», yaciye asigura ko an'ubwo ayo majambo yasohokana mu kanwa k'uwo muntu, ariko atari we ubwiwe yavuze, ko ahubwo ari shetani yamuvugiyemwo, nk'uko iryo jambo ry'Imana ribandanya rivyerekana.
Patiri Jerry CIMPAYE yaciye abakebura ati: «Ni ukuraba neza rero iyo turiko turasaba ibintu Imana, ko ari twebwe tuba turiko turavuga, canke ari shetani.» Uwo musaserdoti amenyesha ko vyose Umukama abikora mu Rukundo; ko ivyo ducamwo vyose, biba vyiza canke bibi, harimwo urukundo rw'Imana, n'aho ngo bigoye gutegera nk'abana b'abantu. Ku bwiwe, ngo amizero yacu yategerezwa kuba Imana, kuko ngo uko vyoba bimeze kwose, Imana ari yo idukiza, ngo ni yo Rukundo. Yarongeyeko ati: «Amagorwa ya Bikira Mariya, kuva ku ntango gushika ku musalaba, aratwigisha ko inyuma y'amagogwa hari ubuzima budahera ku bizigira IMANA.» rero, ngo ivyo twogira vyose ntitwohugumbwa, kuko Umukama ari kumwe natwe muri vyose, ibihe vyose.
Muri iyo nyigisho, Patiri Jerry yaribukije kandi ko iyo Umukristu amaze kwizigira Imana aca yemera kuyereka vyose. Aha, ashikiriza amakenga ko abakristu bamwe bamwe, iyo bariko bahabwa isakramentu ry'ikigongwe, hari abagira utwo bisigarije. Bene aba abatumirira kwirega neza badadahinyika imbere yumusaserdoti. Yakoresheje imvugo ngo «Kirazira kunyegeza Imana ico ari co cose», kuko ngo igicumuro baba bakoze Imana iba yakibonye, yoyo izi vyose, agasaba abakristu kwugurukira Imana mu kuyibwira ivyo babayemwo vyose, ngo ni ho na yo izobakiza.
Patiri Jerry Urlich CIMPAYE yarangije inyigisho ziwe yipfuriza abari mu muvukano wa Gasekebuye gutera imbere mu gisabisho no kugabanya kwidodomba, ngo gutyo ngo babe «abantu bama bafise akanyamuneza kugira mw'ijuru tuzobe abanezerewe.»
Joselyne KWIZERA, Cathedrale Regina Mundi