Ibirori vy'ugusozera ukwezi kwahariwe Umuvyeyi Bikira Mariya ku kirimba ciwe ku Musozi Siyoni mu Gikungu
Date de publication: 26/5/20195902 Vues Publié par : NIBITANGA Michel

Mu gusozera ukwezi kwahariwe Umuvyeyi Bikira Mariya, Ekleziya y'i Bujumbura yatunganije urugendo rweranda, kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 26 Rusama, urugendo rw'ukumugendanira, rwerekeza ku Kirimba ciwe kiri ku musozi Siyoni mu Gikungu. Urwo rugendo rwatanguriye hafi yo ku bitaro vyitiriwe abasirikare vy'i Bujumbura, rubandanyiriza kw'isengero iri ku kirimba c'uwo Muvyeyi, ahabereye Ikuka y'imisa y'uwo musi yaherejwe n'Umwungere Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa.

 

Ibirori vyitabiriwe n'abakristu isinzi baje bazananye mu maparuwase atandukanye ya Diyoseze, bagwiriyemwo abahurikiye mu mihari n'imigwi y'ubutumwa bafiseko Bikira Mariya nk'umuvyeyi wabo.


Ku kirimba c'Umuvyeyi Bikira Mariya c'aba Schoenstatt bo ku musozi Siyoni Gikungu, haraciye imyaka 18, hari mu mwaka w'2001,  ni ho ico gihe abasaserdoti bari bashinzwe ubutumwa bwo kuyobora no gufasha imihari n'imigwi y'ubutumwa, babicishije ku Mwungere Mukuru wa Diyoseze w'ico gihe, batangura urugendo rwa mbere ku musozi wa Siyoni Gikungu, ngo baheze basozere ukwezi kwa Bikira Mariya, bose bari hamwe. Agasangwa, hari haciye igihe gito agasengero n'ikirimba vy'Umuvyeyi Bikira Mariya bibayeho, kuko mu mwaka w'1994 ari ho bagabana ico kirimba c'Umuvyeyi Bikira Mariya. Kuva ico gihe rero, buri mwaka, uwo Muvyeyi arafise amezi yamuhariwe, nk'uko twavyiganiwe n'umusaserdoti ajejwe ico kirimba, Patiri FĂ©licien NIMBONA.


Twashatse kumenya ico ukwezi kwa gatanu kwisangije mu mezi yose yahariwe uwo muvyeyi, maze uwo arongoye ico kirimba atubwira ko ari uwezi kwo gutera amashurwe uwo muvyeyi bamuhayagiza ku vyiza abashikanako, ayo mashurwe na yo ngo si ayandi, ni bikorwa vyiza vy'urukundo, umukristu, nk'umwana, arangura ngo anezereze Umuvyeyi wiwe. Ivyo bijana kandi n'uko muri ukwo kwezi nyene, usanga mu mihingo itandukanye y'isi ari igihe amashurwe aba yambitse imisozi, maze abana b'umuvyeyi bagaheza bakayamwamurira. Uwo mugirwa ngo uraheza kandi ukajana n'ijambo: baramusomera irozari, kuko ari yo mvugo imunyura cane, ari na kwo banamutura n'ibisabisho ngo abakandire ku mwana wiwe Yezu Kristu. Uyu mwaka rero w'2019, ukwezi kw'umuvyeyi kwuguruwe kw'igenekerezo rya 28 Ndamukiza.


Twegereye kandi n'umusaserdoti afise mu butumwa bwiwe imihari n'imigwi y'ubutumwa bw'Ekleziya, Patiri Jérémie BUKENE, maze na we aratubwira igituma abahurikiye mu mihari n'imigwi y'ubutumwa ari bo bafata iya mbere mu guhimbaza umusi, yasiguye ko ari uko vyoroshe gutunganya bikorwa vy'abakristu bahurikiye hamwe mu migwi gusumba umwe umwe ukwa wenyene. Ariko kandi yatomoye neza ko n'umukristu atari mu muhari na we nyene aronka inyigisho ndoramana bene izo, n'iy'indero rukristu nk'abo bari mu mihari n'imigwi y'ubutumwa, ariko mu Misa canke mu zindi nyigisho, nk'izo mu mafungo. Rero ngo si ikintu coroshe gutororokanya abakristu batari mu migwi, ariko ngo Umuvyeyi araheza akabaganiriza mu bundi buryo.


Gaspard MINANI rero ni umwe mu bari baje gushengera ku kirimba c'Umuvyeyi Bikira Mariya ngo yifatanye n'abandi gutera amashurwe uwo Muvyeyi. Ari mu muhari w'ingendanyi, akongera akaba n'umuririmbiramana mu mugwi «Étoile du Matin», izina riri mu rurimi rw'igifaransa risigura «Inyenyeri yo mu mutwenzi». Arangurira ubutumwa muri Paruwase yo mu Kamenge. Yatubwiye ko ico Umuvyeyi Bikira Mariya amumariye ari uko amukandira ku Mwana wiwe Yezu Kristu: «Ni ingabirano nyinshi ampa, ndamwambaje». Aha yatanze akarorero k'ibibazo yamurenganije, vyari bimugeramiye, igihe igihugu c'Uburundi cari mu bihe vy'intambara. Ingabirano na zo ngo ziraboneka, haba mu muryango canke mu bikorwa vyiwe vya misi yose.

Aha Mwomenya ko muri uyu mwaka nyene w'2019, ku Kirimba c'Umuvyeyi Bikira Mariya caragijwe aba Schoenstatt bo ku musozi Siyoni Gikungu, ari umwaka wa yubile y'imyaka 25. Ico kirimba cinjiwe icese kw'igenekerezo rya 23 Gitugutu 1994, uyu mwaka rero ukaba ari uwa yubile y'imyaka 25, izihimbazwa muri Gitugutu. Icivugo c'uyu mwaka ni «Rugiravyose yarankoreye ibitangaza; izina ryiwe ni Ryeranda (Luka 1,49)». Abagendera ico kirimba bakaba bawitezemwo imigisha n'imihezagiro, be n'ukwishurwa ku mitwaro yabo, na rirya ata wushengera ngo ashengurukane iminwe igaragara.


Michel NIBITANGA, CEDICOM

Commentaires
Recherche
Horaire des Messes
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Parole de Dieu
Avez-vous une question?
Faire un Don
Tweets de CEDICOM
Tweets du Pape
Posts de CEDICOM
61 Visiteurs en ligne
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Nos contacts
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Inscription Ă  la newsletter
Posez une question
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Faites un don au Diocèse* Caritas pour les vulnérables* Formation des Séminaristes et des catéchistes* Construction des Eglises dans les Succursales* Soutien aux prétresModalités de donationTransfert sur un compte de l'ArchidiocèseEn francs burundais : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)En Dollar américain : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIEn Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI