Inyuma y'aho imwe mu nyubakwa
za Paruwase Ruziba yaheruka guhura n'igihuhusi c'umuyaga gihitiye mu karere ikaguruka,
maze abakristu bo muri iyo Paruwase bakayisanura mu kuyiduza impome zabomotse, kuri
uyu wa gatandatu igenekerezo rya 22 Ntwarante na ho bari basidukanye n'iyonka mu
bikorwa vy'ukubandanya bayisanura. Abasaseredoti b'Umukama baranguriraho
ubutumwa muri iyo Paruwase Ruziba, bari kumwe n'uwuheruka gutorerwa kurongora
inama nkuru ya Paruwase, bakaba barafashe iya mbere mu bikorwa vy'amaboko.
Ibikorwa vy'uwo musi vyaranzwe
ahanini n'ukuringaniza imbere muri iyo nzu, ugushingamwo inkingi, n'ukuvanga
isima n'urucekebuye, ivyo bita béton mu gifaransa, kugira ngo bakore inkingi z'ukuyikomeza
mu rwinjiriro no hagati mu mpome. Ibikorwa vyari bitegekanijwe vyose vyararanguwe,
mberebakaba baciye biha n'irindi sango ry'ugusubira kuhahwanira ku wa gatandatu
ukurikira, aho na ho ngo bakaba bazogirako basakara, bakoresheje amabati
n'ivyuma biriko biteranirizwa aho nyene.
Ibikorwa vy'uwo musi biheze, uwurongoye
inama nkuru ya Paruwase, Damien CIZA, yarafashe akanya, maze arashikiriza
ijambo ry'ugukengurukira abavyitavye. Yaboneyeho gusaba abakristu kwitanga ku rugero
rushimishije, na rirya ngo paruwase ifise n'iyindi migambi myinshi iriko
iratunganya, ubona ko ikiri no mu ntango. Yagize ati: «Ukwemera kwacu nikwame kurangwa n'ibikogwa! Dufashijwe na Mutima-Mweranda,
twubake Paruwase yacu, duhereye mu mibano mito mito».
Tubamenyeshe ko iyo nzu iriko isanurwa mu gihe hari n'uwundi mugambi munini utegekanijwe, uwo na wo ukaba ari umugambi w'ukwagura ingoro y'Imana, kugira ngo hatorwe umuti w'ikibazo c'abakristu basengera hanze bivanye n'ubwinshi bwabo. Iyo Paruwase iherutse kandi no gutumako imodoka y'ukwunguruza abasaserdoti, imodoka yaguriwe mu bihugu vyo hanze.
Emmanuel HARIMENSHI