Umuhingamo n'umugoroba w'uwo wa kabiri waranzwe n'ibikorwa bitandukanye vy'ukwibuka abo banyeshure bagandaguriwe muri iyo Kaminuza. Igisabisho c'Inkuka ya Misa ni co cuguruye urutonde rw'ibikorwa, hakaba harasabiwe imitima yabo, kumwe n'abacikacumu, be n'imiryango y'ababuriye ababo muri ubwo bwicanyi. Iyo Misa yari irongowe n'Umwepiskopi samuragwa wa Diyoseze ya Bubanza, Musenyeri Samuragwa Georges Bizimana, hanyuma ibikorwa bica bibandanyiriza ku gushira ingori z'amashurwe mu bibanza bibiri, ikiri ahazubakwa inzu yahariwe ukwibuka abiciwe aho hantu, be n'ikiri ahatowe ngo hazubakwe icibutso nyezina c'abagandaguwe.
Mu Nkuka ya Misa, Musenyeri Georges Bizimana yatanguye avuga igituma muri Ekleziya bifatanya n'abari mu bihe ng'ibi vy'ukwibuka ababo baba barapfuye, kuko ngo muri Ekleziya bemera ko ubuzima bwatsinze urupfu. Yagize ati: "Tuzanye umutima w'ukwemera y'uko agapfuye katabazwa ivu, umutima w'ukwemera n'ukwizigira ko abadutanze tuzosubira guhura, tukabonana amaso mu yandi. Ukwo kwemera ni kwo kutuzanye dusabira abavukanyi bacu bagandaguwe, haraheze imyaka 24, tubasabira kugira ngo Umukama abakirane igishika mu bwami bwiwe". Yamenyesheje kandi ko muri ico gisabisho basabira n'ababagandaguye kugira ngo bagarure agatima ku Mana, babone ko bihenze, bayisabe ikigongwe.
Iryo jambo ry'ikigongwe nyene ni na ryo yashimikiyeko, aho yasavye n'abacitse kw'icumu, be n'imiyango y'abiciwe ababo ko ivyo bogira vyose bobikorana urukundo, rwa rundi rurengera vyose, gushika no gukunda abo babona ko ari abansi babo.
Il a ensuite focalisé son homélie sur l'amour envers son prochain, même celui qui est considéré comme l'ennemi, car pour lui, il mérite plutôt le pardon, une étape cruciale pour pouvoir amorcer la réconciliation, une condition qui, à son tour, pourra conduire à bâtir la paix durable. Évoquant le concept de justice qui pourrait être menée dans de telles circonstances, il en a expliqué le sens selon les saintes Écritures.