Paruwase nshasha ya Gasura yaraye ivutse : hanura mudatinya
Date de publication: 30/9/20199702 Vues Publié par : NIBITANGA Michel
"Ukuba Paruwase ni ukwemera kuronka ubutumwa, umw'umwe wese mu mabanga afise agashingira intahe Kristu adatinya, mu bihe vyoroshe no mu bihe bigoye."
«Basaseredoti ngira nshinge iyi Paruwase ya Gasura, nk'abandi basaseredoti bose, muze mwame mwibuka ko mu butumwa mushinzwe, ubutumwa bwa mbere ari ubw'ukuba umuhanuzi», ubwo ni bumwe mu butumwa Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, Umwepiskopi wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, yashikirije abasaserdoti bari mu Nkuka y'Imisa y'ugushinga n'ugutanguza Paruwase nshasha ya Gasura, muri Vikariya ya Muramvya, aho hari kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 29 Nyakanga 2019.

Mu birori vyari vyatewe iteka n'abakristu isinzi baje kwigina itanguzwa rya Paruwase nshasha yabo, eka n'abandi batumire batandukanye, barimwo n'abajejwe intwaro mu gihugu c'Uburundi, bari baje gushigikira abo bakristu, ni ho Umwungere wa Diyoseze ya Bujumbura yogosha abakristu yifashishije Ijambo ry'Imana ryo kw'idominika ya 26 mu mwaka-C.

Musenyeri Gerevasi Banshimiyubusa, muri iyo nyigisho, yasavye abasaserdoti ko bokwama na ntaryo bibuka ko aho bahamagarirwa ubutumwa bw'ugutagatifuza igihugu c'Imana, ari kandi n'abahanuzi. Musenyeri Gerevazi yaribukije abo basaserdoti ko ibihe isi irimwo ari ibihe bibakaburira gushira ubwoba, bakemera kurangura ubwo butumwa bataravye ibibaca ivutu, kuko ngo abahanuzi biyitirira Imana itagira izina bashobora gushwiragiza intama Umukama yashinze aba batumwa biwe. 

Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yaciye ashimangira iryo jambo ry'Imana mu kubwira abari aho ati: «Iryo ni ryo jambo numva nobashikiriza, mwebwe mwese bakristu basangwa ba Gasura, muri iki gihe mpimbawe n'ugushikana ngaha iwanyu ikirenge canje ca mbere, ndabazaniye akaganuke ka Paruwase nshasha». Yaboneyeho kumenyesha ko Paruwase Gasura yaragijwe Abamaritiri b'i Buganda beranda ngo bayibere abavunyi.

Akaba yarasavye ko umw'umwe muri bo yumvise ico Imana yari yabayagiye uwo musi yozigama amabwirizwa y'Imana yose, gutyo, ku bw'ubuntu bw'Imana, ubusho n'Umwungere, baze bahurire bose mw'ijuru bari bahejeje kwumva mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu yanditswe na Luka, iryo umutunzi yahomvye, umworo Lazaro na we akarironka (Luka 16,19-31).

Yasozereye atumirira abasaserdoti kuzorangura ubutumwa bwabo bw'abahanuzi nk'uko Ekleziya, imurikiwe na Mutima w'Imana, ibitegereza. Abakristu ba Paruwase Gasura na bo yabibukije ko ukuba Paruwase ari ukwemera kuronka ubutumwa, kugira ngo abantu babane mu mahoro mazima, ashimikiye ku butungane butunganiriza bose, no ku rukundo rwugukurukiye bose kandi rwamana ikigongwe, kandi ko umw'umwe wese mu myaka agezemwo no mu mabanga afise, yoshingira intahe Kristu adatinya, mu bihe vyoroshe no mu bihe bigoye.

Murumva ko iyi nyigisho ije gukomeza ubutumwa bw'umukristu wese na cane cane abarongoye abandi muri Ekleziya, bwo kubabarana bagahanurana, umwe n'uwundi, mu kibano no ku rwego rw'igihugu. Ni ibanga ry'umukristu wese. 

Iyo nyigisho yose muyisanga ngaha

Michel Nibitanga, CEDICOM 


Commentaires
Recherche
Horaire des Messes
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Parole de Dieu
Avez-vous une question?
Faire un Don
Tweets de CEDICOM
Tweets du Pape
Posts de CEDICOM
215 Visiteurs en ligne
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Nos contacts
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Inscription Ă  la newsletter
Posez une question
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Faites un don au Diocèse* Caritas pour les vulnérables* Formation des Séminaristes et des catéchistes* Construction des Eglises dans les Succursales* Soutien aux prétresModalités de donationTransfert sur un compte de l'ArchidiocèseEn francs burundais : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)En Dollar américain : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIEn Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI